24/10/2025
*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 29 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années impaires_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (6, 19-23)_
Ncuti zanje, Ubu mvuga nk’umuntu kubera intege nke mufise ku kamere kanyu. Nk’uko kera mwahebeye ingingo zanyu gukorera ibiterasoni n’ukuba ibigaba mugacika ibigaba, n’abe ari ko muhebera ubu ingingo zanyu gukorera ubutungane ngo mube beranda. Aho mwari abashumba b’igicumuro ntimwaganzwa n’ubutungane. None, kera icamwa mwakuye kuri vya bikorwa bibamaramaza ubu ni ikihe? Erega, amaherezo yavyo ni urupfu. Ubu ho, ko mumaze gukira ubushumba bw’igicumuro mugashumbira Imana, icamwa mufise n’ibituzanira ubweranda, kandi amaherezo mufise ni ubuzima budahera. Nka ko, ingero y’igicumuro ni urupfu; ingabirano y’Imana ni ubuzima budahera muri Kristu Yezu Umukama wacu.
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
*IZABURI 1, 1ac.2, 3, 4.6a*
_Icit. Hahiriwe umuntu yizigiye Umukama._
Hahiriwe umuntu ataja ku mohe y’abahemu, agahimbarwa n’amabwirizwa y’Umukama, akama ayazirikana uko bukeye uko bwije.
Asa n’igiti catewe mu kinyotera, hageze cama ivyamwa bihimbaye, amashami yaco ntiyigera ahundagara.
Abahemu bo si uko, haba namba, eka bameze nk’umuguruka utumukanwa n’umuvaga; ariko inzira y’aberanda izwi n’Umukama.
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya, aleluya_*
_Amabwirizwa yawe yose, Mukama, ntiyigera ahinduka; wayashinze ko yama ari ya yandi._
*_Aleluya_*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (12, 49-53)_
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Jewe naje kuzana umuriro kw’isi kandi nta n’ikindi nshaka atari uko wokwaka. Ntegerezwa kubatizwa, mbere umutima ntuzoja hamwe, ntaronse iyo batisimu. Mbega, mwiyumvira ko nazanywe kw’isi n’ukuhatera umutekano? Eka nyabuna! Ndababwiye ko naje kubateranya. Kuva ubu, inzu ibamwo batanu bazoshira kubiri, batatu batandukane na babiri, babiri na bo batandukane na batatu. Umwana azotandukane na se, se atandukane n’umwana wiwe ; umukobwa azotandukana na nyina, nyina atandukane n’umukobwa wiwe; umukazana azotandukana na inabukwe, inabukwe atandukane n’umukazana wiwe.»*
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```