18/08/2022
🌴 Hashizwe ahabona ishusho y'ingene inkengera z'ikiyaga zizotunganywa ku buryo ingenzi zihahurumbira...
----------------------------
📌 Abantu bahora bakora ivyo bishakiye ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika. Nta rutonde rwotuma hahurumbirwa rwariho. Ubu rero haratunganijwe igitabu mu Bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije cerekana ingene inkengera z'ico kiyaga zizoba zitunganijwe
📖 Ico gitabu kirerekana neza ibibanza bikenewe kwubakwamwo inyubako nk'amahoteri, inzu z'uburiro, kirerekana ahahariwe ibibanza bikingirwa kugira ngo amafi aronke ahantu ata amagi, ibibanza bikwega ingenzi, ibijanye no gutanga akazi, aho gukorera uburimyi, uburagiro bw'ibikoko vyo mu mazi nk'imvubu, ahazokorerwa uburovyi, ibivuko, n'ibindi bikorwa bitanga ishusho nziza y'igihugu, kimwe kimwe cose mu kibanza caco bitari mu kajagari nk'uko vyavuzwe n'Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ibidukikije Déo Guide Rurema
📌 Uwo mushikiranganji agira ati: "Twarababwiye ko ayo matongo ari ku nkengera ata kuyagurisha canke kuyagura kuko ari aya Reta. Umuntu wese afise impano zo gushira mu ngiro umugambi uwo ari wo wose mu yitegekanijwe kurangurirwa kuri iyo nkengera, abisavye muri Reta tugakora ivyigwa tugasanga koko arabishoboye, tuzoca tumuronsa itongo kugira ngo aharangurire imigambi."
👉🏿 Ico gikorwa cabereye mu nyubakwa z'ihoteri Zion Beach mu gisagara ca kuri uyu wa 18 Myandagro 2022, cari catumiwemwo abajejwe intwaro, abajejwe urudandazwa, ba mukerarugendo n'abagwizatunga kugira ngo barabire hamwe amahirwe ari ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika, kuva ku rubibe Uburundi biruhana na gushika ku rubibe Uburundi buhana na bayatunganye neza, gutyo mu ntumbero yo kurabira hamwe ishirwa mu ngiro ry'uwo mugambi, gutyo abenegihugu n'igihugu bitere imbere n'ibidukikije vy'ubahirijwe, nk'uko bivugwa na Félicien Nyorobeka Umuyobozi mukuru ajejwe ibidukikije, kubungabunga amazi, isuku n'isukura
🤷🏿♂️ Wewe ubona Tanganyika ibura iki