11/04/2024
🖋INYENYERI SIRIUS A N'IHURIRO RYAYO NA AFRIKA.
Sirius A niyo nyenyeri yaka cane kuruta izindi mukirere c'ijoro. Iherereye mukarundo k'inyenyeri kitwa '' Canis Major''(Imbwa Nkuru). Sirius A ni nini cane incuro 2 inyenyeri yacu Izuba, ikarisumba kubonesha incuro 25.
None Sirius A ihuriye hehe na Afrika yacu?
👉KERA HARI IBIREMWA VYAGENDEYE AFRIKA BITURUTSE M'UMURYANGO W'IYI NYENYERI!!!
''Muri Afrika y'uburengero, mu gihugu ca Mali, hari ubwoko bw'abantu babayeho bitaruye kuva kera bitwa aba ''DOGONS''. Abo ba Dogons barazwi cane kubera ubumenyi bw'Isanzure bwimbitse cane bafise be n'inkuru z'abakurambere babo ngo baturutse kuri Sirius A. Abo ba Dogons bavuga ko kera, hari ibiremwa vyabagendeye bivuye mu kirere ngo biza mu''cato''(icogajuru) giherekejwe n'urwamo be n'imiyaga irenze hama ngo baca bababwira amateka y'umubumbe wabo n'ibiyaga vyo muri Sirius.
Aba Dogons barahungabanije abazungu mu mwaka w'1930, aho aba anthropologues b'abafaransa bumva bwambere inkuru z'abaherezi b'aba dogons k'ubwoko bwabo. Bavuze ko ibivejuru Nommo vyabahaye amakuru adasanzwe k'umuryango w'inyenyeri Sirius ndetse no k'umubumbe bakomotseko. Aba Dogons barasiguye neza ko Sirius A ifise iyindi nyenyeri iyiherekeza, ariko ko idashobora kuboneka kubera umuco wa Sirius A. Abashakashatsi b'abazungu vy'abatwaye igihe kuko mu 1970 niho bakoze ivyuma vya téléscopes bikomeye bihagije aribwo babashije kubona ko koko aba dogons bari m'ukuri kuvyerekeye iyindi nyenyeri ngenzi ya Sirius A, ariyo bise Sirius B(aba dogons bayita ''Po-Tolo'', bisigura ngo '' urutete ruto (po) n'inyenyeri(tolo) . Baranubuye kandi ibikoresho vy'aba dogons vyari bimaze imyaka irenga 400 bidondora neza inzira(orbite) y'iyo nyenyeri Sirius B. Si ivyo gusa, aba dogons kandi bari bazi kuva kera amezi y'umubumbe Jupiter n'imiringa y'umubumbe Saturne badakoresheje téléscope kandi bongera bavuga ko hariho n'akandi kanyenyeri gato gaherekeza Sirius A na B. Ako kanyenyeri karahari koko kitwa Sirius C.
📝Twiyumvire: Ese tuvuge ko Aba Dogons bagendewe koko n'ivyo biremwa vyo muri Sirius vyitwa Nommo canke ivyo vyose ni inkuru mpimbano? Niba ari ikinyoma, ubumenyi bafise babukuye hehe? Ico kumenya ni uko aba dogons atari abanyamashure kandi ko vyanyavyo ubumenyi bafise ari ubw'igihe kirekire bukanagaragara cane no m'umico n'akaranga vyabo. Kuvuga ko Ibindi biremwa biturutse hanze y'isi vyatugendeye si inkuru twumva kur'ubu bwoko gusa, namba kuko imbere y'aba dogons, aba aba hinde, abanya Sumer, abanya Babylone, n'abandi benshi hirya no hino kw'Isi barabivuze.
Ico abantu dukwiye kumenya ni uko Hageze igihe mumateka aho umubumbe wacu waje kuba nk'ikambi y'impunzi mpuza sanzure. Abatuye Isi bose ntabwo bakomoka kuri yo ariko baturuka mumihingo itandukanye y'Isanzure na canecane mur'aka gace ka Galaxie yacu. ''
✏No kuyandi makuru menshi nkayo, dukurikirane hano kuri uru rubuga rwacu nyene.