KBC Team

KBC Team Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from KBC Team, Media/News Company, Soweto, Kayanza.

  :Yaciriwe umunyororo w’imyaka 15 n’indishi y’imiliyoni 5Ugupfungwa  imyaka 15, guha se wiwe indishi y' imiriyoni zitan...
25/10/2023

:Yaciriwe umunyororo w’imyaka 15 n’indishi y’imiliyoni 5

Ugupfungwa imyaka 15, guha se wiwe indishi y' imiriyoni zitanu, atayatanze agapfungwa imyaka 25 y'umunyororo w'agaysindikiro akongera akayariha, kuriha bine kw'ijana (4%) vy'izo miriyoni 5 bija mu kigega ca Reta, kwakwa uburenganzira bw'umwenegihugu n'ubwo kuba mu muryango ni vyo bihano sentare nkuru ya Kayanza ihejeje guhanisha Nsabimana Pascal w'imyaka 30 wo ku mutumba Mugera muri zone na komine Kabarore mu ntara ya Kayanza.
Uwo akaba yagiriwe n'icaha co kugerageza kwica yabiteguye se amuvyara kuri uyu wa kabiri ku muhingamo aho yamutemaguje umupanga incuro zitanu kw'izosi, ku bitugu no ku kiganza bapfuye amatati y'amatongo.

Pascal Nsabimana yari yarengukishijwe n'umushikirizamanza wa Republika akukira sentare nkuru y'igihugu ya Kayanza kuri uyu wa gatatu, yaburanye yemera ko yatemaguye se wiwe yamara ko atari yabiteguye ahubwo ko yabaye bwivune mu gihe se wiwe, nyina wiwe, mwenewabo na mushikiwe bari bamuteye bamusanze aho yariko araca ibirembezo ku biti biri mw'itongo se yamuhaye.

Ni mu gihe se yari yaramubwiye ko mu vyo yamuhaye ivyo biti bitarimwo nk'uko vyashikirijwe n'umushikirizamanza. Athanase Niyonyungu yatemaguwe akaba kuva kuri uyu wa kabiri akiriko aravurirwa mu bitaro vya Kayanza.

KBC Team

Yaganutse impore kandi yakiriwe neza.Evariste Ndayishimiye Général Major, yaganutse impore ava mur leta zunzubumwe za Am...
24/09/2023

Yaganutse impore kandi yakiriwe neza.

Evariste Ndayishimiye Général Major, yaganutse impore ava mur leta zunzubumwe za America, akaba yakiriwe kukibuga c'indege n'abagize Leta y'Ubirundi.

Turamuhaye ikaze ritagabanije Inyuma yibihuha vyacanacanyeko biva kunyanka Burundi bavuga ko atohirahira ngo yururukire kukibuga c'indege.

Uburundi bugona buri maaso. Kuko ico abansi bipfuriza igihugu siko abarundi tucipfuza.

Harambe uburundi bwacu bwiza!
Harambe Intwaro nkozi, Intwaro mvyeyi

"Ntakidasanzwe kuvyerekeye Umutekano kucicaro ca radio n'a télévision vy'igihugu"Nibimwe muvyashikirijwe n'ubushikiranga...
16/09/2023

"Ntakidasanzwe kuvyerekeye Umutekano kucicaro ca radio n'a télévision vy'igihugu"

Nibimwe muvyashikirijwe n'ubushikiranganji muvyo mujejwe harimwo gutumatumanako amakuru .

Ati bitandukanye n'ibihuha vyiriwe biracanacanako kumunsi wejo, twagire tubamenyeshe katakidasanzwe mumutekano kuri RTNB kandi mumenyeko umutekano w'iradio nkuru na télévision vy'igihugu Umutekano wavyo usanzwe ucungegwa n'igisirikare c'Igihugu FDNB

"Ntihagire nuwurota! Kuko twomumira mirunzwa!!!"Ivyo nivyashikirijwe n'abasirikare twashoboye kuganira n'abapolisi.Bagiz...
15/09/2023

"Ntihagire nuwurota! Kuko twomumira mirunzwa!!!"

Ivyo nivyashikirijwe n'abasirikare twashoboye kuganira n'abapolisi.

Bagize nti "Mutaama ivyarimwo turabizi! Ntacotuma duhemuka"

Mugihe hari urukurukuru gwiriwe ruracanacanako bivanye nikazwa rikomeye ryumutekano kwi radio nkuru y'igihugu!

Ibiciro vy'ifumbire vyadugijwe ariko reta yagumye ifashe muminwe uburyo izoguma irihira umurimyi kugira ntavunikeUmufuko...
13/09/2023

Ibiciro vy'ifumbire vyadugijwe ariko reta yagumye ifashe muminwe uburyo izoguma irihira umurimyi kugira ntavunike

Umufuko w'ibiro 25
wa Bagara uzogurwa 77473 Fbu, umurimyi arihe 28000Fbu Reta nayo imurihire ayasigaye.
Ishwagara umufuko w'ibiro 50 uzogurwa 19000Fbu , umurimyi arihe 5000Fbu.
Irée umufuko w'ibiro 25 uzogurwa 91965Fbu, umurimyi azoriha 33000Fbu.
Imbura nayo 86408Fbu muri ayo umurimyi azoriha 31000.

Umushikiranganji Niragira amenyesha ko abarimyi bazokoresha Irée mu kibanza ca .
Yaboneyeho kumenyesha ko ikiringo co kuriha ayasigaye kizotangura igenekerezo rya 18 Nyakanga gushika igenekerezo rya 12 Gitugutu uno mwaka.
Umushikiranganji w'uburimyi yavuze ko mu rugendo yagize ahari ihinguriro , ngo yasanze ibikorwa biriko bigenda neza akizeza ko intabire izoshikira abarimyi.

13/09/2023

Ducishemwo dutwenge gatoya

Mubandanya mugira na kuri page KBC Team

Igiciro c’igitoro caduze. Iritiro ya essence i Bujumbura izogurwa 4450, amazutu 4250 hamwe na peterori 4135. Vyashizwe a...
11/09/2023

Igiciro c’igitoro caduze. Iritiro ya essence i Bujumbura izogurwa 4450, amazutu 4250 hamwe na peterori 4135. Vyashizwe ahabona n’umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, kuri uyu wa mbere.

Mu gisagara ca , iritiro yahora ku 3985. Amazutu 3795 na petroli ku 3730. Ibiciro vyari vyashinzwe muri Mukakaro guheze.

Fyonda kuri suivre kuri page KBC Team

 : Umunyezamu wo mu bigo vya diyoseze Anglikane ya Matana yarishwe akerew izosi n'abantu bataramenyekana ari ku kazi, mw...
11/09/2023

: Umunyezamu wo mu bigo vya diyoseze Anglikane ya Matana yarishwe akerew izosi n'abantu bataramenyekana ari ku kazi, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Amasaha yaciwe ntiyamenyekanye kuko babonye ikiziga ciwe, mu gatondo ko kuri uyu wa mbere.

Amakuru atangwa na musitanteri avuga ko binjiye mu biro 10 biba imashini nyabwonko 5, bahitana n’izindi zibiri z’uwigenga hanze kw’irembo ry’ibigo. Dieudonné Nkunzimana amenyesha ko ababikoze n’ubu bataramenyekana.

Abapasitori bo kuri iryo shengero basaba ko haba amatohoza yimbitse kugira ababikoze bafatwe hanyuma bahanwe hisunzwe amategeko. Mu giporisi bavuga ko batanguye amatohoza.

Fyonda kuri kuriyi page KBC Team tubandanye twironkera amakuru agezweho kumwanya kumwanya

Aba polisi boba bakoresheje ikirangaminsi catanzwe na leta canke hasohotse irindi tangazo ryo gusaka??Ntakuntu abafashe ...
07/09/2023

Aba polisi boba bakoresheje ikirangaminsi catanzwe na leta canke hasohotse irindi tangazo ryo gusaka??

Ntakuntu abafashe ingingo botanga ikiringo cindwi zibiri zo kwisuganya mugusubiza Hama aba nabo bakaca biyarira mumaduka kusaka ikiringo catanzwe kitarahera biboneka nabi.

kandi iki kintu igikorereko nayubundi umenga hoba hari ukuvuguruzanya hagati y'igipolisi nigisirikare

Evariste Ndayishimiye
Police Nationale du Burundi

Ibara mu   UMWIGEME AZWI KWIZINA RYA   AVUKA KUMUTUMBA   AGACIMBIRI   YAFASHWE KURUYU WA   AHEJEJE KWIBARUKA UMWANA ACA ...
06/09/2023

Ibara mu

UMWIGEME AZWI KWIZINA RYA AVUKA KUMUTUMBA AGACIMBIRI YAFASHWE KURUYU WA AHEJEJE KWIBARUKA UMWANA ACA ARAMUKERERA IZOSI ACAMUTA MUKAZU KASUGWUMWE. UMURYANGO UTABARIMBABARE Croix Rouge Burundi URIKUMWE NABAJEJWE UMUTEKANO BACIYE BATABARA ARIKO URUYOYA GWARI GWAMAZE UBU RUKABA RURI MUBURUHUKIRO MUBITARO BIKURU VYA Hôpital Kayanza AHO NUWO MWIGEME YABANJE KUCA ABANZA GUSUZUMWA N'ABAGANGA MUNYUMA ASHIKIRIZWA INZEGO ZINYAMIRAMABI UBU AKABA ARIKO ARACIRIBWA URUBANZA GWIKIBIRIRAHO MURI SENTARE YA .

GIRA 'AIME CANKE KURIYI PAGE KBC Team ubandanye ukurikirana kumwanya kumwanya amakuru agezweho ube n'uwambere mukuza kumenya urubanza yaciriwe n'ivyakurikiye

Arabogojwe mumabanga yiwe yo kurongora i  .   Yahora arongoye i komine ya   yabogojwe kuruyu wa 28/08/2023 n'umushikiran...
28/08/2023

Arabogojwe mumabanga yiwe yo kurongora i .

Yahora arongoye i komine ya yabogojwe kuruyu wa 28/08/2023 n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mugihugu, iterambere rusangi n'umutekano. Martin Niteretse

Muvyo yagirizwa harimwo Kutubaha, Kudakurikirana neza Abenegihugu ajejwe kurongoora no Kutubaha inyungu n'uburyo vya commune, ...

Mbega nawe harico warumaze kumwumvako?

Twobibutsako uwo mushikiranganji yamuhagaritse basanzwe bavuka muri commune imwe nyene.

Kumunsi mukuru wahariwe Imbonerakure muburundi   ,Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ararahiye ararengwa...
26/08/2023

Kumunsi mukuru wahariwe Imbonerakure muburundi ,Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ararahiye ararengwa KO atarota yifadikanya nabashaka gutera igihugu ca ngo ntamunyafrika yotera uwundi kandi abenegihugu baho bitekaniye atantambara iriyo. Arongera ti "barundi ni mutekane kuko n'abakuru bibihugu bigize CEDEAO Benshi turaganira ntavyo bashigikoye, nti ahubwo turashigikiye mumigambi yose yo gutezimbere igihugu cabo." Ntituzigera narimwe abarundi duteza intambara mubindi bihugu ahubwo Aho bishika hakaba hari abadirumbanya Umutekano w'abenegihugu, Aho tuzoba mubambere batabara nkuko mubibona muri za , , ,...

Iryo jambo muryumvise gute ?

,

🌐🟡Niger: Uwuserukira ubufaransa muri Niger yahawe 48h ngo abe yavuye mu gihuguKuva ejo, Sylvain Ité aserukira ubufaransa...
26/08/2023

🌐🟡Niger: Uwuserukira ubufaransa muri Niger yahawe 48h ngo abe yavuye mu gihugu

Kuva ejo, Sylvain Ité aserukira ubufaransa muri Niger yahawe amasaha 48 ngo abe yavuye ku butaka bwa Niger. Ni inyuma y'aho abahiritse ubutegetsi baheruka kumenyesha ko n'igisirakare kiriki kurangiza ikiringo babahaye.

Ambassadeur Sylvain yagirizwa ko yasabwe kuza kuganira n'abarongoye Niger ntiyagamburuka. Bamwagiriza kandi ko afise inyifato zishobora kubangamira ubutegetsi bw'imfatakibanza.

Ubufaransa bwamenyesheje ko abahiritse ubutegetsi ata ruhusha bafise bwo kwirukana uwuserukira mu gihugu. Ngo président Bazoum na Leta yiwe nibo bonyene bafise ubwo burenganzira

Ejo hari hiriwe haravugwa y'uko ngo CDEAO itaraheba ivyo gutera Niger. Yamara n'ubwo ubumwe bwa Africa bwahagaritse Niger mu nzego zayo, biraboneka ko hagati y'abayoboye ubwo bumwe badahuza. Hari umugwi udashigikiye ko haba intambara

☝️ Ivyo tubivuze kuberako hari haciye Imisi ibiri Algérie yankiye ubufaransa gukoresha ikirere cayo ngo bugiye gutera Niger. Umushikiranganji wa mbere aheruka kugenwa muri Niger nawe akaba aheruka muri Tchad, igihugu kitemera ko hakoreshwa inguvu muri Niger.

Mu kurangiza, CDEAO yaranse ingingo y'abatembagaje ubutegetsi y'uko hashingwa Leta mfatakibanza.

Gira 'aime kuriyi page canke mubandanye muronka amakuru agezweho azira ibihuha.

   .Vyashikirijwe n'umuvugizi w'umukuru w'Igihugu cacu ciza c'Uburundi inyuma yaho baganutse Bava muri Africa y'epfo aha...
26/08/2023

.

Vyashikirijwe n'umuvugizi w'umukuru w'Igihugu cacu ciza c'Uburundi inyuma yaho baganutse Bava muri Africa y'epfo ahari hakoraniye abakuru batari bake bo kw'isi Bari bitabiriye inama igira 15 y'Ibihugu bigize Aho umukuru w'Igihugu cacu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yahaboneye akaryo ko kubonana n'umunyamabanga mukuru wa Antonio Guterres Aho ariwe yiyemeje gufasha yivuyinyuma ishikanwa ryiyo fumbire izova muburusiya.

Inama nshingamateka yemeje amasezerano ajanye no gufashanya mu vya gisirikare hagati y'U Burundi n'igihugu c'Uburusiya. ...
25/08/2023

Inama nshingamateka yemeje amasezerano ajanye no gufashanya mu vya gisirikare hagati y'U Burundi n'igihugu c'Uburusiya. Umushikiranganji w'intwaro amenyesha ko ayo masezerano azofasha kugira igihugu kiharonkere ibikoresho, ubumenyi mu vya gisirikare. Ivyo bizotuma igihugu cikingira neza.

Abashingamateka berekanye amakenga kuri ayo masezerano ko ashobora kugira ico yica ku migenderanire n’ibihugu vyo mu burengero. Bafatira ko Uburundi busanzwe bufitaniye amasezerano n’ibihugu vya Buraya na reta zunze ubumwe za Amerika, bidacana uwaka n'Uburusiya.

Umushikiranganji Martin Niteretse yabahumurije ko ivyo ataco bizokwica. Yasiguye ko igihugu cose ico gikoze kiba kiriko kirarondera inyungu zaco. Afatiye ku ntambara yo muri Ukraine, avuga ko Uburundi bushima kutagira aho buhagaze kugira bugwize incuti n’abagenzi. Ngo ntibopfa umuntu ngo ni uko afise umugenzi uyu canke uwundi.

24/08/2023
Nkuko ibimenyesha makuru vyo hirya no hino biguma bitanga inkuru kumwanya kumwanya y'impanuka yindege y'umukuru w'umugwi...
24/08/2023

Nkuko ibimenyesha makuru vyo hirya no hino biguma bitanga inkuru kumwanya kumwanya y'impanuka yindege y'umukuru w'umugwi wabacangero wa gisirikare , vyagumye bikekwa ko nawenyene yoba Yari muriyondege akaba yoba yahasize ubuzima nubwo bitaremezwa ijana kwijana.

Inkuru yaka kanya nukwo ibiziga vyose vyabari muriyo ndege ukwo ari cumi vyose vyamaze kuboneka ariko bataremeza neza ko umukuru wa Wegener vyukuri arimwo.

Source: BBC News Gahuza

Address

Soweto
Kayanza

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when KBC Team posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share