12/08/2024
⛽ "Uno munsi ca mbere ivyo ari vyo vyose baragipakurura twiguriye iyo gihingurirwa. Kandi ndazi turafise ubwato butatu buri mu nzira"
_______________________________________________
👆🏾Ivyo vyashikirijwe na icubahiro , aho kuri uyu wa 12 Myandagaro 2024 ariko arifatanya n'abenegihugu bo muri zone mu gisagara ca , mu bikorwa rusangi kw'ibarabara rya mbere
🎙️ Yagize ati: "Igitoro burya abantu baduhatira kuzoza turagura, mugabo igitoro ingene kigurwa, cama kirihwa n'imiburiburi inyuma y'amezi 3 twakinyoye. Mugabo twebwe kubera bamenyereye kwiba, kurya amahera y'igihugu, bavuga ngo oya, ngo gura Cash. Harya twasanze duhomba amahera angana n'ibice 36%"
⛽ Abandanya ati: "Igitoro ku kwezi, Reta itanga miriyoni 30 z'amadorari. Mugabo ndababwire igitoro kiza nti kirenza amadorari imiriyoni 20, ayandi yose aribwa n'abaranzi (abakomisiyonere). Ni co gituma uzobona baguma batoba ngo ntituje kukigurira iyo gihingurirwa ( kuri raffinerie"), bashaka ko tukigura cash. Burya ntagitoro dukenye.
📌 "Ingorane ni abantu b'intovyi ngaha mu Burundi nyene.
Mugabo turiko turabakenyura, none twogira gute? Ni abajanja natwe urumva dutegerezwa kugira umukenyuro. Kandi nagira ndababwire, nibaza ko uno munsi igitoro ca mbere ivyo ari vyo vyose baragipakurura twiguriye kuri raffinerie. Kandi ndazi yuko dufise ubwato butatu buri mu nzira"
🎤 Arangiza agira ati: "Iyo ntakenyura, ndazi yuko ababitoba buzuye, bari ngaha turagendana, kandi ababitoba turazinanye"