mbwira.bi

mbwira.bi Agir pour le développement

Mw'itangazo wasohoye kuri uyu wa kane 28/12/2023, umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, uvuga ko ...
29/12/2023

Mw'itangazo wasohoye kuri uyu wa kane 28/12/2023, umugwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, uvuga ko uteye ivyatsi ubwicanyi bwakorewe abantu 20 muri segiteri vugizo yo muri zone Gatumba mû ntara y'a Bujumbura bwabaye ku wa 22/12/2023.

Ubwo bwicanyi ngo buteye kubiri n'itangazo mpuzamakungu n'ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi mû duce twerekeye kubahiriza agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo, uyo mugwi uributsa ko ubuzima bw'umuntu ari katihabwa, ko budahangarwa mu bihe ivyarivyo vyose.

Uwo mugwi usaba Reta kunyarutsa amatohoza yo kurondera abagize ubwo bwicanyi.

Abantu 20 baraye bishwe mw'ijoro ryo ku wa 22/12/2023 muri segiteri Vugizo, zone Gatumba, mû ntara ya Bujumbura.Biri mw'...
23/12/2023

Abantu 20 baraye bishwe mw'ijoro ryo ku wa 22/12/2023 muri segiteri Vugizo, zone Gatumba, mû ntara ya Bujumbura.

Biri mw'itagazo rya Reta y'uburundi ryashizwe ahabona kuri uyu wa 23/12/12/2023.. Jérôme Niyonzima, umunyamabanga mukuru wa Reta y'uburundi yashikirije iryo tangazo avuga KO abo bantu bishwe bagizwe n'abana 12 , abagore batatu n'abagabo batanu.

Abantu 9 bakomeretse nabo bakaba bariko baravugwa kandi ubuzima bwabo bukaba butabangamiwe nk'uko iryo tangazo ribandanya ribivuga

Ku bwa Faustin Ndikumana arongoye parcem, ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo, ngo mû kuraba ko mû gihug...
22/12/2023

Ku bwa Faustin Ndikumana arongoye parcem, ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo, ngo mû kuraba ko mû gihugu hariho ukubahiriza amatungo ya Reta , harabwa ko abategetsi bamenyesha amatungo yabo imbere yo gutangura abamanga, harabwa kandi KO hari abafise amatungo adasigutse n'uko hari abasuzuma ingene amatungo ya Reta ameze.

Hari mû kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22/12/2023.
Faustin Ndikumana agasaba abategetsi kumenyesha amatungo yabo nk'uko bitegekanijwe n'ibwirizwa shingiro n'itegeko rijanye no kurwanya igiturire.

Ikigo "Fondation NIYONGABO" kuri uyu wa mbere 18/12/2023 niho cari kiramutse cakira imfashanyo cahawe n'ubuserukizi bw'i...
18/12/2023

Ikigo "Fondation NIYONGABO" kuri uyu wa mbere 18/12/2023 niho cari kiramutse cakira imfashanyo cahawe n'ubuserukizi bw'ibushinwa mû Burundi.
Iyo mfashanyo ikaba yari igizwe ahaninini n'umuceri, ifu, amavuta, imitobe, ibisuguti, ikaba yari igenewe abana barezwe n'ico kigo ikaba yari iciye hafi imiliyoni mirongo ibiri y'amafranga y'amarundi.

Nk'uko bishikirizwa n'uwurongoye ico kigo, Jean Marie NIYONGABO, iyo mfashanyo ikaba ije hageze mû gihe himirije iminsi mikuru kandi ngo umwana wese ni vyiza kumunezererza ku misi mikuru yamuhariwe

Ico kigo kikaba gifise abana bababa 400. Kikabafasha kubaho mû buzima bwa musi yose kikongera kikabigisha gushika baheze post fondamentale.

Ku bwa Jean Marie NIYONGABO, ngo gushira hamwe abana bafise ingorane zitandukanye kandi bava mû mihingo myishi ntivyoroha mû misi ya mbere. Ikindi ngo n'uko ico kigo kitaronka uburyo bukwiye kugira biteho abana bose bakeneye ubufasha.

Jean Marie NIYONGABO agasaba Reta, ammashirahamwe n'abandi bagiraneza, kongereza imfashanyo basanzwe babaha.

Abagabo na bo nyene ngo barashobora kugwara kanseri yo mw'ibere n'ubwo itabakarira nk'abakenyezi. Vyavuzwe na muganga Ta...
02/11/2023

Abagabo na bo nyene ngo barashobora kugwara kanseri yo mw'ibere n'ubwo itabakarira nk'abakenyezi. Vyavuzwe na muganga Tania Gahama kuri uyu wa 31/10/2023 mû ruganda rwo kwigisha indwara ya kanseri yo mw'ibere ku bamenshamakuru b'abakenyezi n'abigeme ryatunganijwe n'ishirahamwe ry'abamennyeshamakuru b'abakenyezi. Ni mû gihe kw'isi yosi ukwezi kw'icumi kwahariwe kugwanya iyo ndwara.

Nk'uko bishikirizwa na Muganga Tania iyo ndwara na hano mû Burundi iriho. Avuga kandi ko ibimenyetso bimwebimwe vy'ivyo ndwara ya kanseri yo mw'ibere ari nk'ibi: ikivyimba mw'ibere, gutibira kw'ibere, ibikomere biza biraza mw'ibere, ibère ryahinduye ubunini canke iforoma...

Muganga Tania aremeza ko iyo iyo ndwara imenyekanye hakiri Kare ngo iravurwa kandi igakira. Agasaba abakenyezi eka mbere n'abagabo kuza bariyumviriza ku mabere. Iyo bumvise ikibateye amakenga bakitura umuganga abegereye akabafasha m.

Gukoresha ubuhinga bwa none birabandanya kwijukirwa n'amashirahamwe atandukanye.Kuri uyu wa gatanu 20/10/2023 niho ibank...
20/10/2023

Gukoresha ubuhinga bwa none birabandanya kwijukirwa n'amashirahamwe atandukanye.

Kuri uyu wa gatanu 20/10/2023 niho ibank i BHB y'uburaro yatanguje ku mugararo uburyo yise BHB e cash na lumicash. Akaba ari uburyo bwo guhanahana amahera hakoreshejwe telefone.

Yarashizeho kandi uburyo bwa swift bwo guhanahana amahera n'abarundi bari hanze canke abakeneye kurangura hanze, ibikoresho vyo kubaka.

Akunguko ku mukiriya ngo ni kanini nk'uko bishikirizwa na Pascal Girukwishaka, icegera c'uwurongoye iyo banki. Ntazoba agitonda kuri banki arindira amasaha y'akazi. Azobika canke abikure amahera aho ari hose kandi igihe cose abishakiye.

Eka ngo ni n' akunguko kw'ibanki kuko ubwo uburyo buzotuma ishikira abanywanyi benshi itarinze gushiraho ibindi bisata vyayo mu gihugu

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko bimwe mû bituma Uburundi budatera Imbere ari uko ata gutunganya n...
17/10/2023

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko bimwe mû bituma Uburundi budatera Imbere ari uko ata gutunganya neza imigambi y'igihugu bikorwa. Ikindi ni uko gutegura amahera Reta ikoresha buri mwaka be no gusuzuma uko akoreshwa ngo bidakorwa mû muco. Arongera akavugako ata mugambi wo kurwanya kurya ibiturire wanditse neza ushobora gusuzumwa uriho.

Uwo arongoye Parcem aremeza kandi ko uburimyi n'ubworozi vyonyene bidashobora gutuma ubutunzi mû gihugu bwisununura. Ngo harakenewe gushira inguvu ni mû bindi bisata.

Ivyo akaba yabishikirije mû kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17/10/2023. Aho ni mû gihe amagenekerezo ya 16 na 17 gitugutu ari imisi mpuzamakungu yahariwe gufungura neza no kurwanya ubukene.

Kuri uyu wa 6/10/2023 urunani rw'abakenyezi biyemeje guharanira imibereho myiza n'iterambere ryatunganije igikorwa coguh...
07/10/2023

Kuri uyu wa 6/10/2023 urunani rw'abakenyezi biyemeje guharanira imibereho myiza n'iterambere ryatunganije igikorwa coguha infashanyo imiryango ya bantahonikora bangana kwi 100 bo muri zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura yasinzikajwe nimyuzurira yabaye muri ako karere .
Umuryango umwe umwe wose ukaba waronkejwe ibikoresho bigizwe n'ihema , ibikoresho vyotegura infungurwa ,ivyo kuvoma amazi ,ivyo kwifuka harimwo n'umusegetera ,ivyo kugira isuku nk'amasabuni ,ibikoresho abakenyezi n'abigeme bakoresha mugihe c'ubutinya , n'ibindi vyokugira isuku kumubiri .
ivyo bikoresho bifise agaciro karenga imiyoni 30 z'amafaranga y'amarundi ababihawe bakaba ari bantohonikora batari bwigere bafashwa n'ayandi mashirahamwe kuva iyo myuzurira iteye .

Kuri uyu wa kabiri 5/9/2023, ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bitaho ibibazo vy'ubutunzi mû Burundi (REJEBU) rifatanije ...
06/09/2023

Kuri uyu wa kabiri 5/9/2023, ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bitaho ibibazo vy'ubutunzi mû Burundi (REJEBU) rifatanije n'ikigo c'igihugu kijejwe kworohereza abanyamitahe (ADB), ryaratunganije uruganda ku bamenyeshamakuru. Uyo musi bakaba bari baramutse bakurikirana icigwa cerekeye ingene ivyo kworohereza abanyamitahe vyifashe mû Burundi muri kino gihe.

Muri ico cigwa catanzwe n'umuyobozi mukuru wa ADB, yarerekanye ko ukworohereza abagwizatunga biri ku rugero rushimishije. Akarorero atanga ngo ni abanyamitahe b'abanyamahanga bazana imitahe yabo mû Burundi aho bavuye ku bice biri musi ya 10% mû myaka ya 2020 bikaba biriko vyababa ibice 20% muri kino gihe umuntu afatiye ku abanyamitahe bose.

Ivyo ngo bikaba binava ko Ubu mû gushinga umugambi(entreprise) bidasaba kuja ku biro vya ADB ahubwo bisigaye bikorerwa ku buhinga ngurukanabumenyi, n'ubwo hariho abasanzwe batazi gukoresha ubwo buhinga.

Nayo uwurongoye REJEBU avugako urwo ruganda rwatunganijwe mû ntumbero yo kwongerereza ubumenyi abamenyeshamakuru bashikirize amakuru akoze neza mû vy'ubutunzi.

Nawe uvuga iki kubijanye n'ukworohereza abanyamitahe mû Burundi ?

Abana iyo bariko banka gufungura vyoba ari vyiza kubaha telefone canke kubakiriza televiziyo kugira bakunde bafungure? J...
25/08/2023

Abana iyo bariko banka gufungura vyoba ari vyiza kubaha telefone canke kubakiriza televiziyo kugira bakunde bafungure? Justin Mugisha yize ivy'inyifato, ugukura n'indero y'abana avuga ko kubaha telefone canke kubugururira televiziyo ataco vyari bitwaye, ikibi ni uko bohava babigira akamenyero ku buryo batosubira gufungura batabibonye. Arongera akavuga ati ubundi gufungura ni ikintu gisanzwe ata muntu yorinda ko bamuhera kugira afungure.

Hari mû kiyago n'ikinyamakuru mbwira.bi kuri uyu wa 24/8/2023

Mû gihe ejo Ku wa 26/7/2023 ariho Umukuru w'igisagara ça Bujumbura ari kumwe n'umuyobozi mukuru wa OBR ariho batanguza k...
27/07/2023

Mû gihe ejo Ku wa 26/7/2023 ariho Umukuru w'igisagara ça Bujumbura ari kumwe n'umuyobozi mukuru wa OBR ariho batanguza ku mugaragaro amasezerano yo gupangisha ibibanza vyo mû masoko yubatswe na leta , imyidogo ni yose ku bari basanzwe bakorera muri ayo masoko.

Haba mû ruvumera canke kw'isoko ya Jabe mû gisagara ça Bujumbura , aho mbwira.bi yashoboye gushika , abo badandaza bavuga ko batazoshobora kuriha amafranga OBR ibasaba kuko ari umurengera.

Umudandaza wo mû ruvumera yagize ati je nahora ndiha 50 000fbu none amasezerano mashasha avuga KO nzoriha 600 000 , ati simbona iyo nzokura ayo mahera yose.

Eka no mw'ijabe niko kuko. Abo twavuganye bemeza KO bahora bariha 10 000 muri mairie , none ngo OBR yabasavye KO bariha 200 000fbu, bakaba bavuga ko babuze ayo bacira n'ayo bamira.

Ku batazoshobora kuriha ivyo bibanza , umukuru w'igisagara ca Bujumbura aremeza ko ivyo bishoboka akizeza abo bizonanira kuriha ko bazobereka ahandi bakorera bariha ku buryo buciriritse.

Séverin sindayikengera umuyobozi mukuru w'ikigo BBN amenyesha Ko abarundi batarategera ingendo y'ubuziranenge ,Aho ngo b...
19/07/2023

Séverin sindayikengera umuyobozi mukuru w'ikigo BBN amenyesha Ko abarundi batarategera ingendo y'ubuziranenge ,Aho ngo bashaka kwidandariza gusa.Abantu bategerezwa kumenya KO hari intambuko zisabwa kugira ikigo BBN gitange uburenganzira( certificat ),abahinga ba BBN baragendera inganda (amahinguriro) ,bagatanga impanuro kuvyo bohindura ,bagashika kw'ihinguriro bagafa échantillons,bakabishira muri laboratoire kugira basuzume ,Ubu ngo haragiyeho n'umugwi ataho wegamiye urimwo abahinga batandukanye ,Abo bose bakaraba ko iryo hinguriro rikwiye guhabwa uruhusha.Avuga kandi ko abantu baguma babaza BBN igituma ibihingurirwa mu Burundi bidashorwa mu mahanga yishura Ko ari kubera amahinguriro adahingura ibidandazwa neza kandi yubahirije ubuziranenge (normes ).
Umuyobozi wa BBN yamenyesheje Ko bafise abakozi bake bagategerezwa gutunganiriza ababitura beshi Aho ngo hari amahinguriro ashika Ku 520 ashaka impusha zoguhingura (certificat)

Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi # CVR # ,mu kiganiro watunganije kuri uyu gatatu igenekerezo rya 12/...
13/07/2023

Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi # CVR # ,mu kiganiro watunganije kuri uyu gatatu igenekerezo rya 12/7/2023 mw'ihoteli source du Nil ,wamenyesheje vyinfata kibanza ko abantu barenga 11 000 aribo bamaze kumenyekana Ko babaye inkingi z'Ubuntu n'amahoro mukurokora ubuzima bw'abandi mu rwimo rwabaye muri 1972 .Muri Abo harimwo abarundi bo mu moko yose harimwo kandi n'abanyamahanga.
Nk'uko bivugwa na petero Claver Ndayicariye ,imwe mumvo zatumye Abo bantu bakingira abandi ni Ubucuti n'umubano mwiza bari bafitaniye.
Nayo kubavugako ivyo umugwi CVR ukora ari ukuzura akaboze,Petero Claver Ndayicariye yishura ko abo ari ababona ukuri banyegeje kuriko kurasokoka bikabababaza .

Mu bushikiranganji bw'ubutungane ngo haratunganijwe amanama yo guhimiriza abajejwe gutunganiriza abenegihugu mu kwitaho ...
13/07/2023

Mu bushikiranganji bw'ubutungane ngo haratunganijwe amanama yo guhimiriza abajejwe gutunganiriza abenegihugu mu kwitaho gusumba imirimo bajejwe.
Bivugwa n'umushikirangaji w'ubutungane Domina Banyankimbona mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu 12/7/2023.

Avuga kandi muri uyu mwaka wa 2022-2023, haciwe imanza 23 000, izaburanishijwe zerekeye amatongo 3384 Ku 1000 zari zitegekanijwe, izakurikijwe 19616 Ku bihumbi cumi zari zitegekanijwe. Ikindi urwego rw'abahuza Ku mitumba ngo rwarashizweho bakaba bagera Ku bihumbi mingo ine mu gihugu cose, bikaba vyatumye amatati yahora aja mu masentare y'intango agabanuka bishimishije.

Nayo kuvy'amabohero, abari bavunzwe 1786 bararekuwe. Abari bamaze gukatirwa umunyororo, abababa 2000 bararekuwe.

Umurwazo ngo ukwegera mû ngorane nyinshi imiryango.Ivyo bivugwa n'abakenyezi bo Ku mutumba rutagara wa komine ntega inta...
01/05/2023

Umurwazo ngo ukwegera mû ngorane nyinshi imiryango.

Ivyo bivugwa n'abakenyezi bo Ku mutumba rutagara wa komine ntega intara ya Kirundo aho basaba abajejwe intwaro gukora uko bashoboye kwose umurwazo ugatuzwa kuko utuma umurimyi yama mubukene abana nabo bagaheba amashure kubera ubukene mu miryango.

Abo bakenyezi bemeza KO hanini abagabo aribo batora amafaranga y'abadandaza ngo bazobishura umwimbu cane cane umuceri canke ibiharage rimwe na rimwe batanagishije inama abakenyezi babo.Ngo birakwega imishamirano mu ngo kuko umukenyezi abonye Umudandaza aje gupakira umwimbu aca avyanka Hama indwano igaca itangura.

Ngo umurwazo w'ibiharage abadandaza babaha amafaranga amajana atanu(500) Ku kilo ariko bimaze kwera ugasanga biriko bigurwa hagati y'igihumbi n'amajana abiri n'ibihumbi bibiri n'amajana atanu mû mafaranga y'amarundi(1.200-2.500).

Umukuru w'umutumba Rutagara aremeza ko umurwazo uri mû bitera umutekano muke kuko utera kunyonyeza amatungo y'urugo mu nyuma umugabo agashwanira canke agakubita umugore wiwe. Uwo milieu w'umutumba avugako abagabo b'ibihumbu bakirira amahera y'umurwazo mu birabo agahamagarira abagabo ndetse n'abakenyezi kuvavanura n'ingeso mbi y'umurwazo kuko abajejwe intwaro bawuviriye hasi gushika utujijwe.Aragabisha abawutanga n'abawutora kuko uwuzofatwa azohanwa hisunzwe amategeko.Ahamagarira abanyarutagara kwijukira amashirahamwe matomato yo kuziganya ni kuguranana kuko yoyo atanga ingurane Ku nyungu itavuna.Abandanya ahamagarira abenegihugu arongoye kwandikisha amatongo yabo kugira baronke impapuro ndangatongo zishobora kwakirwa ni banki bagahabwa ingurane.

Ngo ubuhinga abadandaza bakoresha mukunyegeza KO ari umurwazo batanze intwaro yaramaze kubumenya.ngo bandikako Umudandaza aguranye umurimyi amahera atunguka.Igiheza kikerekana KO ari umurwazo nuko amataliki yo kwishura usanga ari ahurirana n'igihe c'iyimbura.Avuga KO kimwe mû bihano bihabwa uwatanze umurwazo ari uguhebera yo amahera yatanze.

Mu gihe ivyuma vyerekana amashusho, imbugangurukanabumenyi n'ibindi bimemenyesha makuru vyarwiriye muri kino gihe , kand...
26/04/2023

Mu gihe ivyuma vyerekana amashusho, imbugangurukanabumenyi n'ibindi bimemenyesha makuru vyarwiriye muri kino gihe , kandi ibica kuri ivyo bimenyeshamakuru bitama ari ibifasha abana n'urwaruka kuronka indero nziza ikinyamakuru mbwira.bi caraganiriye na Patiri Adriano Ntabona umushakashatsi muvy'imico n'akaranga vy'Uburundi.

Kuri we ngo abana basigaye barerwa n'imboneshakure na za smartphones "ivyo rero ntibiturerera. Ni ukutwicira abana" ngo Kuko nta ndero yategekanijwe muvyo baraba. "hategekanijwe gutwenza abantu kugira bice umwanya wabo".

Patiri Ntabona ati "Nico gitumba abavyeyi bakeneye gukwirikirana ivyo abana baraba ku matelevizyo kandi bakabuza kuraba ibintu bitari bike kugira bige".

Ikindi amenyesha ni uko"tugerageza tukiyumvira ingene na twebwe twoshiramwo ivyacu. Hari Ibintu vyinshi birera, turafise imigani, turafise ibitiko, twoshobora gutanga natwe. Nihaboneke rero abantu baza barabihingura (...) dutange natwe. Ntaguhunga ibimenyeshamakuru ni ukubitumbera uzanye nawe ivyigisha abana bacu, naho tugiye turarekerana bizocika amazi ".

Kuri uyu wa 24/4/2023, ikigo kijejwe kwegeranya amakori n 'amatasi OBR cari catunganije inyigisho himiriza ku bakenyezi ...
26/04/2023

Kuri uyu wa 24/4/2023, ikigo kijejwe kwegeranya amakori n 'amatasi OBR cari catunganije inyigisho himiriza ku bakenyezi baserukira abandi mu bakora urudandazwa njabukambibe basanzwe bahurikiye mwishirahamwe COBAC ,ishirahamwe ryishinze kwegeranya abakenyezi bakora urudandazwa njabukambibe (Collectif des organisations de bases assises communautaire).

Nk'uko vyashikirijwe na Nayigihugu Juma yaserukiye abo badandaza ngo bahura n'ingorane nyinshi muri ako kazi kabo:

Guhohoterwa nabantu batazi
kuba batazi amategko agenga urudandazwa ndenga mbibe
guhohoterwa muri kino gihe hariho ibidandazwa bimwe bimwe Reta yabujije ko bijabukanwa hanze nk'ibijanye nivyimburwa.

Ikigo OBR kikamenyesha ko gifasha abo bakenyezi mu kubaha inyigisho ku bijanye nurwo rudandazwa no kubaha amakuru yose bakenera.

Hari indirimbo zabujijwe gusubira kuca ku bimenyeshamakuru vyo mû BurundiMû kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu w...
24/04/2023

Hari indirimbo zabujijwe gusubira kuca ku bimenyeshamakuru vyo mû Burundi

Mû kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere 24/4/2023, Vestine Nahimana arongoye urwego rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru mû Burundi (CNC)yamenyesheje ko hari indirimbo zitarekuriwe gusubira guca ku bimenyeshamakuru vyo mû Burundi kuva kuri iyi taliki nyene.

Imvo ngo ni uko izo indirimbo zityoza imico n'akaranga vy'uburundi. Akaba yagabishije ikimenyeshamakuru cobirengako ko kizoba kiriko kirarwanya akaranga k'Uburundi. Izo indirimbo ni 31 .

akarorero ni nk'izi: Araryoshe, Mpamagara, Umunyuka,Nyash, Ikinyafu, Hindukira,...

04/04/2023

Kuri uyu wa kabiri 4/4/2023 niho haba ibirori vyo kugurura ku mugaragaro ibikorwa vy'iradiyo Isoko FM.

Nk'uko bivugwa n'uwuserukira imbere y'amategeko iyo nsamirizi Jean Patrick Nduwimana, intumbero nyamukuru mû gushinga iyo radio ngo ni ukugira bashigikire guteza imbere ubutunzi n'imibano . aha ngo bakazoshimikira ku gisata ca bâ mukerarugendo kuko ngo kubwabo ico gisata nticitaweho n'ubwo ngo ari igisata gihambaye mû butunzi.

Iyo radio kandi mû biganiro vyayo izokorera mû bisata co kwitunganiriza imigambi, ico gukingira ibidukikije...

Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n'umwunganizi w'umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ibimenyeshamakuru, umuyobozi w'urwego rujejwe kungenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora(CNC).
Abo bategetsi bompi bakaba bateye intege abakozi b'iyo radiyo babasaba gukora bisunze amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru n'akarangamutima kawo.

Nayo uwaserukiye umukuru w'igisagara ca Bujumbura muri ivyo birori yasavye ko mû biganiro vyayo yokwitwararika ibijanye n'akaranga kuko ngo ari inkingi y'iterambere.

Ubushomeri buriho mû Burundi, vyemezwa na Faustin Ndikumana arongoye Parcem.Ngo na Reta ntigishobora gutanga  akazi ku r...
15/02/2023

Ubushomeri buriho mû Burundi, vyemezwa na Faustin Ndikumana arongoye Parcem.

Ngo na Reta ntigishobora gutanga akazi ku rugero rukwiye mû bisata bikenewe nko mû gisata c'indero.

Ngo nta mashirahamwe n'amahinguriro maninimanini ariho ariyo atanga akazi. Eka n'amashirahamwe y'ama ONG yatanga akazi yaragabanutse.

Ku bijanye no kwitunganiriza imigambi , ivyo ngo ntibikunda mû gihugu ubushobozi bwo kugura
Ari buto.

Uwo arongoye Parcem akavuga ko Reta ifise uruhara runini mû kugwanya ubushomeri. Reta ngo yoshira amahera akwiye mû gisata c'indero kugira abanyeshuri baronke ubumenyi n'ubuhinga bukwiye.

Reta yokworohereza abanyamitahe, ikubaka amabarabara ikazana n'umuyagankuba.

Reta kandi yokwitwararika kugwanya igiturire.

Faustin Ndikumana avuga ko mu gutorera inyishu ibibazo vy'ubuntunzi mû Burundi reta yokwifashisha abahinga babinonosoye biciye no muri wa mugwi ujejwe ibibazo vy'ubutunzi n'imibano

Ivyo vyose Faustin Ndikumana akaba yabishikirije mû kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu 15/2/2023 ku cicaro c'ishirahamwe Parcem

Kwipimisha canceri hakiri kare birongereza amahigwe menshi yo kuyikira.Mû gihe kuri uyu wa Kabiri 14/2/2023 hahimbazwa u...
14/02/2023

Kwipimisha canceri hakiri kare birongereza amahigwe menshi yo kuyikira.

Mû gihe kuri uyu wa Kabiri 14/2/2023 hahimbazwa umusi wahariwe indwara ya canceri , Jean de Dieu Havyarimana arongoye umugambi w'igihugu wo kurwanya indwara ngendanwa zitandukira (PNILMCNT) mû mpfunyapfunyo aradondagura bimwe mû bimenyetso vy'indwara ya canceri :
1. ububabare budasiguritse mû nda no mû bihimba bitaboneka

2. Ugutakaza ibiro bukebuke (umuntu akihererako)

3. Ibivyimba (mû maso, ku maguru, mû nda...) ku bwoko bwinshi bw'ama canceri.

4. Ihindagurika ry'urukoba ( bishika igihe indwara iba igeze Kure) biboneka nko kuri canceri yo mw'ibere .
Kuri canceri yo mû gitereko naho uwuyifise yibonako ibimenyetso vyo kuva, uruziri ruguma rwisuka.

Jean de Dieu Havyarimana ahanura KO umuntu wese yibonyeko ibimenyetso ku mubiri wiwe bimuteye amakenga yokwegera muganga.

Eka na Nyandwi Agripina wo mw'ishirahamwe APAC ry'abagendana indwara ya canceri asaba abibonyeko ibimenyetso vy'iyo ndwara kunyarukira kwa muganga kuko ngo wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imitumba ukabira nka yo. Agasigura KO iyo indwara utayivuje hakiri kare bigusaba inguvu nyinshi. Areremesha n'abokwibonako ibimenyetso vya canceri KO batogira ubwoba ahubwo bakanyarukira kwa muganga kwipimisha.

Ngo icigwa cakozwe na OMS mû mwaka wa 2020 abantu bashasha barenga 7900 boba baranduye indwara ya canceri mû Burundi nk'uko bivugwa na Jean de Dieu Havyarimana.

Umushikiranganji w'inyubako , uburaro n'ibikoresho, Dieudonné Dukundane amenyeshako ubwo bushikiranganji bugiye kwironde...
31/01/2023

Umushikiranganji w'inyubako , uburaro n'ibikoresho, Dieudonné Dukundane amenyeshako ubwo bushikiranganji bugiye kwironderera ibikoresho vyabwo bikoreshwa mû kubaka amabarabara nk'amamachini kuko ngo basanze amahera menshi ,hafi ibice 70% aherera mû kuriha abo baba bakoteye ivyo bikoresho.

Ivyo ngo bizotuma hashobora gukorwa amabarabara menshi hakoreshejwe uburyo buke.

Umushikiranganji Dieudonné Dukundane yamenyesheje KO kuva mû kwezi kw'indwi ata gikoresho gikenerwa mû biro vya reta nk'intebe ,amameza canke ububati , bizosubira kuva hanze y'igihugu .ngo vyose bazohora bigurirwa ku banyamyuga ba hano i Burundi. Akaba yasavye abo banyamyuga kwitegura bagakora ibikoresho bimeze neza. Ngo Nico kimwe n'ibikoresho bikoreshwa mû kubaka nk'amatafari, amategura, amakaro...bizokoreshwa mû kubaka bwa buraro buzokubakwa baja hejuru(étages) mû ntumbero yo kugwiza uburaro hakingiwe ibitukikije kandi isi ndimwa itavogerewe.

Yabishikirije kuri uyu wa mbere 30/1/2023 aho yari aramutse amenyesha ivyaranguwe muri aya mezi atandatu aheze ,mû bushikiranganji arongoye .

Igihe Intara ya kirundo yari yagendewe  kur'uyu wa gatanu n' Umushikiranganji w'ugushigikirana, imibano, agateka ka zina...
28/01/2023

Igihe Intara ya kirundo yari yagendewe kur'uyu wa gatanu n' Umushikiranganji w'ugushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu n'iterambere ridakumira Imelde Sabushimike. Akaba hari muri rwa rukurikirane rw'ingendo abashikiranganji bose bariko baragira mu ntara zitandukanye

Umushikiranganji wo gushigikirana Imelde Sabushimike yasavye ko mw''itangwa ry'impapuro za ba ntahonikora, abajejwe intwaro bakwiye gukorana kandi bakaba imvugakuri, bakongera bagakorana umutima w'urukundo.



Ku kibazo c'abatwa bahungutse bakabura aho bashikira kuko amatongo basanze harabayigaruriye canke abipfuza kugurisha ayo bahawe na Leta ariko ntibikunde , Umushikiranganji yavuzeko abatagira aho baba bagiye kuhabaronderera ariko ngo kirazira kikaziririzwa kugurisha itongo wahawe na Leta.

Kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nzero 2023 intara ya kirundo yakiriye abashikiranganji babiri ,umushikiranganji w'i...
25/01/2023

Kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nzero 2023 intara ya kirundo yakiriye abashikiranganji babiri ,umushikiranganji w'ikigega ca leta no gutunganya ubutunzi bw'igihugu NIYONZIMA Audace n'umushikiranganji w'ubudandaji amahinguriro n'ingenzi NIJIMBERE Marie Chantal, mu ntumbero yo kugirana ikiganiro n'abanyagihugu.

Ibibazo bitandukanye bikaba vyabajijwe n'abanyagihugu cane cane ingene ubwo bushikiranganji buriko burakora kugira haboneke amahinguriro ashobora gutez'imbere Igihugu vyihuse.

Abenegihugu bipfuza gushinga amahinguriro mato mato ashobora kubafasha kwitez'imbere no gutez'imbere igihugu basavye ko bokworoherezwa , Umushikiranganji w'ikigega ca leta no gutunganya ubutunzi bw'igihugu yavuzeko leta ishigikiye kandi iteye intege abafise iyo migambo ko bokora ivyo basabwa vyose hanyuma bakaja kukivi.

N'ayo Umushikiranganji w'ubudandaji amahinguriro n'ingenzi yasavye abajejwe intwaro guhagararira inyungu z'abenegihugu mugusabikanya neza ibinyobwa vya Brarudi kuwoshaka kurenzako kugiciro gihari yobanza akaraba k'ikibanza afise arikibanza kibereye kndi akaba afise uruhusha rudasanzwe rwa Buramatari ,akavugako atamudandaza arekuriwe kurangura ibinyobwa muri MEGA.

En date du 17 janvier 2023, à l'Ecole Fondamentale Jardin Public de la commune Mukaza, le Club  a rouvert ses activités....
19/01/2023

En date du 17 janvier 2023, à l'Ecole Fondamentale Jardin Public de la commune Mukaza, le Club a rouvert ses activités.

La formation du jour était centrée sur l'importance de *Pardonner* dans la construction des bonnes relations entre les membres de la communauté.

✍️L'objectif de cette formation vise à interpeler les participants à apprendre *_pardonner_* car le pardon est un gage de libération et de cohabitation pacifique.

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when mbwira.bi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to mbwira.bi:

Videos

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Videos
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share