DOVAA TV SHOW

  • Home
  • DOVAA TV SHOW

DOVAA TV SHOW Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from DOVAA TV SHOW, TV Channel, .

Abarundi bahamagarirwa kwirinda amarigara nyabuna ngo bagwize ibikorwa muri uyu mwaka wa 2025Ba musitanteri nabo bahamag...
08/01/2025

Abarundi bahamagarirwa kwirinda amarigara nyabuna ngo bagwize ibikorwa muri uyu mwaka wa 2025

Ba musitanteri nabo bahamagarirwa gutegekanya indimo zizorimishwamwo abantu bose bazofatwa bari ku maligala kandi bazokora badahembwa, vyashikirijwe n'umukuru w'igihugu c'uburundi Ndayishimiye kw'igenekerezo rya 06 Nzero2025 aho yariko agendera abakora mu bisata vyimba ubutare hamwe n'abakora uburimyi muntara za na Gitega
mu duce twa muri komine intara ya ahimbwa ubutare bwa na koperative ShikaLight.

Ikigo naco umukuru w'igihugu yagisavye gusubiramwo amasezerano cagiranye n'amakoperative mubijanye n'ugucukura ubutare.

urugendo rwiwe rwabandanirije i mu ntara ya kugira arabe aho ibikorwa vyo kwubaka izine yo guhingura amakaro bigeze.

Abarundi na cane cane urwaruka rusabwa kwirinda amarigara nyabuna ngo rukure amaboko mu mpuzu rurwize ibokorwa, narirya ngo umwaka wa 2025 ariwo w'urufatiro rw'imbono y' bwifashe muri 2040 hamwe n' buteye imbere muri 2060.




 Faustin_Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo mw'iterambere abonako  ...
06/01/2025



Faustin_Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo mw'iterambere abonako Reta yarikwiye gufata ingingo yokorohereza biva hanze bikororezwa kwijira mu gihugu.

uwo arongoye iri shiramwe arashima ingingo ya reta yo gushinga ibiciro ku bintu vya nkenerwa ku masoko ariko akagira amakenga ko uku gushinga ibiciro bishobora kugira intambamyi zitari nke mu gihugu harimwo nko kunyegeza ibi bidandazwa vya nkenerwa, maze bikabura ku masoko, kuko ngo abadandaza bazohava basanga bakora bahomba.

Asaba Reta y' kworohereza abinjiza ibadandazwa kugira bibe vyinshi ku masoko ngo bizoheza b**abanuke ibiciro.

Umuyobozi wa Parcem akaba abishikirije inyuma yaho umukuru w’igihugu asavye ubushikiranagnji bw’ubudandaji gushinga ibiciro kuvya nkenerwa mu kiringo kitarenze imisi 15.



Nk'uko bishikirizwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi  , umwaka wa 2024 urangiye uko gukurikira: ,niwe mu menyer...
27/12/2024

Nk'uko bishikirizwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi , umwaka wa 2024 urangiye uko gukurikira:

,niwe mu menyereza mwiza yaranze umwaka wa 2024 aho mbere FIFA yamuhaye n'agashimwe ka (meilleur coach de l'année)
Anceloti ni umumenyereza w'umugwi wa wo mu gihugu ca .

umukinyi wo muri akongera agakinira équipe ya Real de Madrid niwe mukinyi yatowe na FIFA nk'umukinyi mwiza yaranze umwaka wa2024, yahawe ndetse n'agashimwe ka (meilleur jouer de l'année) gatangwa na FIFA.

Umugwi nserukiragihugu wa , niwo mugwi mwiza wuy'umwaka wa2024.

Umugwi wa Réal de Madrid niwo watahukanye igikombe c'umugwi mwiza kw'isi c'umwaka wa2024.

n'iki kindi kintu mwomenya caranze inkino muri uyu mwaka wa2024 tugiye gusozera?




 Ibarabara ry'igihugu numero3 rirabangamiwe n'imyuzurira y'amazi y'imvura!Mu gice ca Kabezi neza na neza mu  , ibarabara...
27/12/2024



Ibarabara ry'igihugu numero3 rirabangamiwe n'imyuzurira y'amazi y'imvura!

Mu gice ca Kabezi neza na neza mu , ibarabara ry'igihugu , ngo rirabangamiwe cane n'imyuzurira y'amazi y'imvura aturutse kumazu ariko yubakwa, ndetse n'ahitwa , ibi b**aturuka kukubura imigendo itwara ayo mazi y'imvura narirya ngo imaze iminsi igwa ari nyinshi.

Si iryo barabara gusa ribangamiwe n'ayo mazi!! nk'uko twavyiboneye kuri uyuwa 26 Kigarama2024, n'ikambi ya gisirikare Bataillon d'infanterie Mukonangona iri ahitwa kuri camp chinois,iri mu nyubakwa zibangamiwe n'ayo mazi y'imvura atagira imigendo iyatwara, akiyara mu bantu n'ibintu.

Amazi ava mu mazu menshi ariko yubakwa aho mu Gakungwe muri komine Kabezi, ngo yoba ariyo ntandaro y'ukurengerwa kw'umugendo w'amazi warusanzwe kw'ibarabara RN3

Aho nyene mu Gakungwe Haribo kandi n'igiti gifashe urutsinga rutwara umuyagankuba (Pauteau) kigeramiwe, kiboneka nk'ikigiye guhenukira hasi.

Abenegihugu bo muri ako gace ka Commune Kabezi, basaba ababijejwe na cane cane ubushikiranganji bw' , gufasha mu kwubaka imigendo y'amazi yokingira Ibarabara ry'igihugu Numéro 3, n'izindi nyubako ziri mu gakungwe.






😭Ngo Dukeneye invura abandi ngo iriko irangiriza ibintu.Mukanyosha uruzi rusanzwe ruzwi kwizina   gaherereye muri busoro...
26/12/2024

😭Ngo Dukeneye invura abandi ngo iriko irangiriza ibintu.
Mukanyosha uruzi rusanzwe ruzwi kwizina gaherereye muri busoro karaye gatwaye imodoka zibiri konona namazu yabantu batari bake.

Kuri wewe iyinvura uyakiriye gute?


 ⚽ Umugwi nserukira Gihugu   w’abakina mu gihugu c'  uyumunsi kw'igenerezo rya 26 Kigarama 2024 niho ukina urukino rwawo...
26/12/2024



Umugwi nserukira Gihugu w’abakina mu gihugu c' uyumunsi kw'igenerezo rya 26 Kigarama 2024 niho ukina urukino rwawo rwambere n'umugwi w'igihugu c'Ubuganda, urukino rukinirwa mu gisagara ca 🇺🇬

Iyi migwi yose uko ari2 igiye gukina inkino zibiri zizoyihuza mu kurondera itike yo kuzitabira ihiganwa rya CHAN.

Izo nkino zikaba zitegekanijwe ku magenekerezo ya 26 na 29 kigarama 2024.

Tubipfurize amahigwe n'ukuroranirwa ndetse n'ukuzoha abakunzi b'umugwi intamba mu rugamba kurangiza umwaka wa2024 mu kanyamuneza k'intsinzi.





  ni   muri iyi misi.Ivyari kuri   kuri uyu wamungu kari akamaramaza ku bituro vy'imodoka. Nk'uko tuvyiganorwa na bamwe ...
25/12/2024

ni muri iyi misi.

Ivyari kuri kuri uyu wamungu kari akamaramaza ku bituro vy'imodoka. Nk'uko tuvyiganorwa na bamwe mubari baje kurondera imodoka ziduga mu buraruko ngo uwash*tse isaha zitatu we ngo nta modoka iduga I ngozi Muyinga na Kirundo yirirwa arabaza. Umuntu akibaza nimba itike ziba zaraye ziheze.

Imirongo y'abantu yari miremire cane atan'icizere bafise ko bahava baduga. Abo twashoboye kuvugana baronse uwigenga abadugana I Muyinga batubwiye ko umwe wese yarihishwa ibihumbi 30 abayafise bakayariha kuko atakundi bari bugire, nayo abashika I Ngozi bo barihisha 25.000.
Ku gituro kiri hafi ya Rond Point aho usanga higanje ama na ho vyari ibindi. Harangwa isinzi y'abantu ikabura imodoka zihari nizibonetse zikaba zimwe zito bita Probox izo nazo zikaba zariko ziraka amafranga menshi nk'uko abo twahasanze bavyivugira.

Bamwe bati biva kw'ikena ry'igitoro abandi bati mu misi mikuru abunguruza abantu barafise akamenyero ko kuduza ibiciro.

Abanyagihugu bagasaba Mvyeyi guhagurukira ico kibazo na cane cane ikaraba ko ingingo iheruka gufatwa n'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati ko yubahirizwa kuko biriko birimonogoza.



Vyari   mu  🤩Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 20 Kigarama aho umurwi ndangakaranga   wagorobeje uryohera abakunzi ...
25/12/2024

Vyari mu 🤩

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 20 Kigarama aho umurwi ndangakaranga wagorobeje uryohera abakunzi bawo mu giteramo bise .

Abari bahari bakaba barahimbawe cane n'ivyo babonye mbere n'iterambere uwo murwi ugezeko mu gutegura ibiteramo, gutamba no kwambika abatamvyi babo.

Uwurongoye uyo murwi mw'ijambo ryiwe ntiyibagiye gushimira amashirahamwe yamaze gutahura akamaro ko guterera mu gisata c'imico n'akaranga vy'Uburundi akaba yaboneyeho no gukebura ayandi mashirahamwe ko yoza arafata mumugongo mwene ivyo bikorwa.

Mwomenya ko muri ico giteramwo hagaragaye n'ibihangange mu muziki w'aho hambere aha twovuga nka aho igiteramo caheze akanyuzamwo maze abari ngaho barishima cane. Abatari bake bakaba bagiye barikugura ico kirori batera intege n'umurwi .




Rabe   iteza   haguteza imbere   n'igihugu kubera atabayitura😌🥹Turi muri Komine n'Intara ya  . Ku mutumba   hakurya gato...
25/12/2024

Rabe iteza haguteza imbere n'igihugu kubera atabayitura😌🥹

Turi muri Komine n'Intara ya . Ku mutumba hakurya gato y'umugwa mukuru w'iyo ntara hubatswe isoko nziza uyirabiye kure. Uyigezemwo uterwa n'agahinda no gusanga zimwe munyubako(amabutike) zikikujwe n'ishamba ry'ivyatsi kuko hari igihande kitari gito atamuntu n'ibintu bihabarizwa.

Ni ayahe mamuko y'iyo soko?

Abo twavuganye muri bake basanzwe bayidandarizamwo agashavu ni kose. Bakavuga bati:"Twabwiwe tuze kuhadandariza badukuye aho twakorera kumabarabara y'igisagara ca Muyinga ariko basa n'abaduhenze kuko uretse abakiriya batahaza namba, nabandi badandaza bajanyeyo baravuyeyo ibituma atabitura iyo soko.

Baravye uburyo yatwaye n'ukuntu yubatse, abanyagihu kuri uwo musozi basaba Reta gufata ingingo ruhasha ngo ico kibanza cirukirwe kuko vyoterera mu kigega ca Komine.

Mwomenya ko hari n'iyindi soko iri ku muri ico gisagara nyene nayo yaheze ariko ikabura abayitaha ivyo abanyagihu babona ko ari nk'uruhombo ku gihugu.

Abanyagihu n'abahakorera barasaba Reta gusubiza agaciro izo soko na cane cane mukuzishiramwo abantu mugufata ingingo ruhasha.




Joyeux noël bakunzi ba
25/12/2024

Joyeux noël bakunzi ba

  mu nama nshingamateka🤗Uwo muririmvyi azwi kukutatya umunwa mukuvuga ibiba mugihugu abicishije mundirimbo ziri mumudiho...
20/12/2024

mu nama nshingamateka🤗

Uwo muririmvyi azwi kukutatya umunwa mukuvuga ibiba mugihugu abicishije mundirimbo ziri mumudiho wa yamenyesheje abarindi n'amakungu ko agiye kwitoza nk'umushingamateka yigenga, mbere akaba yamaze ko nokuja gutanga ibimuranga muri .

Kumafoto b**aragara ko yari ashigikiwe n'urundi rwaruka na cane cane abaririmvyi. Mkombozi rero akamenyesha ko Ari kugira abashe kuzohora avugira urwaruka rusa n'urwibagiwe mubibanza baha abashingamateka.

Iyi nkuru uyakiriye ute?

Inkomoko: .net



  Les anciens Président de la   République du Burundi à savoir;  son Excellence Sylvestre Ntibantunganya et Son Excellen...
17/12/2024



Les anciens Président de la République du Burundi à savoir; son Excellence Sylvestre Ntibantunganya et Son Excellence Domitien Ndayizeye, se sont réuni avec SE , le président en fonction, dans le cadre d'une rencontre historique.

Ils ont collaboré pour retracer le passé, analyser les défis actuels et exprimer leurs souhaits pour le futur.

Après le rencontre, ces Excellences ont adressé au peuple burundais, où ils ont exprimé leur point de vue sur l'importance capitale de l'unité et de la cohésion nationale pour la mise en œuvre de la vision stratégique 2040-2060, ils pnt également évoque l'urgente nécessité d'une synergie collective afin de développer un Burundi durable et prospère, s'appuyant sur les leçons historiques et répondant avec courage aux défis contemporains.



Dans le cadre de son projet  , l'organisation internationale RAPRED-GIRUBUNTU a organisé une cérémonie de certification ...
17/12/2024

Dans le cadre de son projet , l'organisation internationale RAPRED-GIRUBUNTU a organisé une cérémonie de certification officielle pour les lauréats de la formation en couture professionnelle, qui s'est tenue ce samedi 14 décembre 2024 à la Mairie de Bujumbura.

Ce groupe de jeunes femmes, provenant de familles défavorisées, constitue la deuxième promotion des bénéficiaires de cette formation visant à favoriser l'autonomie financière et à renforcer l'entraide au sein de la communauté burundaise.

Sous l'égide de Ruth Kunz, membre du 'Allemagne, ces événements ont été enrichis par une formation consacrée à la protection de l'environnement, prévue dans le cadre de la "Convergence pour l'écologie, la paix et le développement #(CEPD_GIRUBUNTU)".

Lidwine NINTIJE, coordinatrice du projet IGA, exhorte les jeunes participants à privilégier l'entraide et l'amour, en soulignant l'importance de l'éthique et de la déontologie mises en avant par le , tout en mettant l'accent sur les valeurs humaines.

Les bénéficiaires ont exprimé leur profonde gratitude envers les auteurs de cette initiative, qui vise à aider les personnes en situation de vulnérabilité, et soulignent leur détermination à appliquer les conseils et les recommandations reçus. Ensemble, elles prouveront l’importance de la protection de l’environnement à travers l’utilisation accrue d'objets du quotidien qui ne compromettent pas la santé de la nature.



🤝Ishirahamwe RAPRED-GIRUBUNTU ribicishije mu mugambi "IGA" ryaraye riramuye urwaruka rufise amikoro make rwakurikiranye ...
17/12/2024

🤝Ishirahamwe RAPRED-GIRUBUNTU ribicishije mu mugambi "IGA" ryaraye riramuye urwaruka rufise amikoro make rwakurikiranye inyigisho zijanye no gushona

✍🏾Biciye mu mugambi "IGA" w’ishirahamwe mpuzamakungu RAPRED-GIRUBUNTU kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 14 Kigarama 2024 mu Gisagara ca Bujumbura haratunganijwe ibirori vyo kuramura icese urwaruka rwari rumaze imisi rwigishwa ivyirwa bijanye n’umwuga wo gushona ,kwitezimbere no kubungabunga ibidukikije mu kigo c’iryo shirahamwe .

🫴🏾Bitewe iteka n’umwe mubasanzwe bafasha muri uyo mugambi Ruth Kunz ivyo birori bikaba vyaranzwe n’ukubatekerera inyigisho zokubungabunga ibidukikije zizobafasha kurangura imirimo yabo neza batibagiye no guterera agacumu k’ubumwe mu gukingira ibidukikije .

🌿Albert Mbonerane umuhinga muvyo gukingira ibidukikije akaba yagize ati: "Ibidukikije ni ivyo vyose bidukikuje rero iterambere rirama ntirishoboka tuvyirengagije kanatsinda isi irashavura kandi iratubarira ico gukora, nituyumvire tunayibungabunge kugira nayo ishobore kudutunga."

🎙️Kubwa Lidwine NINTIJE umuyobozi nshingwa bikorwa mu mugambi IGA, uwo murwi w’abigeme ugira kabiri ufashijwe n’uwo mugambi uhamagarirwa gukundana ukama ugendera ku karangamutima kishirahamwe -GIRUBUNTU kagizwe no gufashanya bisanzwe biri mw’ihangiro ryo gutezimbere urukundo no kwitanaho mu kibano mu Burundi.

🙏🏾Abaronkejwe izo nyigisho barashima cane kuba iryo shirahamwe ryiyumviriye gushika ku bantu bato bato kugira ribahindurire ubuzima bagakenguruka cane ubumenyi bahawe hamwe n’ibikoresho bigizwe n’imashine zo gushona babatekerewe.Bose bashikiriza ko bazogendera akarangamutima ko gukorera hamwe no gufasha abandi ndetse no gukingira ibidukikije mu bikorwa vyabo vya misi yose harimwo gushona no kurwiza ibikoresho bitonona ibidukikije nkukwo bavyigishijwe.



Ku muhingamo w'uyu wa 12 Kigarama2024, Umutambukanyi w'umukuru W'igihugu C'    yakiriye mu biro vya  , i    intumwa z'is...
12/12/2024



Ku muhingamo w'uyu wa 12 Kigarama2024, Umutambukanyi w'umukuru W'igihugu C' yakiriye mu biro vya , i intumwa z'ishirahamwe ryo mu gihugu ca Reta zunzubumwe za America.

Bayaze kubijanye nawa mugambi wogufungurira abana ku mashure, usanzwe uhagarikiwe n'umutambukanyi w'umukuru W'igihugu c'Uburundi
Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye.




 , soko ry'iterambere rirama.Bishikirizwa na ingénieur,Agronome   , Umuyobozi w'ikigo cigisha imyuga co mu  .Uyu muhinga...
12/12/2024

, soko ry'iterambere rirama.

Bishikirizwa na ingénieur,Agronome , Umuyobozi w'ikigo cigisha imyuga co mu .

Uyu muhinga muvyo indimo,yabishikirije kuri uyu wa kabiri,w' igenekerezo rya 10 Kigarama2024, akaba yabishikirije afatiye ku mwimbu w'ibigori n'ibiharage biteze kwimbura muri aka , mu turima dutoduto yarimye afadikanije n'abaregwa biwe, ahakikuje ikigo CEM_Kabezi( Centre D'enseignement des Métiers de Kabezi) asanzwe ayoboye.

Minani, akavugako, biteze umwimbu mwiza, ariko bafise intambamyi zo kutaronka amasi ndimwa yiyaguye, kugirango bashire mu ngiro ivyo bigisha n'ivyigishwa, gurtyo ngo babonereho kwimbura vyinshi gusumba uko bimbura ubu.

Akavuga kandi ko arihamwe boronswa ubutaka bwo kurimako bunini, umusaruro w'ibiva mu mirima ngo woba mwiza cane,unashimishije, ugashirwa kw'isoko, ikigega c'ishure kikabomboka.





Wawundi ati :"i   hazoba uwubishoboye!" iryavuzwe rigiye gutaha.Iruhande y'induga ry'ibiciro vy'ibiribwa n'ibindi vya nk...
12/12/2024

Wawundi ati :"i hazoba uwubishoboye!" iryavuzwe rigiye gutaha.

Iruhande y'induga ry'ibiciro vy'ibiribwa n'ibindi vya nkenerwa biduga uko bukeye n'uko bwije mu masoko!
ikibazo c'iduga ry'ibiciro vyo gupanga amazu kije kitavyorosha namba.

Banyene gupangish'amazu bagasigurako bazubaka ngo zibasahirize mu mikoro, aho mbere bamwe bamwe, muri ayo mazu bapangisha ariho bizera gukura ibitunga imuryango ku munsi ku munsi abenshi bita(ration).
Ubu bagasigurako baduza izo nzu, kugira ngo nabo babone ububasha bwo kuriha ivyankenerwa n'ibisumwa mu masoko bisanzwe bizimvye.

P.Nahayo wo muri Quartier asanzwe apangishije Inzu, atwiganira agir'ati :"Mukwubakisha izi nzu mpangishije, nasavye akadeni muri Banque, Ubu rero ndazipangisha ku giciro kinyorohereza kugira ngo mbone uko nishura ako kadeni, nongere ntunge umuryango."agasigurako ibiciro vy'inzu zogupanga babiduza bisunze ibiciro vy'ivyankenerwa kw'isoko.

Fleury_Nintunze, aba muri Gikizi mu Kamenge wewe atangazwa n'ibiriko bimubako, akagir'ati:" iyi nzu nayinjiye mu kwezi kwa Gitugutugu,2024 ndayigiriramwo ubugeni(Mariage), ngitangura kuyibamwo nasezeranye nanyeneyo ko nzomuriha amafaranga ibihumbi amajana abiri (200.000)uko ukwezi gutashe, muri uku kwezi kwa kigarama 2024, yanyandikiye amenyeshako ntegerezwa kumwongera amafaranga ibihumbi mirongo itanu, Inzu nzoza ndayiriha amafaranga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu(250.000fbu),vy'amafaranga y'amarundi."Inzu irimwo icumba kimwe na salon.
Fleury, yibaza uko agiye gutunga umuryango mu gashahara ahembwa, narirya umufasha wiwe atakazi afise.

Na zanzu z'abasore(chambret) ngo biriko biyangara, aho Ubu ziriko zikotwa amafaranga agera canke arenga ibihumbi ijana.

Abanyeshure b**a muzakaminuza n'abasore bacirondeza bakavugako nabonyene bisigaye vyagoranye uko bibeshaho. abenshi bakibaza iyo iri duga ry'ibiciro ry'ivyankenerwa n'amazu bitera bija narirya ngo imishahara itava aho iri.

mwebwe aho muba Inzu n'ibiribwa bigurwa gute ?



Ikigega ca Reta y'  kiramutswa umushikiranganji mushasha.Honorable  Nestor NTAHONTUYE, niwe yagenwe n'umukuru w'Igihugu ...
10/12/2024

Ikigega ca Reta y' kiramutswa umushikiranganji mushasha.

Honorable Nestor NTAHONTUYE, niwe yagenwe n'umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye, ejo hahise kw'igenekerezo rya 09 kigarama 2024 kugira ngo asubirire Audace NIYONZIMA, yahora ari umushikiranganji w'ikigega ca reta.

Uwo mushikiranganji akaba akuwe inyuma y’iminsi mike hakuwe indongozi yahora irongoye ikigo kijejwe kwegeranya n'ugutoza amakori n’amatagisi, mu Burundi



Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when DOVAA TV SHOW posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to DOVAA TV SHOW:

Videos

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Videos
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share