![🔴 Urwaruka rushika 250 ruvuye mu ntara zose zigize Uburundi ruriko ruraronswa inyigisho zerekeye ivugabutumwa ryigwiza. ...](https://img4.medioq.com/619/290/992941086192904.jpg)
27/12/2024
🔴 Urwaruka rushika 250 ruvuye mu ntara zose zigize Uburundi ruriko ruraronswa inyigisho zerekeye ivugabutumwa ryigwiza. ....................................................................................
✍️Urwaruka 250 rwatowe mu mashengero cumi cumi mu ntara nshasha zitanu zigize igihugu c'Uburundi, nirwo rwitabiriye umwiherero w'urwaruka wateguwe n'umuryango w' Ivugaburumwa ryigwiza mu Burundi [ Evangélisation Explosive au Burundi ],ku civugo kivuga kiti :" Duga urugezo " bisobanura kuva aho turi tukaduga iyindi ngazi, i Bujumbura mu nyubakwa za kaminuza y'umwizero wa Afrika.
✍️Ku musi ugira kabiri w'inyigisho,kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Kigarama, Umuyobozi w'uyo muryango w' Ivugabutumwa ryigwiza mu Burundi ,Masabo Audry, yatanze intumbero y' uwo mwiherero aho yagize ati: "N'umwiherero watanguye ku mwaka uheze, ukaba ufise intumbero yo gufasha urwaruka kubona uruhara rwabo mw'iterambere ry' ishengero mbere no mw' ikwiragizwa ry'ubutumwa bwiza. Turaja hamwe mur'uwo mwiherero kugira twigishe urwaruka ingene bavuga ubutumwa kugira ruce rufata iyambere mu mashengero ruvamwo mu kwamamaza ubutumwa bwiza, bahimirize n' ishengero ryose kubwamamaza."
♻️Yahimirije benshi mu rwaruka ruazi ko rufise inkomezi ngo rukoreshe inkomezi rwahawe mu kwamamaza Yesu Kristo mu kibano.
Abavyeyi nabo yabateye akamo ngo bafashe urwaruka ( aribo bana babo)kubona ikintu gihambaye c'agaciro. ico naco ngo n'ubutumwa bwiza,bamenye Yesu bamwizere, bamwiyegurire.
♻️Ikindi naco ngo abarongozi b' amashengero akenshi bitaho abantu bakuze, bakibagira urwaruka. Yabateye akamo ngo bibuke urwaruka nkuko aribo bahawe ibango ryo gufasha ishengero ryose ngo ribe muri iki gikorwa co kwamamaza Kristo mu mahanga.
🔙Uyo mwihwezo w'urwaruka watanguye ku musi kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 kigarama, ukazorangira ku musi wambere igenekerezo rya 30 kigarama 2024