Mugera TV

Mugera TV Kumenyekanisha ivyiza hanini vyo k'umusozi Mweranda w'i Mugera (Mumana Za Mugera)

  ✍️Ibikorwa vyo gusubizako iminara yahora ku Ngoro y'Imana y'isengero ya Mugera igeze ku musozo.🧏Reka tubibutse ko ku w...
05/06/2024





✍️Ibikorwa vyo gusubizako iminara yahora ku Ngoro y'Imana y'isengero ya Mugera igeze ku musozo.

🧏Reka tubibutse ko ku wa Gatandatu igenekerezo rya 15/06/2024
Izohimbaza _Yubile y'imyaka 125 imaze ibayeho.

17/03/2024
🏗️   : Ibikorwa vyo gusanura Paruwasi Mugera imaze imyaka 124 ibayeho, bigeze ku ntabwe ishimishije...✍️ Mu rugendo yagi...
12/01/2024

🏗️ : Ibikorwa vyo gusanura Paruwasi Mugera imaze imyaka 124 ibayeho, bigeze ku ntabwe ishimishije...

✍️ Mu rugendo yagize kuri uyu wa kane, Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, barishikiye kuri paruwasi Mugera isanzwe iri ku mutumba wa komine , kugira yirabire aho ibikorwa vyo gusanura iyo sengero bigeze.

⛪ Ivyo bikaba bibaye inyuma y'urugendo yari yahagize mu mwaka uheze kw'igenekerezo rya 13 Ruheshi 2023. Ico gihe, Umukuru w'igihugu akaba yari yajanywe no kuraba uko iyo paruwase yari yifashe mu ntumbero yo gutanguza ibikorwa vyo kuyisanura.

🔗 Ku batabonye iyo nkuru, mwoca ngaha mukayisoma : https://shorturl.at/ehjsx

✍️ Mwomenya ko paruwasi Mugera yuguruye imiryango mu mwaka w'i 1899 ikaba igira kabiri inyuma ya Muyaga yo mu Cankuzo. Mu mwaka wa 2021 iyo Paruwasi yari yasanuye ibitari bike : aha twovuga nko gushira ama karo imbere kw'arutari hamwe no guhindura intebe, hakazanwa izo abakirisu begamira.

Tubandanye na kahise ka   umusozi Mweranda🇧🇮.✍️Mu gihe c’umwami Mwezi  hariho ivyago vyateye uburundi : harateye ibinyor...
12/01/2024

Tubandanye na kahise ka umusozi Mweranda🇧🇮.

✍️Mu gihe c’umwami Mwezi hariho ivyago vyateye uburundi : harateye ibinyoro (1882), haka uruzuba rwinshi cane ( 1889), hatera imvunja nyinshi ( 1892), inka zirapfa ku bwinshi( 1891), hatera inzige ( 1883) ; ivyo vyose vyagiye birahanga abarundi baca baza ku musozi wa Mugera bazananye bagasaba ngo bihere mu gihugu. Kenshi abaza kuri uwu musozi basabwa kuzanana inzira ya Giheta-Higiro-Gishora-bakabona gushika Mugera kuko ico gice cose cari ikibanza gihezagiwe c’abarundi bose🇧🇮 .

✍️Nkuko aba Nyakidasha-Remera babivuga Mukakaryenda yava aho nyene Kidasha mu muryango w’abashubi niwe yitwararika karyenda ingoma y’umwami. Mwibuke yamajambo Imana yatuma umuhanuzi Miche aho yavuga ati: ewe Betelehemu Efrata naho uri muto mu bihumbi vy ibisagara vy’ubuyuda ,iwawe niho nzokura uwuzorongora Israel Miché 5,1).

Natwe turavye kahise nuko ibintu vyagiye birakurikirana aha i Mugera twovuga duti ewe Mugera muri Diyoseze Nkuru yacu ,eka mbere no mu Burundi bwacu uri umusozi udasanzwe kuko Imana y’ukuri yatwibwiye muri yezu Kristu twayimenye bitanguriye aha iwawe. Iyo migenzo ya kera yaba yabura ivyo bizobera i Mugera bishimagiza Imana y’ukuri Butatu Bweranda na Bikira Mariya Umwamikazi yurijwe mw’ijuru umutima n’umubiri.

✅ Ijambo umugera( germe canke pointe canke premiere explosion, intango y’ubuntu y irema) ryavuzwe kuko hariho itutuza ry ubuhinga bwo gucura ivyuma cane cane imyampi n amacumu vyari ibigwanisho vy ingabo zarwanira uburundi ryavuzwe kandi ko yari nk’itanguriro ry’ubuntu.

💪Mugera bashaka kuvuga ahantu havyara gishasha canke ahantu bose na vyose bivukira bigatutuza kurya kw umugera w’igiterwa bikavugwa kandi ko bahise Mugera bashaka kumenyesha ahantu huzuye ubuntu. Yezu kristu ati ntimugire ngo nazanywe n’ugukura itegeko canke abahanuzi eka sinazanywe no kuzimanganya naje gush*tsa(Matayo 5,17).

#✍️Makhirikhiri

natwe tubandanye kubaha ivyaranze Mugera🙏

🇧🇮Umusozi wa Mugera ni ikibanza Ceranda Imana yatoreye Abarundi bose. ✍️  Ibi ngira ndabashikirize  ni ivyo  twagiye tur...
11/01/2024

🇧🇮Umusozi wa Mugera ni ikibanza Ceranda Imana yatoreye Abarundi bose.
✍️ Ibi ngira ndabashikirize ni ivyo twagiye turayagirwa n’abakera mu biganiro bisanzwe. Ivyanditswe mu bindi bitabu musangamwo bikeya. Ibindi musanga ngaha ni ivyavuye muri Bibliya Nyeranda,Ijambo ry’Imana.
Twebwe abakristu bubu turaza gusengera kuri uyu musozi wa Mugera ariko nukumenya ko uyu musozi wamye kuva kera na rindi ari ininahazwa ry Imana abarundi tutari bwamenye.
Twayisenga biciye mu migirwa yagirwa yerekana ko Abarundi bazi Imana nubwo batari bwayimenye neza. Nkuko ba sogokuru naba sogokuruza bagiye barabihanahana mu nkuru ,uyu musozi wamye uhezagiwe.

I Mugera bavuze ko ari mu mana kuko n’Umwami yoba yahaba acungerewe nizo mana nyene bavuga mu bwinshi ariko bavuga imwe . Uwo mwami yari Mwezi Gisabo asanzwe ariho yavukiye. Niho haba imana ikingira Umwami; uwu musozi wa Mugera carazira kuhakorero ivyarivyo vyose utabiherewe uruhusha n’umwami nawe akaja kubivugana n abahanuzi biwe muribo harimwo kandi umupfumu w’Umwami .

Umwami yaca akoranya bose harimwo ingabo ziwe agaca ababwira ivyo bintu bagaca bafata umugambi wo kuja kubibwira Kiranga kirumweru banamusaba ko ibishaka gukorerwa aho i Mugera vyohagarara kuko biteye kubiri n’ishaka ry’umwami . Batubwiye ko Kiranga batigeze bamwambariza ku musozi wa Mugera hejuru ngo bamanuka hariya hepfo yo ngaha hitwa Gakindo hafi yuruzi Ruvyironza.Umuco wararasiye mu mw’ijima kandi umwijima ntiwashoboye guhagarika umuco (Yohani 1,5).

Abamisiyonari bamaze gushika ku wa Mugera bakigisha batekanye ntabasubiye kuja kubandwa epfo mu Gakindo.
Mukamenya kandi ko uyu musozi wa Mugera habaye Umwami Ntare Rugamba yahaje avuye Buha nkuko kahise kabivuga ; imbere yo kuja kuba i Muramvya yabanje kuba aha i Mugera araheza ahagaruka ashaje niho yapfiriye aha ku wa Mugera ariko yahavyariye umuhungu wiwe Bijoga ariwe Mwezi Gisabo kuri Vyano mu 1840 .Eka ngo na Mutaga mbikije wa Mwezi yoba yavukiye aha i Mugera nyene.

  vyo gusubizako   yahora kw'isengero ya   biza vyaramaze gutangura.✍️Nkuko mubibona ku mafoto ni Mugera mumwaka w' 1930...
08/09/2023

vyo gusubizako yahora kw'isengero ya biza vyaramaze gutangura.

✍️Nkuko mubibona ku mafoto ni Mugera mumwaka w' 1930 yarifise 2 iyihagatiye. Iyo minara rero vuba ikazosubira kugaragara kuriyo Ngoro y'Imana kuko ibikorwa vyo kuyisubizako bikaba vyaramaze gutangura.

✔️Ni muntumbero yo gusubiza agateka yamanye kuko iyo sengero niyo yabaye yambere yabayeho mu .

tubibutsa ko mumwaka uza wa 2024 izohimbaza y'imwaka 125 imaze ibayeho.


  muma sanamu yaranze   y'urukino gw'umupira w'amaguru gwabaye ku w'Imana igenekerezo rya 27/08/2023.✔️Ugwo rukino rukab...
28/08/2023

muma sanamu yaranze y'urukino gw'umupira w'amaguru gwabaye ku w'Imana igenekerezo rya 27/08/2023.

✔️Ugwo rukino rukaba gwariko rurahuza umugwi userukira Hamwe n'umugwi Userukira ariyo .

✍️Ugwo rukino rukaba gwashoboye kurangira imigwi yose ukwaribiri inganya igitsindo kimwe kukindi (1-1).
Umugwi wa zone Mugera ukaba waviriyemwo mugice c'ama penariti.

✔️Tukabamenyesha kandi KO umugwi wa zone Bugendana wabaye uwambere ukaba waciye uhabwa agashimwe k'impene Hamwe na enveloppe. Umugwi nawo wabaye uwa kabiri ugaca uhabwa enveloppe yo kubashigikira .


Mubandanye kudukurikirana

Amwe muma sanamu yaranze umusi Mukuru w'iruzizwa rya Bikira Mariya mw'ijuru Hamwe no guhimbaza y'ubire y'imyaka 125 ihez...
16/08/2023

Amwe muma sanamu yaranze umusi Mukuru w'iruzizwa rya Bikira Mariya mw'ijuru Hamwe no guhimbaza y'ubire y'imyaka 125 iheze Uburundi bwakiriye Inkuru nziza ya Yezu Kristu.


15/08/2023

IMISA Y'IYURIZWA MW'IJURU RYA BIKIRA MARIYA N'ISOZERWA RY'IMYAKA 125 UBURUNDI BUMAZE BWAKIRIYE INKURU NZIZA YA YEZU CHRISTU. MUGERA LE 15-08-2023

14/08/2023

Mugera TV ntimutangwe kudukurikirana ejo 10h00'
Aho Inkuka ya Missa izoba iriko iraca kuri Facebook Ikibiriraho.

Ba mubambere ugire j'aime kurino page uze wibonere ivyo vyiza bizoba biriko birabera k'umusozi mweranda wa

-Tv

 ✍️Mu mwaka 1930 niho hubakwa isengero y'i Mugera yarifise ubwiza budasanzwe ikaba yarifise Iminara 2.✍️Amakuru yo kwish...
18/06/2023



✍️Mu mwaka 1930 niho hubakwa isengero y'i Mugera yarifise ubwiza budasanzwe ikaba yarifise Iminara 2.

✍️Amakuru yo kwishimira n'ukwo iyo minara igiye gusubira kwubakwa vuba maze isengero y'i Mugera igasubirana ubwo bwiza yamanye.

✔️Twobamenyesha kandiko hariho ibindi bikorwa biriko birategurwa vyo kwerekana ishusho nziza ya Mugera.

☑️Ni Mugera kandi hagiye kwubakwa ya y'Uburundi Hamwe no kuri kahise k'Igihugu🙏

✔️Mugume mudukurikirana kumwanya kumwanya mumenye vyinshi kuri kahise no kuri kubu.


 Aya namwe muma sanamu yaranze ibirori vyo kuwa 17/06/2023.Aho Paruwase Mugera yariramutse yinjira murugendo rwa   y'imy...
18/06/2023



Aya namwe muma sanamu yaranze ibirori vyo kuwa 17/06/2023.Aho Paruwase Mugera yariramutse yinjira murugendo rwa y'imyaka 125,izosozera mumwaka uza wa 2024.
✍️Ivyo birori bikaba vyatangujwe n'Inkuka ya Misa aho yarirongowe na Musenyeri Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega .

☑️Ivyo birori kandi bikaba vyari vyatewe iteka n'abanyacubahiro batandukanye harimwo n'icegera c'umukuru w'igihugu yari yaserukiye Leta y'Uburundi 🇧🇮 aherekejwe na BUramatari w'intara ya Gitega.

🎤Mumajambo yagiye arashikirizwa haba kuwaserukiye Leta y'Uburundi🇧🇮 ,Musenyeri wa Diyoseze Nkuru ya Gitega na Patiri Mukuru anasanzwe arongoye iyo Paruwase : Kwari gugukenguruka kuri ivyo vyiza Imana yagabiye Paruwase Mugera,banashimira aba Misiyonari bera bo bamenye umushike baza gushinga muri 1899, maze inkuru nziza ica itangura gukwira Uburundi bwose.

👂Musenyeri kandi yarongeye aravuga KO Mugera igira isubirane ubwiza yamanye kera bongere basubizeko yarifise kera.

ya Misa kandi yariko icako Ikibiriraho ku mboneshakure ya

Mubandanye mudukurikirana munasangiza ivyiza bica ngaha kurino Page yacu.


17/06/2023

Inkuka ya Misa yo kwinjira muri Yubile y'imyaka 125 ya parroisse MUGERA.

15/06/2023
Kurikirana kahise ka   mukuraba amafoto ukwo impinduka zagiye zirahaba kuwa   bagishika i   mumwaka 1899-2023.  🙏
15/06/2023

Kurikirana kahise ka mukuraba amafoto ukwo impinduka zagiye zirahaba kuwa bagishika i mumwaka 1899-2023.

🙏

🪘🌴   Yakiranye Iteka Umwungere Wa Ekleziya Katolika Kw'Isi Yose, Nyene Ubweranda Papa François !Ni Urugendo Rugira 40 Ku...
31/01/2023

🪘🌴 Yakiranye Iteka Umwungere Wa Ekleziya Katolika Kw'Isi Yose, Nyene Ubweranda Papa François !

Ni Urugendo Rugira 40 Kuva Papa François Ari Muri Ayo Mabanga.

Igihe C'Isaha 8 N'Iminota 33 (14h33) Mu Masaha Ya Hariya Muri Congo, Niho Indege Imureruye Yashika, Bikaba Bitatumye Abatari Bake Bareka Kumusanganira 🇨🇩

31/01/2023

🪘🌴 Yakiranye Iteka Umwungere Wa Ekleziya Katolika Kw'Isi Yose, Nyene Ubweranda Papa François !

Ni Urugendo Rugira 40 Kuva Papa François Ari Muri Ayo Mabanga.

Igihe C'Isaha 8 N'Iminota 33 (14h33) Mu Masaha Ya Hariya Muri Congo, Niho Indege Imureruye Yashika, Bikaba Bitatumye Abatari Bake Bareka Kumusanganira 🇨🇩

25/12/2022

Tubandanya tubifuriza umusi mukuru mwiza wanoheri murakoze cane bundanye mudukurikirana kurubuga rwacu

Messe en direct demain à 10h 30 min, gumana natwe
24/12/2022

Messe en direct demain à 10h 30 min, gumana natwe

🔓Ibirori vyo kwugurura umwaka w'ishure 2022-2023 kw'Iseminari ntoya y'Imugera.🔺Hari kuw'Imana igenekerezo rya 23/10/2022...
25/10/2022

🔓Ibirori vyo kwugurura umwaka w'ishure 2022-2023 kw'Iseminari ntoya y'Imugera.

🔺Hari kuw'Imana igenekerezo rya 23/10/2022 ,Aho icegera ca Musenyeri wa yugurura uwu mwaka .Ibirori bikaba vyatanguwe n'Inkuka ya Misa yahererejwe mu nyubakwa ziryo Shure ryitiriwe .

⭕Inyuma y'Inkuka ya Misa hakurikiye umurisho w'ingoma wo kwakira abash*tsi hanyuma hakurikira ijambo ry'ikaze . Haciye hakurikira ijambo ry'Intumwa ya Musenyeri rijanye no kwugurura umwaka w'ishure.
✅Tubibutse ko iryo Shure ariryo rya mbere mu mashure dufise yisumbuye ryatanguye kubaho .Ryavutse mu mwaka 1926.
✅Rikaba ryimirije kugira y'imyaka 100 .

Aya namwe muma sanamu yaranze umusi mukuru w'iyurizwa mwijuru rya Bikira Mariya wahimbajwe kw'igenekerezo rya 15/8/2022 ...
16/08/2022

Aya namwe muma sanamu yaranze umusi mukuru w'iyurizwa mwijuru rya Bikira Mariya wahimbajwe kw'igenekerezo rya 15/8/2022 ku ncuro igira 61. Uwo musi ukaba witabwe n'abantu benshi batandukanye bo kw'isi yose ukaba kandi waranzwe n'ibirori vyo kwambikwa Musenyeri arongoye Diocèse Nkuru ya Gitega akaba yacambitswe n'Intumwa ya Papa mu Burundi ,ukaba kandi wari witabwe n'abarongozi bamwebamwe b'igihugu.


Address

Gitega

Telephone

+25768129425

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mugera TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Mugera TV:

Videos

Share

Category