12/01/2025
UBUTUMWA BW'UMUSOMYI
Barundi bavukanyi, tumenyere kwubaha abash*tsi n’abatumire bacu.
1. Mumbabarire nshikirize umwitwarariko mfise w’ukuntu abantu bamwe bamwe bamaze kulenyera kutubahiriza umwanya, na cane cane mugihe hari ibirori vyo kuganduka, gukwa be n’ibirori vy’ubugeni.
2. Umuryango ufise urubanza uritegura umwanya munini, ugaheza ugatumira incuti, ababanyi n’abagenzi. Kw’ikarata y’ubutumire barashirako isaha ibirori bizotangurirako, haba kuganduka, rwo gukwa canke réception ya mariage.
3. Abatumire bose barazironka, abatari bake bakitwararika gukwirikiza ayo masaha. Kumvo zimwe zimwe zitagira ifatiro, banyene urubanza ntibubahiriza iyo saha bo nyene bategekanije. Birashika bagacegwa isaha imwe, zibiri, zitatu, zine canke zitanu.
4. Umush*tsi yiyubaha ashika kugihe, mugabo aragira ingorane cane zo kurindira abamutumiye, nkuko umenga wewe ntaco yarafise akora ico gihe abamutumiye bariko bakora ivyabo.
5. Batevye bakaza, ba nyene urubanza ntibasaba n’imbabazi kandi uko programme bayiteguye iguma uko nyene. Uwaje kare biramusha. Programme y’abatamba, y’abavyina n’abatamba, ntihinduka.
Urubanza rwategerezwa gutangura nk’isaha indwi (13h00), rutanguye kare rutangura isaha munani (14h00).
Urubanza rwo gukwa canke rw’ubugeni rwotanguye isaha cumi n’igice (16h30) canke isaha cumi n’imwe (17h00), ni gake rutangura imbere y’isaha cumi na zibiri (18h00). Rugahera isaha zitatu z’ijoro (21h00).
6. Munyuma, abarongoye urubanza baguma batanga amajambo menshi cane, uwugomba kuvuga wese baramuha urubanza, n’abo batazi bashatse kuvuga baraba ijambo. Abatumire bash*tse aho hantu bahamaze amasaha atanu (05h00), baba batekereje, nkuko atangorane bafise. Ariko baba bariko baridoga cane. Kuko kumara amasaha atanu (05h00) ahantu wicaye ataco ariko arakora, kiretse gusoma messages, kandi kenshi usanga ata n’inzimano irenga icupa rimwe uba waronse.
7. Abantu benshi, harimwo n’abadakenewe, bakavuga amajambo menshi kandi umwanya munini, Nyene urubanza akaguma ahoze nkuko atabona ko abatumire biwe babihiwe. Bakaguma babasaba gukoma amashi menshi, batabongeye n’icupa ry’amazi.
8. Hari naho haza abandi bo gutevya urubanza, ariko bakitwa ko bariko bararuryosha. Abatamba canke bakavyina. Volume y’indirimbo n’imvyini nayo ikabuza n’abicaranye kuganira.
9. Bagenzi, kutubaha abatumire biriko biraja mu mico y’abantu atari bake. Bihave bibe imico n’imigenzo yacu, kuko ni abantu bake cane bubahiriza amasaha y’urubanza bonyene baba bashinze.
10. Ndashimira abantu bake tumaze kubona bubaha amasaha bashinze, tugasaba ko n’abandi boreka gukengera abatumire babo mukubahamagara kubarindirira ahabera urubanza nkuko atakindi boba barakora.
11. Ndashimira kandi ndakeje abapatiri n’abapastori ko bobo abafise ubugeni canke abaganduka barabubaha, bakubahiriza amasaha babaha yo kuja mu misa. Ariko ntituramenya igituma abafise imanza batubaha abo batumiye bonyene.
12. Ndashobora kuba ndi jenyene ndiko ndidoga, nshobora kuba ari jewe bitera ingorane ndi umwe, ndasavye imbabazi.
13. Hakaba ari abo bimaze gutirimutsa nkanje, duhinduke tuje hamwe n’abo bubaha abash*tsi babo mukwubahiriza amasaha y’urubanza bo nyene bategekanije. Gutyo twubahane, twongere tumenye ko kwubaha amasaha ari kimwe mw’iterambere.
14. Ngo haraho gucegwa abavyeyi bavyitirira abana, aho hoho imiryango iba yasubiye inyuma cane. Abandi bakavuga ngo ni Komite itevya urubanza. Aho naho, abantu batagitereka m’urugo rwabo, batagitanga amajambo m’urugo rwabo canke batagifise ijambo m’urugo rwabo, ni kubakebura kuko imiryango izoba ifise ibibazo vyinshi harimwo la déchéance y’Ubusamuragwa.
15. Ndahimbawe no kubashikiriza iciyumviro canje. Sinzi ingene mucakira ariko uko ulwe wese acakira, abatubahiriza amasaha basezeranye n’abandi, baguma ari abantu batubahiriza amasezerano.
16. Tudahindutse ngo twubahane, tuzohava tuja turareka kwubahiriza amasaha, badutumira sa kumi (16h00) twitabe samoya (19h00), twongere dutahe aho tugombeye.
17. Mugire amahoro.
Vision Magazine Burundi