
31/01/2025
😥 «Nasanze akorera muri y’amazu… »
🛑Umwanditsi wa B-EYE, aho yarateramiye ku mugoroba, yahuye n’umugabo yitwa Eric ariko ariganyira ayo yabonye
👤Eric abanye n’umugore wiwe imyaka itatu ariko umugabo niwe akora hama agatunga umuryango.
✍️Ngo mu mezi atatu aheze, niho umugore wiwe yamumenyesha ko yaronse akazi, Eric nawe ati ayo ni amata avyaye amasoro kuko yumva bazoca boroherwa gusumba uko vyahora.
😭Eric agira ati : « Haheze nk’ukwezi hari abamburiye bambwira ko umugore wanje akora muri y’amazu yo kugorora imitsi (maison de massage) ariko sinavyemera kuko umugore yari yambwiye yuko akora mw’ishirahamwe rifasha abantu kuja hanze. »
🥲«Icanteye kugira amakenga n’uko iyo hageze mw’ijoro ndamubwiye ahindukire yaca ambwira ko arushe ko azopfuma ampa bukeye mu gitondo ariko naho nyene ntiyampa. Rimwe na rimwe mw’ijoro hagati hari igihe yarara ararazirana ariko arangura amabanga mpuzabitsina ndetse n’akaruru agashirako nk’aho umenga ni ibiriko biraba ».
👆«Maze kubibona kenshi uko ni ho rero nigira inama yo kwinyegeza umugore mu gitondo hama nkamukurikira gushika mbonye iyo yinjirira, niho nabonye yinjiye muri za nzu bita za massage hama nca mfata ingingo yo kumuheba ».
🙆🏽♀️Eric tugerageje kumubaza iyo nzu uko yitwa yatubwiye ko atashoboye gufata izina ryayo ariko yatubwiye yuko iri muri Rohero.
⁉️Musomyi, mbega umugore wawe akugize nka Eric woca ukora iki? Mbega abakora akazi ko kugorora imitsi abandi boba ari abanyangesombi nk’uko uwo mugabo yavyibajije ?