B-EYE TV

😥 «Nasanze akorera muri y’amazu… »🛑Umwanditsi wa B-EYE, aho yarateramiye ku mugoroba, yahuye n’umugabo yitwa Eric ariko ...
31/01/2025

😥 «Nasanze akorera muri y’amazu… »

🛑Umwanditsi wa B-EYE, aho yarateramiye ku mugoroba, yahuye n’umugabo yitwa Eric ariko ariganyira ayo yabonye

👤Eric abanye n’umugore wiwe imyaka itatu ariko umugabo niwe akora hama agatunga umuryango.

✍️Ngo mu mezi atatu aheze, niho umugore wiwe yamumenyesha ko yaronse akazi, Eric nawe ati ayo ni amata avyaye amasoro kuko yumva bazoca boroherwa gusumba uko vyahora.

😭Eric agira ati : « Haheze nk’ukwezi hari abamburiye bambwira ko umugore wanje akora muri y’amazu yo kugorora imitsi (maison de massage) ariko sinavyemera kuko umugore yari yambwiye yuko akora mw’ishirahamwe rifasha abantu kuja hanze. »

🥲«Icanteye kugira amakenga n’uko iyo hageze mw’ijoro ndamubwiye ahindukire yaca ambwira ko arushe ko azopfuma ampa bukeye mu gitondo ariko naho nyene ntiyampa. Rimwe na rimwe mw’ijoro hagati hari igihe yarara ararazirana ariko arangura amabanga mpuzabitsina ndetse n’akaruru agashirako nk’aho umenga ni ibiriko biraba ».

👆«Maze kubibona kenshi uko ni ho rero nigira inama yo kwinyegeza umugore mu gitondo hama nkamukurikira gushika mbonye iyo yinjirira, niho nabonye yinjiye muri za nzu bita za massage hama nca mfata ingingo yo kumuheba ».

🙆🏽‍♀️Eric tugerageje kumubaza iyo nzu uko yitwa yatubwiye ko atashoboye gufata izina ryayo ariko yatubwiye yuko iri muri Rohero.

⁉️Musomyi, mbega umugore wawe akugize nka Eric woca ukora iki? Mbega abakora akazi ko kugorora imitsi abandi boba ari abanyangesombi nk’uko uwo mugabo yavyibajije ?

31/01/2025

⁉️ Mbega woba u*i aho bita ''KU MAZI Y'ABAGORE''? mbega ayo mazi woba u*i abayavoma ico bayakoza canke ico abafasha? Raba iki kiganiro hama uheze umenye ibitari bike bijanye naho hantu (link y'ikiganiro https://youtu.be/hKS23_6TUCg )

30/01/2025

Babahungu biranse ko bahotora ubugari batekanye 🤣🤣🤣🤣🤣🤣

fans buhumuza comedy INKURU ZITWENZA 100% Mutima fans Mutima comedian Kigingi Official Ismael Gasore comedian

⁉️Mbega indwara ya   yoba igiye gutuzwa mu bana bakiri bato? 🛑Kuri uyu wa 29 nzero 2025, ku kibuga c’indege Melchior Nda...
30/01/2025

⁉️Mbega indwara ya yoba igiye gutuzwa mu bana bakiri bato?

🛑Kuri uyu wa 29 nzero 2025, ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaraye bwakiriye incanco zo kurwanya Malaria zigera ku bihumbi 544

💉Izo ncanco zigenewe abana bari hagati y’amezi atandantu n’imyaka 2. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko izo ncanco zaraye zish*tse zizoca zitangwa mu burere bw’ubuvu*i4

🛑Ibarabara ry’indarayi rihuza Uburundi na Tanzaniya📆Kur’uyu wa gatatu 29 Nzero 2025, Uburundi na Tanzaniya bwarashize um...
30/01/2025

🛑Ibarabara ry’indarayi rihuza Uburundi na Tanzaniya

📆Kur’uyu wa gatatu 29 Nzero 2025, Uburundi na Tanzaniya bwarashize umukono ku masezerano yo kwubaka ibarabara ry’indarayi rizohuza Uvinza (Tanzaniya) na Gitega (Burundi), riciye Musongati (Rutana).

✍️Uwo mugambi w’ibirometero 240 uzokorwa n’amasosiyete y’Abashinwa CREGC na CREDC kandi ukazosahiriza m’ukugabanya ikigu*i c’ibidandazwa vyinjira mu Burundi narirya igihugu gisanzwe gitanga imiriyoni 70 z’amadorare buri mwaka ku bijanye no kurangura ibidandazwa hanze y’igihugu .

🏗️Ivyiza vy’uwo mugambi w’ibarabara ry’indarayi n’uko uzotanga akazi ku banyagihugu, wongere utume abarwizatunga boroherwa kurangura no kurungika ibidandazwa hanze y’igihugu .

‼️Abanyamwema ntiborohewe🛑Bamwe mu bagendana ubumuga bwo ku rukoba (abanyamwema) bahura n’intambamyi zitandukanye. Zimwe...
29/01/2025

‼️Abanyamwema ntiborohewe

🛑Bamwe mu bagendana ubumuga bwo ku rukoba (abanyamwema) bahura n’intambamyi zitandukanye. Zimwe muri zo ni umutekano wabo uhungabanywa, gukumirwa mu kibano hamwe no kwicwa.

👆Ivyo Bivugwa na Anicet Bangirinama aserukira ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi (A.S.F.), aho asigura ko bamwe muri abo bagendana ubumuga bwo ku rukoba bashoboye kubaho baca bafatwa nabi mu kibano ibituma bataja mu mashure kwiga, n’abashobora kwiga ntibashobore guheza amashure.

👤Bangirinama amenyesha kandi ko bahanzwe n’ikibazo c’ubugwayi bwo kutabona hamwe n’ingwara zo mu rukoba, amenyesha kandi yuko iyo bataronse imiti bashobora kugwara ingwara ya kanseri (cancer).

📌Uwo arongoye A.S.F asaba Reta gushiraho amategeko abakingira ariko kandi bagashirwa mu nzego zifata ingingo kugirango baronke uburenganzira co kimwe n’abandi barundi.

28/01/2025

Kiyeboyebo classic umuhungu w'umurundi akina ama film akongera agakora utureresi twogutwenza kuri TIKTOK. Yaratwiganiye ukuntu abikora hamwe n'uburyo ahora abikuramwo amafaranga.

Ikiganiro cose ugisanga kuri iyi link https://youtu.be/_eakFTUupfc

Abarundi 462 bari muri Amerika batagira impapuro zikwiye zo kubayo bagiye kwirukanwa🛑Iyimikwa rya prezida Donald Trump a...
28/01/2025

Abarundi 462 bari muri Amerika batagira impapuro zikwiye zo kubayo bagiye kwirukanwa

🛑Iyimikwa rya prezida Donald Trump atwara Reta zunze ubumwe za Amerika ryazananye impinduka nyinshi harimwo no kwirukana abantu baba muri ico gihugu, batagira impusha zo kuhaba canke zibaranga bava mu mihingo yose yo kw’Isi

📋 Urutonde rwashizwe ahabona mu kwezi kwa Munyonyo 2024 rwerekana ko abantu barenga umuriyoni (1 445 549) ari bo bari bamaze kumenyekana ko bategerezwa kwirukanwa, kuko ata ruhusha na rumwe bafise. Muri abo, abarundi bagera ku 462.

🚨Imyaka 12 iraheze isoko nkuru ya   ihiye, hari ku w’Imana itariki 27/01/2013🛑Ikigo cishinze kugwanya igiturire   gisaba...
27/01/2025

🚨Imyaka 12 iraheze isoko nkuru ya ihiye, hari ku w’Imana itariki 27/01/2013

🛑Ikigo cishinze kugwanya igiturire gisaba Reta gukurikirana uko ibikorwa vyisubirwamwo vy'isoko nkuru ya Bujumbura biriko biragenda mu gihe kw'igenekerezo rya 02 Nyakanga hari hashinzwe umukono ku masezerano hagati y'ishirahamwe na Reta mu ntumbero yo kwubaka isoko mpuzamakungu yiswe "Buja City Plaza" mu kibanza cahozemwo isoko ya kera.

📌Mugihe haheze imyaka 12 isoko nkuru ya Bujumbura ihiye, kuri uyu wa 27/1/2024 uwurongoye ikigo OLUCOM Gabriel RUFYIRI, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyeshejeko OLUCOME isaba abadandaza mu masoko atandukanye kuja mu mashirahamwe y'ubwishingizi, gushira mumasoko ibizimyamwoto. Ryongera rigasaba Reta gushiraho umugwi wigenga wokwiga ibijanye no gukingira amasoko n'uwofasha kuraba impamvu yatumye amasoko asha.

👆Olucome ibandanya isaba abagize komite yababuriye ivyabo muri iyo soko kuja hamwe bakaraba ko boshiramwo imitahe kugirango abadandaza 5000 baburiye ivyabo muri iyo soko bazobe mubambere bazoronswa ibibanza bitoreye.

🚨Umugwi wa   wigaruriye umuji wa   wo muri Congo🛑Mu masaha 48 haritezwe inama ihuza abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuse...
27/01/2025

🚨Umugwi wa wigaruriye umuji wa wo muri Congo

🛑Mu masaha 48 haritezwe inama ihuza abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC). Iyi nama intumbero yayo nk’uko bishikirizwa na, William Samoei Ruto, umukuru w’igihugu ca Kenya, akaba ari na we arongoye uwo muryango, ni iyo kwiga ikibazo c’umutekano uguma uhungabana uko bukeye uko bwije mu buseruko bwa RD Congo.

⚠️Ni inyuma y’aho abagwanyi b’umuhari wa M23 baraye batangaje ko bamaze gufata igisagara ca Goma.

25/01/2025

YM Mu*ik +257 bagarutse kuyindi mpwemu idasanzwe ku ndirimbo yabo bise ''umutima'', bimwe muvyo twayaze baratubwiye icatumye bahagarika umudiho wa rap hamwe nibindi vyinshi vyerekeye ibikorwa bashaka gukora.

Fyonda kuri iyo link kugira urabe ikiganiro cose https://youtu.be/rOY-K_aU_i4

🚨Imyaka 7 iraheze hatanguye guhimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe indero (éducation)📚Uko umwaka utashe kw’igenekerezo ...
24/01/2025

🚨Imyaka 7 iraheze hatanguye guhimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe indero (éducation)

📚Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 24 nzero harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe indero.

👆Uwo munsi mpuzamakungu wemejwe ku mu garagaro mu mwaka wa 2018 n’inama nkuru ya uca utangura guhimbazwa mu mwaka wa 2019 igenekerezo rya 24 Nzero

✍️Uwo munsi mpuzamakungu washizweho mu ntumbero yo kwerekana uruhara indero ifise mu bijanye n’amahoro n’iterambere. Uwo munsi kandi washizweho mu ntumbero yo kwerekana uruhara indero ifise mu bijanye n’iterambere rirama, gushigikira ama Reta mu gushira umutahe mu bijanye n’indero hamwe no gutsimbataza indero idakumira.

‼️Ariko rero nubwo biruko haracibonekeza utunenge tumwe tumwe murico gisata aho twovuga nk’ubukene bw’abigisha bwibonekeza mu bice bimwe bimwe, ubukene bw’intebe zo mu mashure, ubukene bw’ibikoresho mfasha nyigisho, n’ibindi.

🚨Umuririmvyi Vania Ice azoserukira uburundi muri Amerika⏮️Mu gice c’ikinjana gishize, umu*iki wa hip-hop warateye imbere...
24/01/2025

🚨Umuririmvyi Vania Ice azoserukira uburundi muri Amerika

⏮️Mu gice c’ikinjana gishize, umu*iki wa hip-hop warateye imbere cane atari mu buryo bwawo gusa ariko kandi no mu bushobozi bwawo bwo gusangira inkuru n’ubutumwa bihambaye no mu bushobozi bwawo bwo gutuma abantu bahinduka . N’ubwo hip-hop yakomotse muri Amerika, yarakunzwe kw’isi yose kandi yarakoze nk’igikoresho co kuganira ku bibazo bihambaye no gusangira ivyiyumviro bidasanzwe.

📆Ku wa 15 Ndamukiza 2024, ikigo mpuzamakungu ca Meridian carakiriye abanyamwuga 22 bo kw’isi yose mu nama y’indwi zibiri y’uburongozi bw’abash*tsi mpuzamakungu (IVLP) muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

👆Uwo mugwi wari ugizwe n’abaririmvyi, abavyina, abandika ivyese hamwe n’aba DJ barondera gukoresha akazi kabo mu guhindura imibano mu kibano cabo. Iyo porogarama yatanze akaryo kadasanzwe ko kumenya inkomoko y’umu*iki wa hip-hop be n’uturyo two gukoresha umu*iki n’ugukora nk’uburyo bwo guhindura imibano

📌Kuva itariki 08 Ruhuhuma gushika itariki 03 Ntwarante, umuririmvyi Vania Ice yaratumiwe muri porogame yitwa Hip-hop and civic engagement izobera muri Amerika

🚨Urudandazwa rw'amahera adafadika bita "cryptomonnaie" ntirwemewe mu   👆Nsabiyumva Simplice, umuyobozi w'igisata co gucu...
24/01/2025

🚨Urudandazwa rw'amahera adafadika bita "cryptomonnaie" ntirwemewe mu

👆Nsabiyumva Simplice, umuyobozi w'igisata co gucungera ama banki no kudahungabana kw'ubutunzi wo mw'ibanki nkuru y'igihugu BRB, yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyehashamakuru kuri uyu wa 24 Nzero.

👤Uwo muyobozi avuga ko ata mategeko ahari agenga urwo rudandazwa mu Burundi : "Abantu babikora bakora ibikorwa bidafise amategeko ngenderwako. Kandi kw'isi biriko birarwira, ariko igihugu cose gifise ukuntu kibitahura n'ingene kibikora. Ng'aha iwacu mu Burundi rero ku bijanye n'amategeko, ntarajaho. Abavuga ngo bizogenda uku n'uku canke abantu babikora bamenye ko bakora ibintu ata mategeko abigenga ahari".

‼️Uwo muyobozi avuga ko abazobihomberamwo batovuga ko batagabishijwe kuko yatanguye gusohora itangazo ribibuza guhera mu 2019. Ababizana aha mu Burundi na bo nyene ni ukumenya ko ibintu vyose bijanye n'amahera biteregzwa guca muri kuko ari yo ishiraho amategeko y'uko bitegerezwa gukora. Asigura ko mu gihe ata tegeko rihari abo bantu batemerewe gukora urwo rudandazwa.

📌Ivyo vyashikirijwe mu gihe hari ishirahamwe ryitwa, Miltech Ecosystem company, riherutse kuvuga ko ritanguje ibikorwa bijanye na , aho ryavuga ko ryanditswe mu kigo . Ico kigo kikaba camenyesheje ko mu vyo iryo shirahamwe ryari ryandikishije ko rizokora ivyo vya "cryptomonaie" bitari birimwo.

´

🚨Ikiza c’ibihara vy’inkende   cahitanye umuntu🛑Ku wa 25 Mukakaro 2024 niho indwara ya Mpox yatangajwe ko ari ikiza catey...
23/01/2025

🚨Ikiza c’ibihara vy’inkende cahitanye umuntu

🛑Ku wa 25 Mukakaro 2024 niho indwara ya Mpox yatangajwe ko ari ikiza cateye mu n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu

🦠Inyuma y'amezi atandatu iyo ndwara iteye, umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Baradahana Liduine yavuze ko gushika ku wa 19 Nzero 2025 hari abantu : 1 yahitanywe n'iyo ndwara, 3236 bamenyekanye mu gihugu cose ko banduye iyo ndwara, 207 bari mu bitaro bariko baravurwa, 3029 baravuwe barakira

👆Ivyo vyatangajwe mu nama y'abafatanya kurwanya ico kiza mu gihugu yabereye ku murwa mukuru wa poritike Gitega. Ku burere bw'ubuvu*i 46 bwari bwibonekejemwo indwara y'ibihara vy'inkende, aho isigaye irangwa ni mu burere 15.

✍️Muri iyo nama bagerageje kwigira hamwe igituma iyo ndwara imaze amezi 6 itararwanywa burundi, Baradahana yabwiye abayitavye kwibaza ibibazo bitari bike vyo kuraba ko ingingo zafashwe mu kuyirwanya zabaye nyazo canke zashizwe mu ngiro neza

💸Miriyoni 14.5 z'ama dorari niyo yari yagereranijwe ko akenewe mu kurwanya ico kiza, ariko umushikiranganji yamenyesheje ko ayemewe yahavuye aruta ayo

⚠️Uwuserukira mu Burundi ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS, Xavier Crespin, yaciye aboneraho guhamagarira abajejwe amagara y'abantu mu Burundi kuba bararondera uburyo bwo kwitegurira guhangana n'ikiza ca Marburg kivugwa mu gihugu kibanyi ca Tanzania.

22/01/2025

Mbega aya mashengero batamba ivumbi rikaduga bagataha barwaye grippe nawe woba uyazi?🤣😂

Ikiganiro cose kiri ngaha https://youtu.be/KT32l5Hbdu4

🚨Umukozi wa Reta wese azofatirwa mu kabare mu masaha y’akazi azoca ahagarikwa hanyuma ajanwe mu kibanza kimubereye👆Ivyo ...
22/01/2025

🚨Umukozi wa Reta wese azofatirwa mu kabare mu masaha y’akazi azoca ahagarikwa hanyuma ajanwe mu kibanza kimubereye

👆Ivyo bizotangura guhera ejo igenekerezo rya 23 Nzero 2025, bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Martin Niteretse.

📌Mu kiyago yagiranye n’abarundi n’abamenyeshamakuru ku wa 27 kigarama 2024, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yari yagabishirije abakozi ba Reta bata akazi bakigira kunywa utuyoga.

⁉️Musomyi iyi ngingo uyakiriye gute?

Address

Avenue De La Révolution, Numéro 20A

Telephone

+25767021017

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when B-EYE TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to B-EYE TV:

Videos

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Videos
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share