Buja2day.com

Buja2day.com Ikinyamakuru

Umutambukanyi wa Gen.Evariste Ndayishimiye,avuga ko yabonye igitangaza  c'Imana cerekana amahoro k'uBurundi.Mu rugendo y...
26/02/2020

Umutambukanyi wa Gen.Evariste Ndayishimiye,avuga ko yabonye igitangaza c'Imana cerekana amahoro k'uBurundi.

Mu rugendo yaramazemwo imisi 7 mu gihugu c'ubutaliyano,Angelina Ndayubaha,umutambukanyi wa Gen.Evariste Ndayishimiye,azoserukira umugambwe CNDD-FDD, mu matora ya 2020 mu kibanza c'umukuru w'igihugu,yamenyesheje ko yabonye igitangaza c'Imana cerekana amahoro ku gihugu c'uBurundi,aho kw'igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020,mu gihe yari kuri Cathedrale yo mu gisagara ca Milan ngaho mugihugu c'ubutaliyano yasanze yazungurutswe n'Inuma nyinshi.

Valentin Nyandwi,yize amashure afashijwe n'ishirahamwe Fondation Buntu,risanzwe rirongowe n'umutambukanyi w'umukuru w'ig...
26/02/2020

Valentin Nyandwi,yize amashure afashijwe n'ishirahamwe Fondation Buntu,risanzwe rirongowe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Deniza Nkurunziza,yibutse gushima.

Aherekejwe n'umukenyezi wiwe,Valentin Nyandwi yakiriwe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Deniza Nkurunziza,akaba yari yaje gushima kuba ishirahamwe arongoye ryarashoboye kumufsha ariga amashure gushika aheze na Kaminuza.

Kubera ubusaza,uwiyamamariza kurongora igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika yaraye atangaje abatari bake aho yibagira...
26/02/2020

Kubera ubusaza,uwiyamamariza kurongora igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika yaraye atangaje abatari bake aho yibagira amatora n'ikibanza ariko ariyamamarizamwo.

Joe Biden,umutama w’imyaka 77 y’amavuka,asanzwe ava mu mugambwe waba democrates,ndetse...

Ca kiza c'indwara ya Coronavirus kimaze imisi gisasika inganda mu gihugu c'ubushinwa ,casubiriye kwibonekeza muri kimwe ...
26/02/2020

Ca kiza c'indwara ya Coronavirus kimaze imisi gisasika inganda mu gihugu c'ubushinwa ,casubiriye kwibonekeza muri kimwe mu bihugu vyo k'umugabane wa Africa .

Ikiza c’indwara ya Coronavirus kimaze imisi gisasika inganda mu bihugu...

Igihugu c'ubushinwa cafashe ingingo yokubuza gufungura no kudandaza inyama z'ibikoko vyo mwishamba kubera ikiza Coronavi...
25/02/2020

Igihugu c'ubushinwa cafashe ingingo yokubuza gufungura no kudandaza inyama z'ibikoko vyo mwishamba kubera ikiza Coronavirus.

Kuva kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2020,inyama z'ibikoko vyo mwishamba ntizemerewe kuribwa canke kudandazwa kubutaka bw'igihugu c'ubushinwa.

Reta y'ubushinwa ikaba yafashe iyo ngingo mu ntumbero yokugerageza kwikingira ikiza ca Coronavirus,kuko abahinga muvy'ubuvuzi bavuga ko,iyo ndwara yoba yatewe nogufungura inyama z'ibikoko bimwe bimwe vyo mwishamba na cane cane,ubuhungarema,inzoka hamwe n'ibindi bikoko bitari bike biguruka vyoba bifise imigera y'indwara ya Coronavirus.

Jadot Nkurunziza yashikirije nyenicubahiro Petero Nkurunziza,agashimwe aherutse kuronka.Kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya...
25/02/2020

Jadot Nkurunziza yashikirije nyenicubahiro Petero Nkurunziza,agashimwe aherutse kuronka.

Kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020,Jadot Nkurunziza,asanzwe amenyerewe mu gukingira ibidukikije,yashikirije,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,umukuru w'igihugu c'uBurundi,agashimwe aherutse guhabwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU,kubera utwigoro tudasanzwe afise twogukingira ibidukikije.

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD,Gen.Evariste Ndayishimiye ,asaba Jeremie Ngendakumana yahoze arongoye uwo muga...
25/02/2020

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD,Gen.Evariste Ndayishimiye ,asaba Jeremie Ngendakumana yahoze arongoye uwo mugambwe,guhunguka aciye munzira zemewe n'amategeko,akareka guca mukinywabi.

Fyonda kw'ifoto wumvirize amajwi ya Gen.Evariste Ndayishimiye.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD,Gen.Evariste Ndayishimiye,asaba Jeremie Ngendakumana n’abandi barikumwe guhunguka...

Umutegetsi akomeye cane mu gihugu ca Iran ,ibipimo vyaraye vyerekanye ko yamaze kwandura ikiza ca Coronavirus,ndetse mur...
25/02/2020

Umutegetsi akomeye cane mu gihugu ca Iran ,ibipimo vyaraye vyerekanye ko yamaze kwandura ikiza ca Coronavirus,ndetse muri ico gihugu ubwoba akaba ari bwinshi cane uravye umuvuduko ico kiza cazananye.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Irani,ibipimo vyaraye...

Akarwi k'abagizi banabi karaye gasambuwe mu ntara ya Bujumbura,mu makomine ya Isare na Nyabiraba.Amakuru atangwa n'inzeg...
25/02/2020

Akarwi k'abagizi banabi karaye gasambuwe mu ntara ya Bujumbura,mu makomine ya Isare na Nyabiraba.

Amakuru atangwa n'inzego zijejwe umutekano mu Burundi,amenyesha ko,inzego z'umutekano zishe abagizi ba nabi 22,inkoho 12 zikaba zarafashe,inkozi z'ikibi 6 zikaba ziri mu minwe y'igipolisi,grenade imwe ikaba yarafashwe hamwe n'ibikoresho 2 bakoresha mu guhanahana amakuru (Radios Emetteurs Recepteurs).

Igipolisi kikaba camenyesheje ayo makuru,inyuma yaho k'umusi w'Imana havugiwe ko hari umurwi w'abarwanyi wariko uratana mu mitwe n'inzego z'umutekano muri komine ya Nyabiraba.

Abakoresha terefone za Android amasaha y'akazi bafatiwe ibihano.Ubuyobozi bw'ibitaro bikuru vy'itiriwe umwami Kalhed (Ho...
25/02/2020

Abakoresha terefone za Android amasaha y'akazi bafatiwe ibihano.

Ubuyobozi bw'ibitaro bikuru vy'itiriwe umwami Kalhed (Hopital Roi Khaled),biri mu gisagara ca Bujumbura ,bwaraye bufatiye ingingo ruhasha abantu bose bakoresha terefone zo mu bwoko bwa Android mu masaha y'akazi.

Urwo rwandiko rumenyesha ko,umukozi wese akorera kuri ivyobitaro kizira kikaziririzwa ko azosubira gukoresha iterefone yo mu bwoko bwa Android mu masaha y'akazi,ndetse uwuzofatwa wese akazoca yakwa iyo terefone,bibaye ngombwa naho n'ibindi bihano bikurikire.

Ubuyobozi bw'ivyo bitaro bukaba bumenyesha ko bwafashe iyo ngingo kubera ko vyari bimaze kwibonekeza ko hari abakozi bakora akazi nabi kubera ugusamarira terefone,bishinga bayaga n'incuti n'abagenzi kuri Whatsap.

Tubibutse ko,abakozi bose bemerewe kubandanya bakoresha uduterefone duto duto dusanzwe kugira bashobore kuvugana n'ababo mugihe biba bikenewe.

Mbega kubwawe iyo ngingo wayakiriye gute??

Hosni Moubarak,yahoze ari umukuru w'igihugu ca Egypte yaryamiye ukuboko kw'abagabo.Mugatondo ko kuruyu wa kabiri,igeneke...
25/02/2020

Hosni Moubarak,yahoze ari umukuru w'igihugu ca Egypte yaryamiye ukuboko kw'abagabo.

Mugatondo ko kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020,akaba ariho vyamenyekana ko Hosni Moubarak yitavye Imana.

Hosni Moubarak akaba yari yavuye k'ubutegetsi muri ico gihugu ca Egypte mu mwaka wa 2011,inyuma y'imyiyerekano ikomeye yabaye muri ico gihugu.

Nyakwigendera akaba ashengeye afise imyaka 91 y'amavuko.

Agakuru keza kubakunzi b'Intamba mu rugamba.Umukinyi Saido Ntibazonkiza agiye kugaruka mu murwi nserukira gihugu w'uBuru...
25/02/2020

Agakuru keza kubakunzi b'Intamba mu rugamba.

Umukinyi Saido Ntibazonkiza agiye kugaruka mu murwi nserukira gihugu w'uBurundi,Intamba mu Rugamba hamwe umumenyereza yobona ko akenewe.

Nkuko biri mu rwandiko rw'ishirahamwe rijejwe inkino z'umupira w'amaguru mu Burundi FFB,iryo shirahamwe ryakuye ibihano vyose vyari vyafatiwe abakinyi bari bagirijwe kwitwara nabi mu mwaka wa 2015 mu gihe uBurundi bwakina n'igihugu ca Ile Maurice.

Ishirahamwe FFB rikaba ryasavye umumenyereza w'umurwi nserukira gihugu w'uBurundi,ko hamwe yobona ko bikenewe yohamagara abakinyi bose abona ko bakenewe muri uwo murwi kuko abari bafatiwe ibihano ico gihe babikuweko .

N'akahe kajambo woshikiriza kuri iyo ngingo ya FFB???

Gen.Evariste Ndayishimiye,azoserukira umugambwe CNDD-FDD,mu matora ya 2020,mukibanza c'umukuru w'igihugu c'uBurundi,niwe...
25/02/2020

Gen.Evariste Ndayishimiye,azoserukira umugambwe CNDD-FDD,mu matora ya 2020,mukibanza c'umukuru w'igihugu c'uBurundi,niwe yabaye uwa mbere yashikanye dossier yiwe mu murwi w'igihugu wigenga ujejwe gutegura matora CENI.

Gen.Evariste Ndayishimiye,yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD,kugira aze aserukire uwo mugambwe mu...

Ikivuko ca Bujumbura kigiye gusubirwamwo kubakwa ndetse gishirwemwo ubuhinga bushasha bugezweho muntumbero yo kworoherez...
25/02/2020

Ikivuko ca Bujumbura kigiye gusubirwamwo kubakwa ndetse gishirwemwo ubuhinga bushasha bugezweho muntumbero yo kworohereza uruja n'uruza rw'ibidandazwa .

Nkuko biri mu masezerano y’imfashanyo yateweko umukono hagati ya reta...

Umushingamateka w'umurundikazi niwe yatowe kugira arongorre ivyimfata kibanza,Inama Nshingamateka EALA y'ibihugu bize um...
24/02/2020

Umushingamateka w'umurundikazi niwe yatowe kugira arongorre ivyimfata kibanza,Inama Nshingamateka EALA y'ibihugu bize umuryango wa Africa y'ubuseruko EAC.

Umurundikazi niwe yotowe kugira ashobore kuba ararongoye ivyimfata kibanza,Inama Nshingamateka...

Umukuru w'igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump,yemereye kuronsa igihugu c'ubuhinde,ibikorwanisho bikomey...
24/02/2020

Umukuru w'igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump,yemereye kuronsa igihugu c'ubuhinde,ibikorwanisho bikomeye vy'intambara ico gihugu kitari bwaronke kuva kibaho.

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump,yemereye igihugu...

Ikigo c'igihugu kijejwe gukingira ibidukikije OBPE (Office Burundais pour la Protection de l'Environnement),cakuye mu nt...
24/02/2020

Ikigo c'igihugu kijejwe gukingira ibidukikije OBPE (Office Burundais pour la Protection de l'Environnement),cakuye mu ntara ya Rumonge ingona 2 zari zisanzwe zitunzwe bidaciye mu mategeko,n'umunyagihugu atari abifitiye uburenganzira.

Izo ngona 2 zikaba zaciye zijanwa gushirwa muri Rusizi,aho zizobaho zisanzuye kuko ivyo bikoko bitagenewe kubana n'abantu,ndetse zikaba zari zisanzwe zigaburirwa ibidahuye nivyo zategerezwa gufungura.

Umumenyeshamakuru yafunzwe mu gihugu ca Tanzaniya agateza impari zitari nke,yarekuwe inyuma y'amaezi ashika indwi afunzw...
24/02/2020

Umumenyeshamakuru yafunzwe mu gihugu ca Tanzaniya agateza impari zitari nke,yarekuwe inyuma y'amaezi ashika indwi afunzwe.

Eric Kabendera,umumenyeshamakuru yafunzwe agateza impari nyinshi mu gihugu ca Tanzaniya...

Abarwanyi 12 baraye baguye mugitero.Nkuko bimenyeshwa na Musitanteri Ferdinand Simbananiye asanzwe arongoye komine Nyabi...
24/02/2020

Abarwanyi 12 baraye baguye mugitero.

Nkuko bimenyeshwa na Musitanteri Ferdinand Simbananiye asanzwe arongoye komine Nyabiraba iri mu ntara ya Bujumbura,inyuma yaho umurwi w'abarwanyi utaniye mu mitwe n'abajejwje umutekano kuruyu w'Imana,igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2020,abarwanyi bashika 12 barishwe n'inzego z'umutekano,umupolisi umwe nawe nyene yarahasize ubuzima,umunyagihugu umwe yarakomeretse,inkoho 6 zirafatwa ndetse hakaba harafashwe n'abarwanyi 2 muri abo bateye.

Muntumbero yokwimenyekanisha bikwiye,Donald Trump,yaguze ibibanza vyose vyo kumenyekanisha ibintu (Publicite ) vya Youtu...
22/02/2020

Muntumbero yokwimenyekanisha bikwiye,Donald Trump,yaguze ibibanza vyose vyo kumenyekanisha ibintu (Publicite ) vya Youtube,k'umusi w'amatora y'umukuru w'igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Fyonda kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Muntumbero yo kwimenyekanisha bikwiye,Donald Trump,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe...

Mugihe abashaka kurongora reta zunze ubumwe za Amerika batanguye kwiyamamaza,umwe mubiyamamaza yaraye amenyesheje ko,igi...
22/02/2020

Mugihe abashaka kurongora reta zunze ubumwe za Amerika batanguye kwiyamamaza,umwe mubiyamamaza yaraye amenyesheje ko,igihugu c'uburusiya gifise umugambi wo kubiba amacakubiri n'urwanko mubanyamerika kugira bacanemwo,igihugu kije munryane.

Fyonda kwifoto wisomere inkuru irambuye.

Umunyeporitike ariko ariyamamariza kurongora igihugu ca reta zunze ubumwe za...

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika carungitse ingabo nyinshi mu myimenyerezo ya OTAN,uburusiya bugira amakenga .Fyo...
21/02/2020

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika carungitse ingabo nyinshi mu myimenyerezo ya OTAN,uburusiya bugira amakenga .

Fyonda kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Inyuma y’imyaka 25 iheze,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika...

Inyuma yaho kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020 bakubitiwe bagashaya n'ingabo z'uburusiya,bahisemwo gutabaza...
21/02/2020

Inyuma yaho kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020 bakubitiwe bagashaya n'ingabo z'uburusiya,bahisemwo gutabaza igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kugira kibafashe kibahe iki kirwanisho kugira bashobore kwicungera no kwivuna umwansi.

Fyonda kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Inyuma yaho kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020,ingabo z’igihugu...

Umukuru w'igihugu ahejeje kugabana.!!!Muntumbero yo gukengurukira,umukuru w'igihugu c'uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkur...
21/02/2020

Umukuru w'igihugu ahejeje kugabana.!!!

Muntumbero yo gukengurukira,umukuru w'igihugu c'uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,abakozi b'Imana bahurikiye mw'ishirahamwe MAC (Ministere Africain de Compassion),bamugabiye Inka 2 hamwe n'impene 6.

Ivyo bikaba bibaye,inyuma yaho mu gatondo ko kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2020,umukuru w'igihugu c'uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza akoresheje inama abo bakozi b'Imana kubijanye no gukunda hamwe no kuzirikana igihugu c'uBurundi.

Umukuru w'igihugu c'uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yaraye asohoye kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2...
21/02/2020

Umukuru w'igihugu c'uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yaraye asohoye kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020 ,itegeko rihamagarira Abarundi kwitabira amatora kw'igenekerezo rya 20 Rusama 2020.

Kuri iryo genekerezo rya 20 Rusama 2020 ,hazoba amatora y'umukuru w'igihugu,ayabashingamateka hamwe n'ayabarongoye inama mpanuzwa jambo z'amakomine,

Abagize inama mpanuzwa jambo z'amakomine bazoba batowe kw'igenekerezo rya 20 Rusama 2020,bazoca bakorana kw'igenekerezo rya 20 Mukakaro 2020,kugira batore abakenguzamateka,ndetse ico gikorwa kikazobera kumirwa mikuru y'intara zose,aho bazotora abazoserukira Abarundi munama Nkenguzamateka.

Umubano mubi wibonekeza hagati y'igihugu c'uRwanda kirongowe na Paul Kagame,hamwe n'igihugu ca Uganda kirongowe Yoweri M...
21/02/2020

Umubano mubi wibonekeza hagati y'igihugu c'uRwanda kirongowe na Paul Kagame,hamwe n'igihugu ca Uganda kirongowe Yoweri Museveni,watumye abandi bakuru b'ibihugu bibiri bahaguruka baza kubafasha kugerageza gutora umuti.

Fyonda ngaha kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Umubano mubi wibonekeza hagati y’igihugu c’uRwanda hamwe n’igihugu ca Uganda,watumye...

Nyenicubahiro,umukuru w'igihugu c'uBurundi,Petero Nkurunziza,yakoresheje inama yogukunda no kuzirikana igihugu,abakozi b...
21/02/2020

Nyenicubahiro,umukuru w'igihugu c'uBurundi,Petero Nkurunziza,yakoresheje inama yogukunda no kuzirikana igihugu,abakozi b'Imana bahurikiye mw'ishirahamwe MAC (Ministere Africain de Compassion).

Muri iyo nama yabereye mu gisagara ca Bujumbura kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 21 Ruhuhuma,yitabwe n'abakozi b'Imana batari bake,harimwo n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Deniza Nkurunziza.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza,bworohereje abantu bipfuza kurondera urupapuro rwa Extrait du casier...
21/02/2020

Ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza,bworohereje abantu bipfuza kurondera urupapuro rwa Extrait du casier judiciaire rwerekana ko umuntu aronderwa n'ubutungane canke ataronderwa n'ubutungane.

Fyonda ngaha kw'ifoto umenye ingene wobigenza vyoroshe.

Reta y’uBurundi,ibicishije mubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza,yashizeho ubuhinga bushasha...

Gen.Evariste Ndayishimiye,azoserukira umugambwe CNDD-FDD,mukibanza c'umukuru w'igihugu,mu matora ya 2020,yakiriye intumw...
21/02/2020

Gen.Evariste Ndayishimiye,azoserukira umugambwe CNDD-FDD,mukibanza c'umukuru w'igihugu,mu matora ya 2020,yakiriye intumwa z'umuryango w'ibihugu bigize Africa y'ubuseruko EAC.

Izo ntumwa zahawe umubonano na Gen.Evariste Ndayishimiye,zari zirongowe n'umunyamabanga mukuru w'umuryango w'ibihugu bigize Africa y'ubuseruko EAC,bwana Amb.Liberat Mpfumukeko,akaba yari yaherekejwe n'icegera ciwe,Steven Mlote .

Twobibutsa ko,hari haheze umusi umwe gusa yakiriye izindi ntumwa zivuye mu gihugu ca Africa yepfo.

Umunyororo wo guherayo,nico gihano sentare yaciriye  abigeme 3 b'abanyeshure bagirizwa gufadikanya n'uwundi mwigeme mugu...
20/02/2020

Umunyororo wo guherayo,nico gihano sentare yaciriye abigeme 3 b'abanyeshure bagirizwa gufadikanya n'uwundi mwigeme mugukorora inda no guta umwana mukazu ka sugumwe..

Abo banyeshure bakaba bahora b**a kw'ishure rikuru ryitiriwe Musenyeri Bernard Bududira riri mu ntara ya Bururi.

Abo bigeme b'abanyeshure bakaba bari bafashwe kuruyu w'Imana,igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2020, n'igipolisi bagirizwa kuba barafashije umwigeme mugenzi wabo gukuramwo inda,umwana baca bamuta mukazu ka sugumwe.

Hari umugabo yishe abana biwe 4 abahora ko nyina wabo (umugore wiwe ) baribasanzwe babana yamwanduje umugera ruhonyangan...
20/02/2020

Hari umugabo yishe abana biwe 4 abahora ko nyina wabo (umugore wiwe ) baribasanzwe babana yamwanduje umugera ruhonyanganda SIDA.

Fyonda kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Mugihugu ca Africa yepfo,umugabo yishe abana biwe bane,abahora ko nyina...

Inyuma y'umusi umwe gusa batangaje ko bagiye guhangana vyanka vyakunda n'ingabo z'uburusiya zisanzwe zibereye mu gihugu ...
20/02/2020

Inyuma y'umusi umwe gusa batangaje ko bagiye guhangana vyanka vyakunda n'ingabo z'uburusiya zisanzwe zibereye mu gihugu ca Syriya barashwe birakomera gushika aho bomoka.

Fyonda ngaha kw'ifoto wisomere inkuru yose.

Inyuma y’umusi umwe gusa abasirikare b’igihugu ca Turikiya bamenyesheje ko...

Umushikiranganji w'uBurundi ajejwe uburimyi n'ubworozi,Dr Deo Guide Rurema,yatanguje isekeza ryo gusoroma ikawa.Ibikorwa...
20/02/2020

Umushikiranganji w'uBurundi ajejwe uburimyi n'ubworozi,Dr Deo Guide Rurema,yatanguje isekeza ryo gusoroma ikawa.

Ibikorwa vyo gutanguza isekeza ryo gusoroma ikawa,umushikiranganji Dr Deo Guide Rurema akaba yabitangurije mu ntara ya Cibitoke,muri komine ya Murwi,k'umutumba wa Muzenga,kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020,aho yafashije mugusoroma ikawa m'umurima uri ngaho kuri uwo mutumba.

Mwokwibuka ko,ibijanye n'igiterwa c'ikawa,reta iherutse kuvyifatira mu minwe,aho amashirahamwe yigenga yahora akorera muri ico gisata c'ikawa yose yahagaritswe.

Mubijanye no kwitegurira intambara,hari ibhugu bibiri bimaze kurenga ibindi bifise ibirwanisho bitanu bishobora gusambur...
20/02/2020

Mubijanye no kwitegurira intambara,hari ibhugu bibiri bimaze kurenga ibindi bifise ibirwanisho bitanu bishobora gusambura isi bikayihindura umunyota mukanya gato cane.

Fyonda ngaha kw'ifoto umenye ivyo bihugu hamwe nivyo birwanisho bafise.

Nkuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru “The National Interest”,co mu gihugu ca reta...

Bitangaje cane,mu gihugu c'ubudage (Allemagne),umukenyezi w'imyaka 35 y'amavuko kandi afise abana niwe yatowe nk'umwigem...
20/02/2020

Bitangaje cane,mu gihugu c'ubudage (Allemagne),umukenyezi w'imyaka 35 y'amavuko kandi afise abana niwe yatowe nk'umwigeme mwiza gusumvya abandi (Miss),muruyu mwaka wa 2020.
Fyonda kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Mu gihugu c’ubudage (Allemagne),umukenyezi w’imyaka 35 y’amavuko kandi afise n’ikibondo,niwe...

Hari umushingamateka yatowe mu ntara ya Bubanza yavuze amajambo atangaje cane,aho yaneguye,umukuru w'igihugu c'uBurundi,...
20/02/2020

Hari umushingamateka yatowe mu ntara ya Bubanza yavuze amajambo atangaje cane,aho yaneguye,umukuru w'igihugu c'uBurundi,ingene yatwaye igihugu muri iyi myaka 5 iheze.

Fyonda kw'ifoto wumvirize amajwi yuwo mushingamateka.

Umushingamateka yatowe mu ntara ya Bubanza mu mumatora ya 2015,Hon.Fabien...

Mu gihugu ca Uganda abanyagihugu batanguye kurya Inzige atacamira .Wibuke ko inzige zateye mu bihugu nka Kenya ,Somalia ...
20/02/2020

Mu gihugu ca Uganda abanyagihugu batanguye kurya Inzige atacamira .
Wibuke ko inzige zateye mu bihugu nka Kenya ,Somalia ,Djibouti ,Uganda ndetse ubu zikaba zigeze muri Sudan yepfo .

Iyi nkuru ifise ijambo ry’umutwe rigira ngo “uwiyishe ntaririrwa“ yasohowe na   kimwe mu bimenyesha makuru vyegereye ubu...
20/02/2020

Iyi nkuru ifise ijambo ry’umutwe rigira ngo “uwiyishe ntaririrwa“ yasohowe na kimwe mu bimenyesha makuru vyegereye ubutegetsi mu gihugu c’uRwanda kw’igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2020 ,isaha 12 niminota 34 z’umuhingamo ,imbere y’imisi ibiri kugira hatangazwe ko kizito mihigu y’itavye Imana yiyahuye .

Mu masaha yo mugatondo ku musi wambere w’igekerezo rya 17...

19/02/2020

Igihugu ca Turikiya kimaze kumenyesha ko gishobora gutanguza intambara umwanya...

Umutegetsi akomeye mu gihugu kibanyi c'uRwanda yasavye abanyagihugu bo mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi...
19/02/2020

Umutegetsi akomeye mu gihugu kibanyi c'uRwanda yasavye abanyagihugu bo mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,guhagarika kubandanya bavuga ivy'urupfu rwa Kizito Mihigo kubera ko bitabaraba.

Fyonda kw'ifoto wisomere inkuru irambuye.

Amb.Olivier Nduhungirehe,umushikiranganji w’uRwanda,ajejwe ibijanye n’umuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko,yasavye abakongomani...

Address

Rohero

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Buja2day.com posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share

Category



You may also like