𝗦𝗮𝗳𝗮𝗿𝗶 𝗔𝗱𝗼𝗹𝗽𝗵𝗲 𝗠𝗮𝗴𝗮𝘇𝗶𝗻𝗲

  • Home
  • Burundi
  • Kirundo
  • 𝗦𝗮𝗳𝗮𝗿𝗶 𝗔𝗱𝗼𝗹𝗽𝗵𝗲 𝗠𝗮𝗴𝗮𝘇𝗶𝗻𝗲

𝗦𝗮𝗳𝗮𝗿𝗶 𝗔𝗱𝗼𝗹𝗽𝗵𝗲 𝗠𝗮𝗴𝗮𝘇𝗶𝗻𝗲 know my biographie

24/10/2025
24/10/2025
24/10/2025
24/10/2025
24/10/2025
24/10/2025
24/10/2025

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 29 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années impaires_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (6, 19-23)_

Ncuti zanje, Ubu mvuga nk’umuntu kubera intege nke mufise ku kamere kanyu. Nk’uko kera mwahebeye ingingo zanyu gukorera ibiterasoni n’ukuba ibigaba mugacika ibigaba, n’abe ari ko muhebera ubu ingingo zanyu gukorera ubutungane ngo mube beranda. Aho mwari abashumba b’igicumuro ntimwaganzwa n’ubutungane. None, kera icamwa mwakuye kuri vya bikorwa bibamaramaza ubu ni ikihe? Erega, amaherezo yavyo ni urupfu. Ubu ho, ko mumaze gukira ubushumba bw’igicumuro mugashumbira Imana, icamwa mufise n’ibituzanira ubweranda, kandi amaherezo mufise ni ubuzima budahera. Nka ko, ingero y’igicumuro ni urupfu; ingabirano y’Imana ni ubuzima budahera muri Kristu Yezu Umukama wacu.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 1, 1ac.2, 3, 4.6a*

_Icit. Hahiriwe umuntu yizigiye Umukama._

Hahiriwe umuntu ataja ku mohe y’abahemu, agahimbarwa n’amabwirizwa y’Umukama, akama ayazirikana uko bukeye uko bwije.

Asa n’igiti catewe mu kinyotera, hageze cama ivyamwa bihimbaye, amashami yaco ntiyigera ahundagara.

Abahemu bo si uko, haba namba, eka bameze nk’umuguruka utumukanwa n’umuvaga; ariko inzira y’aberanda izwi n’Umukama.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya_*

_Amabwirizwa yawe yose, Mukama, ntiyigera ahinduka; wayashinze ko yama ari ya yandi._

*_Aleluya_*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (12, 49-53)_

*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Jewe naje kuzana umuriro kw’isi kandi nta n’ikindi nshaka atari uko wokwaka. Ntegerezwa kubatizwa, mbere umutima ntuzoja hamwe, ntaronse iyo batisimu. Mbega, mwiyumvira ko nazanywe kw’isi n’ukuhatera umutekano? Eka nyabuna! Ndababwiye ko naje kubateranya. Kuva ubu, inzu ibamwo batanu bazoshira kubiri, batatu batandukane na babiri, babiri na bo batandukane na batatu. Umwana azotandukane na se, se atandukane n’umwana wiwe ; umukobwa azotandukana na nyina, nyina atandukane n’umukobwa wiwe; umukazana azotandukana na inabukwe, inabukwe atandukane n’umukazana wiwe.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

24/10/2025

Iriha ry' amafaranga asigaye kw'ifumbire n'ishwagara kw'irima ry'agatasi,umwaka wa 2026 rizotangura kw'igenekerezo rya 23/10/2025 ,rikazorangira kw'igenekerezo rya 15/11/2025.

24/10/2025
22/10/2025
22/10/2025
21/10/2025

Address

Kirundo

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when 𝗦𝗮𝗳𝗮𝗿𝗶 𝗔𝗱𝗼𝗹𝗽𝗵𝗲 𝗠𝗮𝗴𝗮𝘇𝗶𝗻𝗲 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to 𝗦𝗮𝗳𝗮𝗿𝗶 𝗔𝗱𝗼𝗹𝗽𝗵𝗲 𝗠𝗮𝗴𝗮𝘇𝗶𝗻𝗲:

Share