
06/12/2024
🌐🟡⚫Poutine & Kim: Aya ni amasezerano y'ikinjana ca 21
Amasezerano yo gufasha hagati y'uburusiya na Koreya ya ruguru avuga y'uko kimwe muri ico gihugu kicinjira mu ntambara ubwo nyene ikindi kizihutira gutabara. Ibihugu vyemeranije guhana ibikoresho vya gisirikare. Moscou na Pyongyang bazofashanya mu kworosha ibihano bafatirwa n'uburengero. Nta gihugu na kimwe muri ibi gishobora gusinya amasezerano nkayo n'ikindi gihugu gikebana na kimwe muri vyo. Ni amasezerano adafise aho azoherera
Mu yandi makuru, ibimenyetso vyinshi vy'uko Ukraine igombe yicare ku meza y'ib**aniro biguma biboneka. Uburusiya buriko burafata ubutaka bunini muri Ukraine. Vyageze aho, Financial Times ivuga y'uko Uburusiya bwazanye ubwato 50 bwo gukora urugamba muri kherson. Biragoye kwiyumvisha ko Ukraine yosubira gutakaza kherson
Yermak, umuhanu*i wa Zelensky yavuze y'uko Uburusiya budashaka ib**aniro. Ngo iyo buje mu b**aniro buba buzanye amategeko busaba ko akurikizwa uko nyene.
Abanyagihugu batanguye kwagiriza Zelensky ubuhemu. Bamwita umukozi wa USA. Ntibumva igituma yemeye kugwana n'igihugu gifise ibigwanisho ruhonyanganda, azi ko atazoyitsinda agaca yongerako gushaka kurungika abana ba 18 ans ku rugamba. Ku bwabo ngo ibi b**aniro vyari kuba imbere y'intambara. Muri Ukraine 16% nibo bipfuza ko Zelensky yosubira kwitoza
Abanyaburaya bafise amakenga ry'ico umukuru w'igihugu nk'uwo azoba. N'ubwo hari abantu bari baramwise intwari, ibintu bishobora guhinduka. I buraya no muri USA barateguye aho azohungishirizwa. Biragoye kuronka ubuhungiro muri USA ku ntwaro ya Trump. Biden yari yarateguye inzu nziza azoruhukiramwo umwotsi wa missiles z'uburusiya ariko ikinyamakuru El Mundo cavuze y'uko amakuru gikura mu ba diplomates avuga y'uko yateguriwe ubuhungiro i buraya
Ariko kandi Olav Sholz igihe aheruka i Kiev yabwiye Zelensky y'uko impunzi ziri mu bufasha abo bitazokunda ko bakora bazoca basubira mu gihugu. Ubudagi ngo buzoshiraho ikigo kijejwe guha akazi impunzi abo bizokwanka bazoca bataha
Dusimbire mu burasizuba bwo hagati aho igisirikare ca Leta vyanse ko kigumana Hama. Basohotse aba rebelles baca barinjira mw'ibohero basohora abanyororo
Biguma vyitezwe ko Iran isabwa ubufasha ngo yinjire mu ntambara nk'uko Irak yaraye muri ibikoze
CNN yavuze y'uko Uburusiya butazokwemera gutakaza mer méditerranée mu bice vya Lattaquié n'ahandi. Nico gituma ngo bashobora kurungika abasirikare 50,000 gufasha ngo abagwanyi ba Hayat Tahrir Al sham ntibahigarurire. Israël yavuze y'uko umupaka ico gihugu na Syrie utegerezwa kuguma ucunzwe
Nasozereye muri Corée du Sud nk'uko mwagumye mubisaba. Hambavu y'abanyagihugu basavye président Yeol kugenda, igiporisi catanguje urubanza kuri président aho kimwagiriza gukoresha iki roberi. Présidént ashobora kurerwa hamwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi na chef d'Etat majoro
Mugire umusi mwiza