Ku Gicaniro

Ku Gicaniro Soyons des citoyens responsables ! L'éducation, la femme, le genre, l'agri et entrepreneuriat
(1)

Mbega wari u*i yuko hariho abantu  benshi baguma barondera umukunzi wawe ? Bishobora gushika ugasanga aramaze no kubabwi...
17/04/2024

Mbega wari u*i yuko hariho abantu benshi baguma barondera umukunzi wawe ? Bishobora gushika ugasanga aramaze no kubabwira ko afise umukunzi ariko abaguma barindiriye ko urukundo rwanyu rutosekara kugira nabo bashikirwe ni benshi.
Irinde rero kuguma ubabaza umukunzi wawe, uko umubabaza , uko umwibagira, uko umwirengagiza, umenye ko uriko uraha akaryo keza abamurondera kuko bobo ntibigera barota bomubabaza. Umukunzi wawe utamwitayeho abandi bazomwitaho , utamuvugishije abandi bazomuvugisha, utamuhaye umwanya abandi bazowumuha ... hama usamaye bizorangira aguciye mu myanya y'intoki usubire mu rushako kandi wari umaze kwubaka umushinge ukomeye . Urukundo ni nk'umuriro, guma nantaryo wegenyeza wongerako inkwi kugira umuriro ntu*ime, habaye ikibazo nimwicare mugitorere inyishu. Ikiruta vyose , Imana muyihe ikibanza mu rukundo rwanyu.
Washimye ibiyago vyo kuri iyi paji ? Sangiza incuti zawe

Mwigeme, nimba umuhungu mukundana ari wa muntu yibwiriza agakora iki canke kiriya , akaba ari wa muntu mu biyago vyanyu ...
15/04/2024

Mwigeme, nimba umuhungu mukundana ari wa muntu yibwiriza agakora iki canke kiriya , akaba ari wa muntu mu biyago vyanyu yamana ivyiyumviro vyiza kandi vyubaka , yama ayaga nantaryo ibijanye n'ukuntu mwopanga ubu*ima , ndakuvuniye akagohe ntuzomwiteshe , fatira ngaho nyene. Umuhungu mugendana canke mukundana ashobora kuba adafise amafranga ariko akaba afise ivyiyumviro n'imigambi irashe, kandi mu vyo akora ukabona ko hari ahantu yipfuza gushika . Iyo ni imbuto nziza utokwitesha, kandi umuhungu nkuyo aba aruta abafise agaciro kurusha barya baza bakurondeza inoti , amafranga ata mugambi ntashobora kugumaho ibihe vyose . Uwukurondeza inoti ashobora kuguha ikirori cose uno musi ariko nimba ata mipango afise bizorangira mutandukanye za noti nizahera canke zikagabanuka . Ariko rero hari n'abahungu usanga bafise inoti bakagira n'imigambi , abo rero ni imbonekarimwe , kumuronka biri kure cane.
Erekana kuri kumwe natwe mu gukora . Ivyavuzwe vyagukoze ku mutima ? Bisangize incuti zawe.

07/04/2024

Uwu mugore yifatiye umugabo wiwe, arakubagura, yitwaje ngo ari Amerika.
Ibi ubwo ntibirenze gukubitwa inkoni ? Canke niko zubakwa ?

05/11/2023
05/11/2023

Burundi bwacu 🇧🇮 akoresha indonongo mu kuyicuraranga, kandi abishoboye neza.

Uwu munyatugenegene muhuye womubwira iki ? .

  muri cabinet kwa  Maître    i   kwitwara" 𝐊𝐢𝐫𝐮𝐧𝐠𝐨" yaraye ash*tse mu gisagara ca Bujumbura ku mugoroba wo kuwa 07 Ndam...
08/04/2023

muri cabinet kwa Maître i kwitwara

" 𝐊𝐢𝐫𝐮𝐧𝐠𝐨" yaraye ash*tse mu gisagara ca Bujumbura ku mugoroba wo kuwa 07 Ndamukiza 2023 ! Muri iki gitondo akaba yaciye agenda kwitura Maître Muvayo kugira amuburanire .
🎙️Mukeshimana Anniella (Kirungo) n’ubwoba bwinshi ati : "Narenganijwe n’abonkingiye,nakubaguwe n’abomfashe ukuboko, nararajwe n’abonyambitse agahuzu.
Ikimbabaje kuruta n’uko ihohoterwa rifatiye ku gitsina ndarikorewe n’umukenyezi nkanje nyene.

Nash*tse i kamaramagambo nk’abandi bose nkorera abandi yamara ubu ndikorera.
Abo nakorera bangiriye ishari, babonye nunguka kubarusha kuko imbere yo gutanguza akabare, nakoreye abapfasoni babiri bafise ubunywero muri komine , aho abantu bakunda kuhaza kuko yabakira neza, akabayagisha ari nabo bagumye banshorera nuguruye ubunywero bwanje.

Musitanteri wa komine Butihinda aremeza ko haje abakenyezi kwitwara ariko afata ingingo n’ibishobisho ngo aranyirukanye ata cemezo afise c’uko noba ntwara abagabo b’abandi kandi iyo ngingo inaciye kubiri n’amategeko y’Uburundi."

🙂 "Kirungo" rero aho aba asanzwe yibanira n’umwigeme amukorera kandi uretse umu Cheri wiwe asanzwe aba I Bujumbura yanamwakiriye igihe yamanuka ngo nta Muntu numwe w’igitsina gabo yigera aja kumurabaho.

🔴Ku bwiwe ngo yiteze ko azorenganurwa bamwambike agahuzu yambuwe ngo kuko naho Buramatari yahagaritse ingingo yirukana uyo mudandaza I ngo biragoye ko yisanzura kuko yandagajwe bihagije.

Abamaze kubona Kirungo bakavugako ari umwigeme w'igikundiro, ateye neza , yahezagijwe ubwiza bwo ku mubiri no mu mutima kandi azi kuyagisha neza abantu bose

🔴Amafoto yakoreshejwe cane mu   🇧🇮 ndetse no mu   🇷🇼. Kubera iki benshi bayakwiragije bongera bayashira ku mbuga nguruka...
04/02/2023

🔴Amafoto yakoreshejwe cane mu 🇧🇮 ndetse no mu 🇷🇼. Kubera iki benshi bayakwiragije bongera bayashira ku mbuga ngurukanabumenyi ?

🎙️Bamwe bati abavandimwe bahuye bari bakumburanye abandi bati Twari turindiriye kubona ibintu vyiza nk'ibi kandi vyari bibereye.

📝Woba nawe uri mu baryohewe no kubona aya masanamu yo kuwa 05/02/2023 ? Gira ijambo ubwiye aba bakuru b'ibihugu babiri aribo SE Evariste Ndayishimiye na SE Paul Kagame
Photos : Jimbere Magazine , Ntare Rushatsi House, ABP info

  : Abagabo biruhukije inyuma yaho Sentare Ntahinyuzwa ihejeje gushinga ko inyuma yo  KWAHUKANA abahora bubakanye badaca...
28/01/2023

: Abagabo biruhukije inyuma yaho Sentare Ntahinyuzwa ihejeje gushinga ko inyuma yo KWAHUKANA abahora bubakanye badaca baronka ibice 50% vy'amatungo y'umuryango.

⭕Ni inkuru nziza ku bagabo bavuga ko bavurugwa n'abagore babo babasaba KWAHUKANA bagaca batwara igice c'amatungo y'urugo uretse ivyo bakaba basaba n'ibirezo vy'abana. Abasore benshi mbere ivyo kurongora bakaba bari barabihevye kubera gutinya imidurumbanyo iterwa n'abagore basaba KWAHUKANA ku bwinshi kubera amaronko.

⭕Ubu rero bisa nivyatoye inzira kuko abubakanye baramutse bahukanye, bazogabura ivyo umwe wese yazanye mu rugo ndetse bagabure n'ivyo barondereye hamwe bateranije imitahe yabo.

📌Iyi ngeso yo gusaba KWAHUKANA kugira umuntu aronke amatungo mwoba muyibona aho muherereye ? Ingingo nkiyo yafashwe muri Kenya hoba hari ikintu imaze mu kibano ku buryo ibindi bihugu mu karere vyoyikorerako ?

Naho ari kure sinzibagira igihe papa yavuga ati: " uyu musi ntuza gufungura kubera kuyerera kwawe". Haheze akanya mama a...
26/01/2023

Naho ari kure sinzibagira igihe papa yavuga ati: " uyu musi ntuza gufungura kubera kuyerera kwawe".
Haheze akanya mama ambwira mu kajwi gatuje ati:" Tora iyo ndobo uje kuvoma". Kubera gutinya kwongererezwa ibihano ndagamburuka nemera kuja kuvoma.
Nkitora indobo numvise iremereye ukuntu, nca ndihuta kuvoma kuko bwari bwije.
Nsh*tse kw'ivomo mpfundurura ya ndobo, yoooo !
Nasanzemwo isahani y'imfungurwa, n'akamwemwe kenshi nca ndafungura narirya nari mvuye gukina umupira n'abandi bana akayabagu Kari kose 😂
Mpejeje ndoza neza vyose, ndavoma, ya sahani ndayishiramwo. Ngishika ku muryango, mama aba yambonye kera aca aritanganiza kuza kuntura, nanje mu kajwi gato nti:" Urakoze".
Nawe n'ijwi rirenga arakaye , aca avuga ati: "Ico nico gihano cawe uyu musi, uraburara ja kuryama". 😏😏😏

😂😂😂😂😂
Kanda like nimba nawe ufise canke warigeze kuba ufise mama wawe yakwitaho mu bihe vyose 😍😍😍😍😍😍

🔴Kirazira kwisemba umuntu kugira mube abagenzi canke akubere umukunzi. Iyo mwese muvyumva kumwe,ukamurondera nawe akakur...
28/12/2022

🔴Kirazira kwisemba umuntu kugira mube abagenzi canke akubere umukunzi. Iyo mwese muvyumva kumwe,ukamurondera nawe akakurondera , aho ibintu biba ari sawa cane.

⭕Kwihambirira ku muntu mutavyumva kumwe ni bibi cane kuko bishobora no gutuma inyiyumvo zawe n'igikundiro cawe vyononekara, ukiteza umubabaro udakenewe.

Urukundo ntibaruhata, ubugenzi ntibabuhata

N'abagore barashoboye kwubakira inzu abavyeyi babo Chizzy   ni umukenyezi akina Film mu gihugu ca   agira ati:"Ni kenshi...
25/12/2022

N'abagore barashoboye kwubakira inzu abavyeyi babo

Chizzy ni umukenyezi akina Film mu gihugu ca agira ati:

"Ni kenshi cane abandi bakenyezi b'abanyamafaranga bansuzuguye ngo nsinzi kwambara neza kuko ntakoresha imishatsi ,nkoreshe inzara ,nambare impuzu zizimvye canke nitwaze amasakoshi agezweho nk'abandi.Abenshi bamfata nk'ingumyi ataco yikura kukuba ntishira kumwanya bivanye n'uduhera babona ndonka.Ariko vy'ukuri sinabikora ngo n'uko ntabishoboye ariko nari mfise isezerano nari nihaye nategerezwa gush*tsa.
Kuva na kera naripfuza kubona abavyeyi baba mu nzu nziza nk'abandi ariko sinabona ko vyoshika nkaronka uko nobikora.Ni kenshi data yipfuje kugurisha agasate k'itongo twari dusigaranye kugira asanure inzu twabamwo ariko turamwankira kubw'ineza y'umuryango.Maze gutangura umwuga wanje wo gukina film nkaronka umugabo, kenshi nipfuza kuja kugendera abavyeyi ariko bikangora gushikanayo umugabo wanje n'abana kuko batari gutahura ko ariho mvuka.Ariko uko vyagiye biragenda Imana yarampezagiye ndashobora kuronka uburyo bumfasha kwubakira abavyeyi banje n'abo baba mu nzu nziza ubu.
Ndishimye cane kubona narabashije gushika kwimwe mundoto narimfise kuva nkiri muto."

Hari benshi bafise indoto zogufasha abavyeyi babo ariko zitarashika reka dusabe Imana iborohereze babashe ku*ishikako.
Hari n'abandi bamaze gushika ku ndoto yogufasha bimwe mu vyo abavyeyi bakeneye reka n'abo tubatere intege yokwamana umutima nk'uyu .
Umwaka uza ntugusige aho uyu wagusize. Baden Powell niwe yavuze ati :"Inzira nziza y'ukugira umunezero niyo kubanza kuwuha abandi . Uze witwararike kuva kw'isi uyisize ari nziza kurusha uko wayisanze kuko umunsi urupfu ruzoba rubegereje muzopfa muticuza ko mwataye umwanya mu kiringo cose mwabaye kw'isi muri bazima."
Aho ubaye abatari bake boba bamaze kwubakira inzu abavyeyi babo ? Woba nawe ufise indoto zo guhindura aho ubaye ? Komeza birashoboka

🌹🌹IBINTU NYAMUKURU WOKWIHWEZA IMBERE YO KWINJIRA MU RUKUNDO ❤️❤️Urukundo ni ikintu nkenerwa mu bu*ima bwa kiremwa muntu ...
10/12/2022

🌹🌹IBINTU NYAMUKURU WOKWIHWEZA IMBERE YO KWINJIRA MU RUKUNDO ❤️❤️

Urukundo ni ikintu nkenerwa mu bu*ima bwa kiremwa muntu , buri umwe muri twebwe arakeneye gukunda no gukundwa, ivyo ntawobishidikanya kuko niko dusanzwe turemwe.
Mu bihe vya basokuruza bacu, abantu biberaho bahimbawe , amahoro n'urukundo rw'ukuri nivyo vyabaranga. Ico gihe kugira umuntu arongore abavyeyi biwe nibo bamuhitiramwo uwo bazobana ubu*ima bwose . Ubu ibihe vya kera vyararengeranye, buri muntu arihitiramwo uwo bazobana, ariko ugasanga ata mahoro akirangwa mu rugo, ingo zirirwa zirasambuka ; abasigara barahabonera amagorwa ni abana usanga birangiye batandukanye n'abavyeyi bose, bagakura ata rukundo beretswe n'ababibarutse.

Kumenya umuntu mugiye kubana neza, bifata umwanya muremure , kandi uko imyaka igenda niko n'umuntu agenda arahinduka , uko amafranga agenda agwira canke agabanuka bituma imigenderanire n'abandi bantu iba uko yishakiye.
Ku bantu mutarabona amahigwe yo kuronka umukunzi ,hariho ibintu vy'ibanze vyo kwihweza neza imbere yo kwisuka mw'ibenga ry'urukundo. Ibi bintu uko ari bitanu, uvyitayeho neza naho uwo muri kumwe yohinduka gute , ubushobozi bwo kwihanganirana no gushobora kubana bizoba biri ku rwego rwo hejuru:

1️⃣ Mwoba mubona kumwe ibijanye nivyo muzokora muri kazoza ?

2️⃣ Uwo mukundanye yoba ari umuntu yugurutse canke yoba aguma yigunze ? (Open minded)

3️⃣ Uwo mukundanye yoba azi gukoresha inyiyumvo ziwe ku buryo buri ku burimbane ? (Intelligence emotionnelle)

4️⃣ Uwo mukundanye yoba ari icamamare? Afitaniye imigenderanire n'abantu ibihumbi n'ibindi ?

5️⃣ Umukunzi wawe yoba apfuha cane ?

Muri iyi misi itanu igiye gukurikira , tugiye guca irya n'ino umuce umwe umwe mu buryo bwuzuye , ivyo bikazoba ku musi ku musi guhera ejo haza.

  : Yahimbaje umusi mukuru wo   n'umugabo wiwe , arafatwa arara mu gasho i   n'abo bari kumwe , bukeye ararekurwa nyuma ...
09/12/2022

: Yahimbaje umusi mukuru wo n'umugabo wiwe , arafatwa arara mu gasho i n'abo bari kumwe , bukeye ararekurwa nyuma yo kwumvirizwa.

🔴Umusi mukuru wa Fildaus IHIMBAZWE wo gutandukana icese n'umugabo wiwe wavugishije benshi , inyuma yaho habonekeye amafoto na video bariko barawuhimbaza kuwa 05 /12/2022. Umwe mu bari mw'ico gitangaza c'umunsi mukuru kitari kimenyerewe mw'iyo ntara, avugako kari akanyamuneza kuri Fildaus n'abagenzi biwe kur'uyo munsi kuko ngo bisa n'aho Fildaus yoba yaravuye mu menyo y'ingwe.

🔴 Avugako Fildaus yubakanye mw'idini ndetse n'imbere y'amategeko na Mohamed batazira Mee mukwezi kwa kane maze mu kwezi kw'indwi ntiyongera kubona uwo mugabo.

🔴Uwo mugabo imbere y'ukubana biciye mu mategeko na Fildaus yoba yarafise uwundi mugore, ab'iwabo n'uwo mugore bakaba batorohereje Fildaus, yumvise yarengewe nikwo gusaba umugabo wiwe ko bokwahukana na canecane ko yabona nawe nyene atakimwerekwa mu gihe yari yamaze gusubirana n'uwo wa mbere .

🔴 Mwomenyako uwo musi mukuru wabaye bamaze kuvana mw'idini ico bita ( ) bakavana imbere y'amategeko kuwa 29 Munyonyo umwaka wa 2022.

🔴Ejo hahise, bakaba baraye mu gasho , inyuma yo kwumvirizwa muri commissariat y'inyamiramabi ya Gitega mw'ijoro ryo kuwa 08 /12/2022. Kugeza mu masaha y'umugoroba bakaba bari bakiriko barumvirizwa umwe ku wundi.

🔴 Mu gitondo co kuwa 09/12/2022 , Fildaus akaba yarekuwe nabo bari kumwe, bakaba bari abakenyezi 12.

Hoba hari ikosa Fildaus yakoze gihimbaza uwu musi mukuru?

🔴  : Uburusiya bwarungitse ibiduga vy'ingwano 200 bikomeye ku rugamba mu karere ka   kariko kaberamwo imigwano ikaze. 🔴I...
09/12/2022

🔴 : Uburusiya bwarungitse ibiduga vy'ingwano 200 bikomeye ku rugamba mu karere ka kariko kaberamwo imigwano ikaze.

🔴Ibiduga vy'ingwano T-90M bigera ku 200 vyaraye bikuwe mu ruganda vyerekeza ku rubuga rw'intambara mu karere ka Loughansk , nk'uko televiziyo yo mu Burusiya yavyerekanye igenekerezo rya 07 /12/2022.
Amashusho yerekanywe kuri iyo mboneshakure habonetse umurongo muremure w'ivyo biduga vy'ingwano T-90M mu gisagara ca Nijni Taguil kiri hagati mu Burusiya.

🔴Umumenyeshamakuru Evgeniy inzobere mu bijanye n'ibigwanisho vyo gukingira ikirere aremeza aya makuru , akamenyeshako ibi biduga bigiye gusahiriza ku rugamba . Indwi zitari nkeya zikaba ziheze igisirikare ca Ukraine kiguma gifata ibisagara bikebike mu karere ka .

🔴Ibiduga vy'ingwano T-90M ni ibiduga bikomeye cane kandi ninavyo biduga vy'ingwano bikomeye cane kurusha ibindi igihugu c'Uburusiya kimaze gushira ku rubuga rw'intambara. Igitigiri 200 kikaba giteye ubwoba kuko ibiduga vy'ingwano Leclerc kuva mu gihugu c'Ubufransa ni bikeya cane.

🔴Ibiduga vy'ingwano abarusiya bagiye bakoresha muri Ukraine mu misi iheze ndetse n'ubu bikaba vyagiye bibangamirwa n'ingabo za Ukraine. Ibigera ku 1500 bikaba bimaze gushwanyagurwa canke bifatwa mpiri n'igisirikare ca Ukraine . Ibi biduga vy'ingwano T-90M bikaba navyo nyene vyari bimaze gufatwa mpiri canke birashwanyagurwa, urubuga Oryx rukaba rwanditse ko mu biduga vy'ingwano vyafashwe mpiri , ibigera ku 34 vyari ibiduga vy'ingwano T-90, ibigera ku 7 navyo bikaba ibiduga vy'ingwano T-90M , vyose bikaba vyafatiwe mu karere ka Kharkiv. Ibiduga vy'ingwano bifashwe mpiri bikaba bica bikoreshwa n'igisirikare ca Ukraine.

Source: NTV , LE FIGARO , ORYX

🔴  : Perezida   yagiye gutembera mu karere ka   hafi y'urubuga rw'intambara, aka karere kakaba karigeze gufatwa n'ingabo...
07/12/2022

🔴 : Perezida yagiye gutembera mu karere ka hafi y'urubuga rw'intambara, aka karere kakaba karigeze gufatwa n'ingabo z'Uburusiya mbere bitangazwa ko kegukira Uburusiya.

📌Nk'uko ikinyamakuru Le Figaro kibivuga, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 06/12/2022 , Perezida Volodymyr Zelensky yatembereye ahitwa , igisagara cegereye iriko iberamwo ingwano ikomeye .

📌Muri videwo yafatiwe ku bwinjiriro bw'igisagara ca Sloviansk , Perezida Volodymyr Zelensky yakeje cane bivuye ku mutima ingabo z'igihugu na rirya igihugu arongoye cari kiramutse gihimbaza umusi wahariwe ingabo za Ukraine. Yagize ati : "Dutanguye twibuka ingabo zemeye gusiga ubu*ima kugira Ukraine ibandanye kubaho no kuguma ihagaze" .

📌Mu gihe Vladimir atigeze agendera ingabo ziwe ku rugamba, Zelensky we yabikoze incuro nyinshi, agendera ingabo ziwe azitera intege kuva Uburusiya bumuteye igenekerezo rya 24/2/2022 . Poutine akaba yarigeze kwemerera ingabo ziwe ku*igendera mu karere ka Donbass ariko ntavyo yigeze akora. N'ubwo biri ukwo, hari na videwo yerekana Poutine ari mu muduga wo mu bwoko bwa Mercedes-Benz, bikaba bivugwa ko yari agiye kw'izinga rya Crimée yigaruriye mu 2014, Amakuru ava mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya akamenyeshako yari ku kiraro gihuza Uburusiya na Crimée, iki naco kikaba giheruka guterwa igisasu n'ingabo za Ukraine kirononekara igice kitari gito. Ikiraro gihuza Uburusiya na Crimée kikaba gifise uburebure bw'ibirometero 19, ni naco kiraro ca mbere ku mugabane w'i Buraya. Ibigwanisho n'ibikoresho ingabo z'Uburusiya zikoresha bikaba bica kwico kiraro.

📌Igisagara ca Sloviansk Perezida Zelensky yatembereyemwo ni ikimenyetso gikomeye cane kuko cigeze gufatwa n'ingabo ziyonkoye kuri Ukraine mu 2014 , nyuma ingabo za Ukraine ziza kukibohora zirukana ingabo z'abaroberi zari zishigikiwe n'Uburusiya. Sloviansk ikaba iri ku birometero 45 uvuye i Bakhmout , igisagara kiriko gicucagirwa amabombe n'ingabo z'Uburusiya ariko kugifata bikaba bitarashoboka kugeza uwu mwanya.

Source : Le Figaro , France 24

🔴   yagavye ibitero hafi ya  , mu kubishura Uburusiya bwasubiriye gucucagira ibisasu vya missile ku masoko ntanganguvu i...
06/12/2022

🔴 yagavye ibitero hafi ya , mu kubishura Uburusiya bwasubiriye gucucagira ibisasu vya missile ku masoko ntanganguvu igihugu kibura amazi n'umuyagankuba.

📌Hagati ya na Moscou intambara isa niyahinduye isura inyuma yaho igihugu ca Ukraine kigavye ibitero ku butaka bw'Uburusiya ku ncuro ya mbere. Kuva ubu ibijanye n'ikirere caberamwo intambara vyahindutse.

📌Ibirindiro 2 vya gisirikare biri hagati mu gihugu c'Uburusiya ku birometero amajana uvuye ku rubibe iki gihugu gihana na Ukraine vyatewe n'utudege tutagira umudereva. Abasirikare 3 bakaba bahasize ubu*ima , indege zibiri z'ingwano zifashishwa mu gucucagira ibisasu vya missile muri Ukraine zikaba zononekaye. Ikibuga c'indege z'ingwano ca catewe kikaba kiri ku birometero 160 uvuye ku murwa mukuru Moscou.

📌Kugeza ubu, igisirikare ca Ukraine nticigeze gitangaza ko arico cagavye ivyo bitero ariko ikizwi n'uko Uburusiya bwaciye busubira gucucagira ibisasu vya missile zirenga 70 ku masoko ntanganguvu mu gihugu ca Ukraine cose, ivyatumye amamiliyoni y'abenegihugu abura amazi n'umuyagankuba.

📌Amakuru ava mu kinyamakuru New York Times avuga yuko umutegetsi umwe wa Ukraine atashimye kwivuga izina yamenyeshejeko utu tudege tutagira umudereva (drone) twatewe tuvuye muri Ukraine kandi hakaba hifashishijwe bamwe mu ngabo z'Uburusiya kugira ibibuga vy'indege vy'ingwano biterwe.

📌Ibi bitero bikaba vyashavuje cane igihugu c'Uburusiya , mu gihe ibinyamakuru vyo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika vyamaze guhakana ko leta zunze Ubumwe za Amerika ata ruhara zifise muri ibi bitero. Ivyo bikaba bimeze ukwo kuko ata gisasu na kimwe Leta zunze Ubumwe za Amerika zigeze zitanga gishobora kurenga ku birometero 100. Ibitero vya Ukraine bikaba vyakozwe ku birindiro biri ku birometero 500 mu gihugu c'Uburusiya.

📌Mu gihe vyoba bimeze uku, Ukraine isa naho yoba yeretse Uburusiya ko ishobora gukora ibitero n'inyuma y'urubibe rw'igihugu ndetse ikabangamira ibirindiro vya gisirikare biri kure cane. Ukraine ikaba yari iherutse gutangaza ko igiye kwikorera ibisasu bishika kure . Iyi ntambara Vladimir Poutine yatanguje ikaba imaze imisi 286 isutamye , uwuzoyitsinda akaba ataramenyekana n'ubwo benshi bashigikira uwu canke uriya.

Source : RFI , La Nouvelle Tribune, L'Independant , New York Times, RT

🔴   : Yirukanywe mu gipatiri nyuma yo gufatwa ariko asambana n'umugore w'abandi 📌Musenyeri wa Diyoseze ya Muyinga yaraye...
05/12/2022

🔴 : Yirukanywe mu gipatiri nyuma yo gufatwa ariko asambana n'umugore w'abandi

📌Musenyeri wa Diyoseze ya Muyinga yaraye asohoye itangazo ryo kwirukana Patiri Cleophace NSHIMIRIMANA mu mabanga y'ubusaseredoti . Rikaba ryasomwe mu nkuka ya misa, kuri paruwase ya iri muri komine intara ya aho na Buramatari w'iyo ntara yari yitabiriye iyo misa.

📌Uwo mupatiri yagirijwe ko yafatiwe mu cumba c' umupfasoni asanzwe ari umuforoma kuri CDS Gasura, nkuko amakuru ava ngaho i Vumbi abivuga.

📌Uwo mukenyezi akaba yapanze gusambana n'uwo mupatiri mu gihe umugabo wiwe hari aho akubitiye kuwa kane w'indwi iheze nk'uko igipolisi c'inyamiramabi caho i Vumbi kivyemeza.

Ingingo zo kwirukana abasaseredoti mu mabanga yabo mwari mumaze kuzumva ?

   : Ntavyo guhagarika intambara ,Vladimir Poutine yishuye Perezida Biden wa leta zunze Ubumwe za Amerika yari yamenyesh...
05/12/2022

: Ntavyo guhagarika intambara ,Vladimir Poutine yishuye Perezida Biden wa leta zunze Ubumwe za Amerika yari yamenyeshejeko yiteguye kuyaga nawe.

⭕Ubutegetsi bwa Moscou bwiyamirije ivyasabwe na leta zunze Ubumwe za Amerika, aho Perezida Biden yari yavuze ko yiteguye kugira ibiganiro na Poutine mu gihe yokwemera gukura ingabo ziwe mu gihugu ca Ukraine.

⭕Dimitri Peskov avugira Uburusiya, akaba yavyamiriye kure , amenyesha ko intambara igiye kubandanya ukuri kwamye. Aha ni mu gihe ibihugu vya Buraya vyamaze kumenyesha ko akagunguru k'ibitoro vy'Uburusiya kagabanutse igiciro kaja ku ma euro 60 gusa..Uburusiya bukaba bwanamenyesheko hamwe iyi ngingo yo kugabanura ibiciro yokwemezwa buzoca buhagarika gushora igitoro i Buraya kuko akagunguru k'ibitoro vy'Uburusiya kahora kagurwa ama Euro 65 .

⭕Perezida Biden nawe akaba yari yavuze ko hamwe Uburusiya bwokura ingabo zabwo muri Ukraine, afatanije n'abategetsi b'ibihugu vya Buraya , boca bicara hamwe bakayaga maze Poutine agaserura ico yipfuza. Ibi akaba yabitangaje mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru ari kumwe na Emanuel Macron Perezida w'igihugu c'Ubufransa.

⭕N'ubwo Dimitri Peskov avugira leta y'Uburusiya yiyamirije ivyo Biden asaba, yamenyeshejeko Perezida Poutine yiteguye kuganira no kuyaga n'abo vyega, kuko ngo birahambaye cane.

⭕Perezida Biden n'ibihugu vy'i Burayi bakaba batemera iyomekwa ry'uturere 4 twa Ukraine ku gihugu c'Uburusiya, kuva mu kwezi kw'icenda Poutine akaba yamenyeshejeko utwo turere twegukira igihugu atwara, ibituma kwicara hamwe kw'aba bategetsi bayoboye isi kurushiriza kugorana.

🔴Yaciriwe gupfungwa imyaka 4 , gutanga indishi y'akababaro y' imiriyoni 10 y’amarundi no kwirukanwa mu Burundi, nico gih...
04/12/2022

🔴Yaciriwe gupfungwa imyaka 4 , gutanga indishi y'akababaro y' imiriyoni 10 y’amarundi no kwirukanwa mu Burundi, nico gihano cahawe Tosif Ilayas , Umuhinde, aherutse gukomeretsa umwana w’umunyeshure w’imyaka 13, amuhoye ngo n'uko yamuramukije "Muzungu"

📌Iyo ngingo ikaba yafashwe na sentare nkuru y'igihugu ya Ngozi,
Inyuma y’iminsi ine uwo mugabo akomerekeje uwo mwana amuhora ngo n’uko we n’abagenziwe bamuramukije bati "Muzungu muzungu ni sawa", sentare nkuru y'igihugu ya Ngozi yamufatiye izo ngingo.

📌Uwo muhinde akaba atahakanye ko yabikoze ariko akaba yisiguye avuga yuko vyapfuye kumushikira atabiteguye. Mu nkuru yacu ya mbere, uwu muhinde yavuzwe ko yahora akubagura abana. Yisome ngaha https://bit.ly/3F2smTH

  : Perezida Vladimir   arakitswe n'amagara bikomeye, yaraye yiciyeko aratemba ku ngazi z'indani ku kirimba iwe. 🔴Ingora...
04/12/2022

: Perezida Vladimir arakitswe n'amagara bikomeye, yaraye yiciyeko aratemba ku ngazi z'indani ku kirimba iwe.

🔴Ingorane z'amagara zirabangamiye Perezida Vladimir Poutine . Kuva atanguje intambara atera igihugu ca inkurukuru zitandukanye zivanze n'amakuru yo kwizerwa zikaba zaravuze ibintu bidahumuriza ku magara yiwe.

📌Uwu mutegetsi w'imyaka 70 yaraye yiciyeko aratemba ku ngazi z'indani ku kirimba iwe, ibituma benshi bibaza ko amagara yiwe atameze neza. Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bikaba vyavuze y'uko yatemvye ku ngazi zo mu kirimba c'i Kremlin, abasanzwe bamucungira umutekano bakaba baciye bamuvyura bamujana kumwicarika ku ntebe z'amakuse zari hafi.

📌Abaganga biwe inyuma yo guhamagarwa bakaba baciye bamupima kugira barabe ico agwaye . Ikinyamakuru News Network co mu gihugu ca Australia kikaba cavuze ko "Perezida Vladimir Poutine yatemvye agwira umugongo , arashunguruka n'ingazi zitari nkeya , inyuma yaho abamucungira umutekano baramuvyura" . Inyuma y'ibipimo , abaganga biwe bakaba basanze agwaye ibivyimba vyo mu mara

📌N'ubwo ingwara yiwe idateye ubwoba cane, biravugwa ko Poutine abangamiwe n'ingwara ya Cancer bituma adafungura neza akaba afise ivyo atemerewe gufungura. Ubu akaba aguma afata imiti imisi yose, ndetse kumutegura kugira aje gushikiriza ijambo imbere y'abantu ameze neza bikaba bisigaye bigora abaganga bitaho amagara yiwe.

📌Ukuba amagara amukitse bishobora gutuma azosubira gufata ingingo inyuma y'ibiringo vy'imisi mikuru yimirije .

Source: Afrikmag

🔴 Ibitigiri vy'abarundi basaba ubuhungiro mu gihugu c' Ububiligi vyaragabanutse cane inyuma yaho inzira ya   yugariwe. 📌...
04/12/2022

🔴 Ibitigiri vy'abarundi basaba ubuhungiro mu gihugu c' Ububiligi vyaragabanutse cane inyuma yaho inzira ya yugariwe.

📌Nk'uko ikinyamakuru La Libre kibivuga, igitigiri c'abarundi basaba ubuhungiro caragabanutse mu buryo buboneka, ibi bikaba vyavuzwe n'umunyamabanga mukuru wa leta y'Ububiligi igenekerezo rya 29/11/2022.

📌Mu gihe Abarundi bagera 624 aribo bari basavye ubuhungiro mu kwezi kwa 10 uwu mwaka, abashika 418 nibo basavye ubuhungiro mu kwezi kwa 11 .

📌Iri gabanuka rikaba ryavuye ku kubera ihagarikwa ryo kwemerera abarundi kwinjira muri Serbia ata visa basabwe , ibi bikaba vyatuma hibonekeza umurindi ukomeye w'abantu isinzi bashwara umugabane wa Buraya baciye muri Serbia.

📌Umunyamabanga wa Leta y'Ububiligi akaba yamenyeshejeko bakoze akigoro gakomeye mu guhagarika igwirirana ry'abarundi basaba ubuhungiro mu Bubiligi, bakaba bifashishije ubuserukizi bwa Serbia mu Biligi kugira ngo inzira abimukira bazanana yugarwe. Akaba yamenyeshejeko habaye n'ibiganiro bihambaye n'ubuserukizi bw'Ububiligi mu Burundi no muri Serbia hifashishijwe ingurakanabumenyi maze ingingo zirafatwa.

📌Kuva umwaka wa 2022 utanguye kugeza ubu, abarundi bagera ku 2577 bakaba aribo basavye ubuhungiro mu gihugu c'Ububiligi , ibituma Uburundi buza mu kibanza ca 4 mu bihugu vya mbere bivamwo abasaba ubuhungiro benshi mu Bubiligi.

  : Umuhinde yakubise inyundo mu mutwe umwana amuhora kumuramutsa ngo ni MUZUNGU. Umuryango w'umwana usaba indishi y'aka...
30/11/2022

: Umuhinde yakubise inyundo mu mutwe umwana amuhora kumuramutsa ngo ni MUZUNGU. Umuryango w'umwana usaba indishi y'akababaro y'imiliyoni 20 z'amafranga y'amarundi .

⭕ Mu gihe turi mw'isekeza ry'imisi 16 yo kwiyamiriza no kugwanya amabi akorerwa abakenyezi, umugabo w'umuhinde azwi kw'izina rya Tossif yari yihaye inkumbi Imana irakinga aho yarengeye ku mwana umwana w'umwigeme azwi kw'izina rya UWIMBABAZI Jenifa w'imyaka 12 yiga kwishure rya Ngozi 4 mu mwaka wa gatanu amukubita inyundo amuhora indamukanyo, iri bara rikaba ryabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa 30 Munyonyo 2022

⭕ Mu gihe uwo mwana yariko arengana ava kw'ishure, yabonye uwo muhinde aramuramutsa ngo "yambu Muzungu " . Nta kindi uwo muhinde yakoze , yaciye amurengerako amukubita inyundo. Uwu mugabo bikaba bivugwa ko akunze gukubagura abana bavuye kw'ishure.

⭕Uwo mwana akaba yaciye ajanwa kwa muganga ahitwa LAMENGO. Uwo mugabo w'umuhinde nawe akaba yaciye ajanwa mu gasho k'inyamiramabi i Ngozi (PJ NGOZI). Umuryango w'umwana ukaba wasavye imiliyoni 20 z'indishi y'akababaro

   : Ingurube yariye umwana yasizwe muhira n’abavyeyi biwe iramwica 😭🔴Umwana w’umukobwa w’imyaka itatu n’igice wo  mu Ka...
30/11/2022

: Ingurube yariye umwana yasizwe muhira n’abavyeyi biwe iramwica 😭

🔴Umwana w’umukobwa w’imyaka itatu n’igice wo mu Karere ka , yariwe n’ingurube y’iwabo yamusanze mu nzu aho yari yasizwe n’abavyeyi biwe bagiye ku kazi, imurya umutwe n’akaboko, arapfa. Iyi nkuru ibabaje ikaba yabaye ku mugoroba wo kuwa 28 /11/2022, igihe c'isaha zibiri z'ijoro.

⭕Iyo ngurube ikaba yabomoye uru*itiro rw'igipangu yabamwo, yinjira mu nzu, irya umwana w'umukobwa yari wenyene igihe abavyeyi biwe bari bagiye ku kazi , umukozi yamuryamitse akaba yari yasohotse aja kure yo muhira.

⭕Amakuru akaba avuga ko iyi ngurube yariye uwo mwana ibihimba vyose vy'umutwe ndetse n'ukuboko kw'iburyo, abavyeyi biwe bakaba batashe basanga yitavye Imana.

⭕Nyuma y'aho, umubiri wasigaye w'umwana wariwe n'ingurube, wajanywe gusuzumirwa mu bitaro vy'ahitwa .

Iki kibi kibonetse ku ngurube kikaba cibutsa abazitunze kutigera basiga abana bonyene, kubasiga mu yindi mihana vyoba vyiza cane kuko igikoko kizokwama ari igikoko.

🔴Birangiye ka kabare kariko kubakwa  kuri place de l'indépendance gasambuwe kataraheza kwubakwa . 📌Mu bisanzwe ngo Mairi...
29/11/2022

🔴Birangiye ka kabare kariko kubakwa kuri place de l'indépendance gasambuwe kataraheza kwubakwa .

📌Mu bisanzwe ngo Mairie ya Bujumbura nta mugambi wo kwubaka akabare mu kibanza citiriwe ukwikukira wigeze ubaho. Ngo hariko hubakwa utuzu twa surwumwe tugenewe bose.

📌Inyuma yo kubona ko ibiriko vyubakwa bidahuye n'ivyari vyerekanywe mu nteguro, umukuru w'igisagara ca Bujumbura yahash*tse, ibikorwa vyo kubomora ivyubatswe vyose biza kurangira uno musi.

Mwakiriye gute iyi ngingo yo kugarukira iki kibanza gifise kahise gakomeye mu Burundi ?

🔴Biratangaje! Inka yavyaye inyana 4 igishingo kimwe 📌Neza na neza , iyi nka yo mu bwoko bwa   y'umworozi Evariste NAHIMA...
29/11/2022

🔴Biratangaje! Inka yavyaye inyana 4 igishingo kimwe

📌Neza na neza , iyi nka yo mu bwoko bwa y'umworozi Evariste NAHIMANA yavyaye inka zine (4).
📌Bikaba vyabereye ku mutumba komine intara ya Ngozi kuwa 27/11/2022 .
📌Ukuba iyo nka yimye ku rushinge, nivyo nyeneyo yibaza ko ari vyo vyatumye igwira cane bitangaje, uwu mworozi akaba ari umunyamahirwe adasanzwe

Aho muherereye mwari mumaze kubona inka ivyara inyana nyinshi nk'uku ?

Address


Telephone

+25771139411

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ku Gicaniro posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Videos
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share