01/12/2024
⚽️ : Naho yatanze ivyiza kuva mu 2021 agaruka muri uwo mugwi, Carlo Ancelotti atanguye kitishimirwa i Madrid
🏆 Inyuma yo kugaruka muri uwu mugwi, uwu musaza w'umutariyano yahaye Real Madrid ibikombe 2 vya Champions League (2022 na 2024), ivyo bica bituma uwo mugwi ubandanya kuduza ikinyuranye c'ibikombe vy'iryo higanwa n'iyindi migwi
❎️ Naho biri uko, ingene ahitamwo gupanga abakinyi mu kibuga abakunzi b'umugwi ntibariko baravyishimira, bigaca bifatana n'inkino ariko aratakaza muri UCL, harimwo nk'urwa Lille, urwa Liverpool, n'iyindi migwi
⚠️ Ancelotti yaragiraniye inama na Florentino Pérez muri weekend aho yamwibutsa ibisabwa kugira ngo Real Madrid ntikorwe n'isoni, ko ari ukwama iriko iratsinda
⛳️ Ariko kandi ngo kuba Real Madrid iriko yerekana ishusho nziza muri La Liga mu kubandanya yiruka ku gikombe, ngo nivyo biriko bicungura Ancelotti
Source: Sport
🤗 Ubwo Ancelotti araragama muri uwu mugwi?
----------------------------------------
📺Raba intambara iri hagati ya Real Madrid na UEFA mu kuraba Video iri kuri YouTube ya uciye aha 👇:
Fa_jizzo boy