22/04/2024
🩲 Za mpuzu zituma ivyicarizo ("ibisusu") vy'abakobwa biboneka ko ari binini (push up) ngo ziragurwa cane ariko "mw'ibanga ntangere". Kandi si uwari we wese azishobora: hari n'izigurwa 120.000 FBu
-------------------------------------------
🍑 Ku badatahura ivyo turiko turavuga, ni uduhuzu two munsi twegera umubiri cane (collant) abigeme canke abakenyezi bambara. Ku ruhande rw'inyuma haba hariyo ibintu bibumvye neza nk'icicarizo, iyo umuntu yambaye ako ga gahuzu ko munsi rero bica bituma inyuma haba hanini gusumba uko hahora. Ni ukuvuga umubiri yari asanganywe ukongerwako nya bisusu vy'ibikorano
😉 Bene izo mpuzu rero ngo zikunzwe kwambarwa n'abakobwa bafise inyuma hameze uko badashaka, kugira ngo biboneke ko ari hanini...
👥 Nk'uko tuvyiganirwa n'abasanzwe bacuruza izo mpuzu, ngo akenshi zikunda kugurwa canecane n'abakobwa canke abakenyezi baba bagiye ku manza. Bati: "Iyo bambara amakanzu, baca bashiramwo mwene izo mpuzu ziriko ibisusu kugira ngo zibafate neza babegwe imbere n'inyuma"
🙈 N'ubwo biri uko rero, ngo hari n'abandi baba bafise inyuma hatameze uko bipfuza. Abo rero baraheza bagaca bazigura bakaza barazambara bisanzwe kugira ngo base uko bipfuza
👙 Erega ngo si inyuma gusa, amakuru duhabwa n'abasanzwe bacuruza izo mpuzu nyene, ngo n'udufukisho tw'ibikiriza (soutien gorge) niko kw'uko, hari utwo usanga ari tunini bivyimvye, ivyo rero bikitwa "kubombesha"
💰 Ku bijanye n'uko ivyo vyambarwa bigurwa rero, ngo uko bitandukanye amabara, uko bikozwe canke bingana ni ko bitandukana n'ibiciro: hari bitobito bigurwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi 30.000 FBu na 50.000 FBu, ariko ngo hari n'ibindi bigurwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi 80.000 FBu na 120.000. Ibi rero ngo biba ari binini kandi bisa neza n'umubiri w'umuntu kuburyo usanze umuntu yakamaditseko utonabimenya
🙃 Basomyi ijambo ni rwanyu... izi nyambaro muzivuze ko iki? Mwari muzi hoho ko zibaho mu bwa Nyaburunga?
🇧🇮 The Young Generation Of Africans