23/10/2025
kur'yu wakane w'igenekerezo rya 23gitugutu2025 Buramatari wintara ya Buhumuza Denise NDARUHEKEYE yakoresheje inama indongozi zo muri comine Gisuru.
Mwijambo ry'ikaze,musitanteri wa komine Gisuru Amos NDAYIZAMVYE yamenyesheje ko muntumbero yokwitegurira imbonakazoza komineGiisuru kukijanye n'igisata c'uburimui yasize imbere ibiterwa vy'ivoka,inanasi n'ibigazi. yongeramenyeshako komine Gisuru yo ifise imbono ko 2030 yoba yamaze kuba ikomine yifashe,aho komine yateguye ibikorwa cumi igiye kurangura,ndetse nomumazone ivyo bikorwa bikaba vyarategekanijwe muntumbero yogushika kwiyo mbono ya komine.
Mwijambo ryiwe buramatari wintara ya Buhumuza Denise NDARUHEKEYE yahamagariye indongozi kuba Abasuku babo zirongoye no kubabera itara mw'iterambere.
Kucerekeye umutekano,yahimirije abakuru bimitumba gukoresha inama nimiburiburi rimwe mumezi atatu kugirango hampande yivyiterambere bigishe agaciro kakiremwa muntu bongere bakinge umutekano utarahungabana.
Denise NDARUHEKEYE kuvyerekeye iterambere yahamagariye indongozi gushirimbere ibikorwa kugirango 2040 igihugu kizobe cifashe,2060 kizobe giteyimbere.
Yatanze impapuro zitandukanye:
Kugira isuku ryokumubiri,ry'ivyambarwa,ry'aho tubaye ndetse nahahurira abantu benshi.
Kwubahiriza ibidukikije mukwirinda imiriro ya nyakanga,
Gushira mungiro itegeko ribuza abantu kuragira kumisozi,gucimikobeko,nokwirinda ibidandazwa vya magendo.
Yamenyeshej zimwe mungingo zafashwe muntara ya buhumuza harimwo:kurwanya guharika,kugwanya inzoga zitemewe namategeko,ndetse no kubasore bashaka gushinga izabo,bobanza kwubaka inzu y'ibati mbere bakagura n'imatera,...
Twobamenyeshako buramatari w'intara ya buhumuza yari yagendanye n'ujejwe igisata co guhanahana amakuru mubiro kwa Buramatari Josaphat BIKORIMANA, hamwe kandi nuwutwara umugugwi CVR, BUTURO Philbert.
# Ijwi- ryiterambere -mubikorwa vyawe #92.1 Mhz