Ukuri Magazine

Ukuri Magazine Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Ukuri Magazine, Magazine, Bujumbura, Bujumbura.

 :🛌KWIBA URUGI ISAHA INDWI ZIJORO NGO NUKO WITEGURIYE MARIAGE.😭😭😭😭😭😭😭😭😭??😭😭😭😭😭😭📻   umusore w'imyaka 23 y'amavuko wo k'um...
10/04/2023

:🛌KWIBA URUGI ISAHA INDWI ZIJORO NGO NUKO WITEGURIYE MARIAGE.😭😭😭😭😭😭😭😭😭??😭😭😭😭😭😭

📻 umusore w'imyaka 23 y'amavuko wo k'umutumba muri komine yacunze basinziriye kuri uyu wa aca abomora urugi mu gisagara ca hepfo y'isoko aruremeka umutwe arigira none yafashwe n'abanyezamu(Abacity) isaha indwi z'ijoro ageze aho bita kw'ibariyeri arutahanye.

🤔Nyenegufatanwa itonga yavuze ko yari arutwaye kuko ariko yitegurira kwubaka ngo ave mu busore ahubwo agasaba ko yosubizwa ibirato yakuwe n'abamufashe ngo bagaca babibitsa ahari Réstaurant.

.

🛑🚨Mu myaka itatu iheze Yousuf Ndayishimiye  yakina muri PRIMUS LIGUE ariko ubu yari mu kibuga kimwe n'umukinyi w'ibihe v...
09/04/2023

🛑🚨Mu myaka itatu iheze Yousuf Ndayishimiye yakina muri PRIMUS LIGUE ariko ubu yari mu kibuga kimwe n'umukinyi w'ibihe vyose mu mateka y'umupira w'amaguru Leo Messi

Naho Nice yatsinzwe na PSG (0-2), Nyange yari yagerageje

◾Iminota : 90

◾Incuro yakoze k'umupira : 78

◾94 kw'ijana vy'amapasi yatanze yash*tse aho yari ayahereje

◾Amashoti aja mw'izamu yateye : 2

◾Tacles: 1

Nirwo rukino rwiwe rwa mbere atsinzwe nk'umukinyi wa Nice !

Head up, Champ 🇧🇮❤️

 : Uwahoze ari musitanteri w' iyo komine yahagaritswe n' ubutunganeDomithile Ntunzwenimana, yahagaritswe kuri uwu wa gat...
08/04/2023

: Uwahoze ari musitanteri w' iyo komine yahagaritswe n' ubutungane

Domithile Ntunzwenimana, yahagaritswe kuri uwu wa gatandatu na parake ikukira sentare nkuru y' igihugu ya muri Province Bujumbura . Yahora ari musitanteri wa Commune Muhuta yo muri Province Rumonge .

Domithile Ntunzwenimana yaheruka gukurwa muri ayo mabanga yo kurongora ikomine yagirizwa kwiba ibikoresho vyo kwubaka ishure. Akaba ahejeje gufatanwa amabati 150 yari anyegejwe mu nzu iri inyuma y' izindi, aho yaguze iparasera yariko arubaka aho bita mu Gakungwe. Ayo makuru aremezwa n' umuvugizi w' ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu.

Akamenyeshako amatohoza aca abandanya kugira ngo ubutungane bukore.

Big fizzo X D one
08/04/2023

Big fizzo X D one

🔴 Kaneza Oliva wo mu kayogoro asaba ubufasha kubwo kuvyara ubushuri ata n'umwe akwiza ibiro bibiri.---------------------...
01/04/2023

🔴 Kaneza Oliva wo mu kayogoro asaba ubufasha kubwo kuvyara ubushuri ata n'umwe akwiza ibiro bibiri.
-----------------------------------------------------

🤱🏾 Uwo mukenyezi yibarutse ubushuri mu bitaro bikuru vy'i Makamba kuri uyu wa 28 Ntwarante 2023 abanje kubagwa

👶🏾 Ni abahungu babiri n'umukobwa umwe. Umukuru apima 1,6 kg, uwundi 1,5 kg, uwa gatatu 1,4 kg. Bakaba bavukiye mu muryango w'umurimyi

🙆🏾‍♀️ Avuga ko afise amaberebere make akaba ariko aratabaza. Amata ariko arifashisha ni ibikopo 3 bizomara indwi imwe gusa. Ntabona uko bizogenda inyuma y'indwi ata wundi amuserutseko

🏥 Ubu aracari mu bitaro bikuru i Makamba kubera yaciye afatwa n'inkorora. Urwo ruvyaro rugize gatatu kandi Kaneza Oliva aciye akwiza abana 5.

☎️ Uwufise ico aterera, yoca kuri muganga amukurikirana Nimubona Patrice ku nimero (+257) 79 26 70 27



Ama banki y'ubudandaji aremerewe kwakira n'ukubika amafaranga mvamakungu       _____________________________/✅ Inyuma y'...
31/03/2023

Ama banki y'ubudandaji aremerewe kwakira n'ukubika amafaranga mvamakungu _____________
________________/

✅ Inyuma y'imyaka indwi ingingo ibibuza ifashwe, Banki Nkuru y'Igihugu ihejeje kurekura amabanki y'ubudandaji mu kwakira amahera mvamahanga abikishijwe n'ubuserukizi bw'ibihugu mu Burundi, canke amashirahamwe akukira United Nations.



🏬Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Ntwarante 2023 niho banyene kugura  za nzu 28 ziri muri   zubakwa n'ishirahamwe  ...
31/03/2023

🏬Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Ntwarante 2023 niho banyene kugura za nzu 28 ziri muri zubakwa n'ishirahamwe and See Burundi (CSBU) bashikirizwa icese imfunguruzo zi nzu zabo.

💠Ivyo birori bikaba vy'uguruwe n'umukuru w'igihugu cacu c'Uburundi Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE arikumwe n'uwusanzwe arongoye Ishirahamwe CSBU .

✅ Twobamenyesha ko izo nzu ziri mu mice itatu ,aho iziri mu muce wa Standard zaguzwe 300 millions ,iziri mu muce wa VIP zaguzwe 340millions,nayo iziri mu muce wa VVIP zigugwa kuri 500 millions.

📸:Umuco


Gasape mu nzira yo kuzana Carte SIM ifise internet inyaruka kandi idacikagurikaInyuma yo gushinga urubuga hwaniro   akab...
30/03/2023

Gasape mu nzira yo kuzana Carte SIM ifise internet inyaruka kandi idacikagurika

Inyuma yo gushinga urubuga hwaniro akababazwa na internet yikwega kandi icikagurika, Ir Perry Saxe Gateka yari yagiye muri Leta nzubumwe za Amerika kurondera ababijejwe kumufasha aronke internet ikwiye ariko biza kugorana

Nk'uko abishikiriza aciye ku mboneshakure yiwe Humuriza TV International, ngo amaze kubona yuko kuvugana n'aboza gufasha mu gisata ca Internet, ariko kubera ko vyagumye bisa nk'ibimugora cane hongera haba gukwega ibirenge kuruhande rw'abari bemeye gufasha, birangiye, Ir abakoreye Carte izokora kuri gusa.

Muri iko kiganiro, uwo muhinga Gasape akaba yavuze impamvu yatumye akora iyo caratasimu.
Ati "Nayikoze kubera nari numva nashegeshwe. Izokorera kuri yitwa NANO SATISFI, kandi mu , jewe n'umurwi wanje, tuzokora igerageza kugira ngo tuze twemeze neza nimba tubonye vy'ukuri ko abarundi izodufasha. Twasavye gusembera mu kumba gatoya kiyo satelite, twatomboye baratwumva, banaturihisha make yo gupanga kugira turabe ko bikunda. Ni vyakunda, tuzoheza twegere inzego zijejwe ubuhinga bwo guhamahana amakuru muhira mu Burundi, maze umuhora GASAPE IGIGA uheze ukore wemewe n'amategeko y'Uburundi"

Ku kibazo kijanye n'aho ibikorwa vyayo bizotangurira yishuye yuko ibikorwa bitanguye.
"Ugupima kwa mbere kwemeje neza ko iyo interenete izogira umuvuduko ungana na Megabayiti 35 zirenga gato kumuseguda aho uhagaze hose naho uzoba uri musi y'urutara."

Basomyi bahire, ni akahe kajambo wobwira uno muhinga w'umurundi?

🔴 Heros Amissi na CANAL+ , ntibayaze amasigaracicaro !!Umumenyeshamakuru Ami Pro yamaze kuja ku bicapo bimanitse mu ntar...
30/03/2023

🔴 Heros Amissi na CANAL+ , ntibayaze amasigaracicaro !!

Umumenyeshamakuru Ami Pro yamaze kuja ku bicapo bimanitse mu ntara za Gitega na Ngozi, inyuma y’umunsi umwe gusa ateye igikumu ku masezerano yo kumenyekanisha ama chaines 9 yo mu giswahili ya canal+.

Gira akajambo umubwiye.



"NIYINZI JOE RALLY" ( Rally Joe )  umwe mu Baririmvyi b'abarundi bamaze igihe Kitari gito hano mu muziki Ndundi ariko ak...
29/03/2023

"NIYINZI JOE RALLY" ( Rally Joe ) umwe mu Baririmvyi b'abarundi bamaze igihe Kitari gito hano mu muziki Ndundi ariko akaba ari mu gacerere karenze, abatari bake baramumenye ku ndirimbo "KURI KA KAGEZI" akaba ari we yabaye imfura yo gutwara amahiganwa atandukanye nka Primusic ndetse n'isanganiro award.

Akajambo kuri we .



 : ibarabara ryafasha cane ryacitse Iryo barabara ryacikiye  musi y' umusozi  . Ni aho bita mu  , hafi ya zone   yo muri...
28/03/2023

: ibarabara ryafasha cane ryacitse

Iryo barabara ryacikiye musi y' umusozi . Ni aho bita mu , hafi ya zone yo muri komine Mukike, muri Province Bujumbura .

Abenegihugu bavuga ko umusozi wakorotse, amabuye meshi kandi manini manini agwa muri iryo barabara, bituma ritarengana kuva kuri uwu wa mbere w' uwa 27 ntwarante 2023.

Mu ntwaro baremeza ayo makuru. Basigura ko ayo mabuye abanyagihugu batoshobora kuyakura muri iryo barabara kugira ngo risubire guhita kuko ari manini cane.

Ntibarikure Edmond, umunyamabanga ntayegayezwa wa musitanteri wa komine Mukike asaba ubushikiranganji bujejwe inyubako gufasha mu gutanga imashini zoshobora gukura ayo mabuye mw' ibarabara.

Iryo barabara rihuza amakomine ya Mukike, Mutambu na Muhuta. Ubu abanyagihugu ntibashobora gushika kw' isoko ya i Mayuyu.

Mu ndwi iheze, irindi barabara riva kury' igihugu nimero indwi uciye kuri ryari ryacitse. Abakozi b' ikigo Agence Routière du Burundi bakaba bariko bararikora nk' uko vyemezwa n' abajejwe intwaro. Bagasaba ko n' iryo rindi riserukira kuri ( Bujumbura-Rumonge ) ryokorwa.

Ntituratora abo mu kigo ARB canke umushikiranganji ajejwe inyubako kugira ngo bagire ico bashikirikirije kuri iki kibazo c' iri barabara.

.

Kidum Kibido  Ntakirishe za Miriyoni 40__________________________________Inyuma yaho BUKURU GÉRARD  BACKY JOHN yitwariye...
28/03/2023

Kidum Kibido Ntakirishe za Miriyoni 40__________________________________

Inyuma yaho BUKURU GÉRARD BACKY JOHN yitwariye mu butungane Kidum amwagiriza ko yasubiyemwo indirimbo "Intimba y'urukundo'' ataruhusha abifitiye Gutyo bigasaba ko ari amafaranga agera ku miriyoni 40 nk'indishi y'akababaro ubu ngo boba bavyunvikanye .

GÉRARD BUKURU akaba yagize ati : " Kidum duheruka kuyaga turakemura ici kibazo aho ndetse yemeye no gutanga amahera angana 5.000.000 y'amafaranga y'amarundi hatarenze itariki 05/4/2023 ndetse yemera no kumurihira indirimbo imwe, ivyo bitagiye mu ngiro urubanza ruri muri sentare ngo ruzoca Rukomeza.

🔴Urukundo♥️ ruraryoha mu gihe uwo muri kumwe muvyumva kumwe kandi musenyera ku mugozi umwe Yaba mu mahigwe no mu marushw...
25/03/2023

🔴Urukundo♥️ ruraryoha mu gihe uwo muri kumwe muvyumva kumwe kandi musenyera ku mugozi umwe Yaba mu mahigwe no mu marushwa, Uyu ni Landrypromoter Bdi aheruka kuva mu bitaro aho yari yakoze isanganya rikomeye, akaba arikumwe n'umukunzi wiwe Christa .

muyibona gute iyo couple?

umu lengend mu muziki ndundi   yashize kuri statut yiwe ya whatsapp, ifoto y'umuririmvyi w'umurundi ariko arabica bigaci...
25/03/2023

umu lengend mu muziki ndundi yashize kuri statut yiwe ya whatsapp, ifoto y'umuririmvyi w'umurundi ariko arabica bigacika muri ino misi , yanditseko amajambo yoguhanura uwo muririmvyi yagize ati: " My lilttle brother i am proud of you but abo uvuga ko babayeho nabi i buraya canke ko baronka amafaranga abayabaye kandi ko bakora nk’ ama machines , wibuke ko aribo bazokwakira ino, aribo bazo kwikokora muri twadufaranga twabo tubayabaye ngo baze kukuraba,kandi aribo bari muba participa mukukuraba kugira uronke ayo ma views , aribo ba streaminga indirimbo zawe kuma platforms !! 🤦🏾 chill out lil bro…. Muze murasuzuma ivyo muvuga before!!!! “Usicheki mamba na hauja vuka mto “ ✌🏽 bless Up''

Ivyo Big Fizzo yabikoze kugira atere intege uwo muririmvyi drama-t, naho afise indirimbo zakuzwe nka itamporize na madamu ategerezwa kwitwara neza imbere y'aba fan biwe.

musomyi w'iyi nkuru tubwire, muri commentaire ubanje gufyonda aka j'aime, abandi ba lengend babura iki ngo bashigikire impano zishasha?



🔴⚽ Saido Ntibazonkiza, Derrick Mukombozi, ntibazoboneka mu nkino umugwi nserukiragihugu wimirije------------------------...
22/03/2023

🔴⚽ Saido Ntibazonkiza, Derrick Mukombozi, ntibazoboneka mu nkino umugwi nserukiragihugu wimirije
---------------------------------------
🔹Saido Ntibazonkiza wa Simba Sports Club na Derrick Mukombozi ntibazokina inkino 2 za kivandimwe zizohuza Uburundi na zizokinirwa itariki 25 na 28 Ntwarante 2023

📌 Abo bakinyi uko ari 2 bari mu bitezwe muri izo nkino inyuma yaho Ndayishimiye Youssouf, Mohamed Amissi basivye kubera imvune na Frederick Nsabiyumva kubera imvo z'umuryango. Na Amissi Cédric nawe nyene ari mubatazoboneka muri izo nkino

✍🏾 Umumenyereza Etienne Ndayiragije yaciye atumako Kanakimana Bienvenue akina muri mu gihugu ca .

🇧🇮🔥🔥INTAMBA ZACU !!🔴Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba n'abagiye bawuherekeje bahejeje gushika i Djakarta muri I...
21/03/2023

🇧🇮🔥🔥INTAMBA ZACU !!

🔴Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba n'abagiye bawuherekeje bahejeje gushika i Djakarta muri Indonésie aho bagiye gukinira inkino zibiri za kivandimwe.



Mu gihugu cose, kuri uyu wa mbere itariki 20/3/2023, abanyeshure bo mu gice ca mbere c'ishure shingiro gushika kubiga mu...
21/03/2023

Mu gihugu cose, kuri uyu wa mbere itariki 20/3/2023, abanyeshure bo mu gice ca mbere c'ishure shingiro gushika kubiga mu mashure y'isumbuye batanguye ibibazo nyezina. Aho twabonye umwana-muririmvyi w'uburundi kilikou akili atondanye n'abandi banyeshure nkuko twamenye ko yoba yiga mu mwaka uhereza.
Abakunzi biwe bari bazi ko atiga aho vyateye ikibazo benshi bituma bamwe bavuga ngo ariko akora igikorwa gishasha abandi nabo ngo ariga. Ivyo vyabaye mu gihe babonye amasanamu ari mw'ishure n'ayandi ari kumwe n'abanyeshure.


Bakunzi b'ikinyamakuru Ukuri magazine mubivuzeko iki?

Kuri uyu w'Imana mw'ijoro, abanyagihugu bo mu gihugu ca Kenya baraye bapanze ko bazinduka mu mabarabara yo mu gisagara c...
21/03/2023

Kuri uyu w'Imana mw'ijoro, abanyagihugu bo mu gihugu ca Kenya baraye bapanze ko bazinduka mu mabarabara yo mu gisagara ca Nairobi mu, kuri uyu wa mbere, mu ntumbero zo kwiyamiriza iduzwa ry'ibidandazwa riteye ubwoba muri ico gihugu.
Kuri uyu wa mbere abanyagihugu bazindutse mw'ibarabara. Muri iyo migumuko abapolisi niho bari baraba ko atacononekara aho abanyagihugu bahavuye barenza urugero mu kwigaragaramvya bashika naho bashamirana n'abapolisi nkuko bari babiteguye kuko batabemereye gushika mu bice vyose, abapolisi bagerageze kubankira ko boshika mu bice bihambaye vy'igihugu ariko birangira batera bahagereza bituma baterwa imyotsi ikoroza amasozi.

Mu buzi butandukanye bukorerwa mu gisagara ca Nairobi ntiborohewe aho twobamenyesha ko abakozi benshi batashoboye kurangura imirimo yabo ya misi yose ku bwiyo migumuko.

Mw'ijoro riheze, kuri uyu w'Imana,    umufasha akaba na manager wa   yaraye ahimbaje ibirori vy'isabukuru yiwe.
20/03/2023

Mw'ijoro riheze, kuri uyu w'Imana, umufasha akaba na manager wa yaraye ahimbaje ibirori vy'isabukuru yiwe.

🔴Umurwi ICUMU witaho gutenza imbere imico , akaranga n’ururimi rw’Ikirundi watanguye mu Burundi, umugambi wo kuzohora uk...
19/03/2023

🔴Umurwi ICUMU witaho gutenza imbere imico , akaranga n’ururimi rw’Ikirundi watanguye mu Burundi, umugambi wo kuzohora ukora amareresi acafye nkuko bimenyeshwa na Guy Darcy IRADUKUNDA arongoye uyo mugwi. Ayo mareresi akazoba afatiye ku nkuru canke imigani y’ikirundi yahora iyagwa canke igacibwa na basokuru , bateramye haziko. Ireresi ya mbere rero ikaba yitwa « GAHANGA ». Ni ireresi abantu benshi bibuka mu gisomwa ca « Gahanga wishwe n’iki », aho agahanga kavuga, kagahumira n’umuntu ashatse kugafata nabi. Iyo reresi izokwerekanwa irya mbere kuri uyu wa kabiri uza, itariki 21 Ntwarante 2023, mu kigo ndangamico IZUBA C’i Bujumbura( Centre culturelle Izuba) isaha 12 n'igice (18h:30).

Icegera ca kabiri ca Miss Burundi 2022, Aimée Gloire Ishimwe ari mu batunganya ico gikorwa, amenyesha ko uyo mugambi ari uwo gufasha Abarundi kugirango bagumane akarangamutima k’igihugu cabo mu yindi shusho. « Umugambi ni mushasha ariko dushaka kuzowukora kenshi gashoboka mu gukora ayandi mareresi menshi. Nivyo bisaba uburyo bwinshi ariko tuzogerageza uko dushoboye kugira bibandanye. Ngiriyeko nsaba ababishoboye ko boduterera, bakadufata mu mugongo kugirango akaranga kacu n’ururimi rwacu birame. »

Twobibutsa ko gutezimbere imico n’akaranga vy’Uburundi biri mu mugambi Aimée Gloire ISHIMWE yari yashize imbere mw’ihiganwa rya Miss Burundi.

Anniversaire y'imyaka 6 iheze habayeho umugwi wo gushigikira umuririmvyi w'umurundi   yaraye ihimbajwe.-----------------...
19/03/2023

Anniversaire y'imyaka 6 iheze habayeho umugwi wo gushigikira umuririmvyi w'umurundi yaraye ihimbajwe.
-------------------------------------------------------

B-FACE yagize ati👉:"Abafana banje mwubahwe aho muri hose ndabakunda iyi groupe imaze imyaka 6 muzokwamane nanje mpaka ku kanyuma mwarakoze cane ku rukundo munyereka igihe cose🙏🏿🙏🏿🙏🏿."👈
aho hari mu birori vy'iryo sabukuru B face bari kumwe n'abakunzi biwe(fans) .

🔴Umuhanzikazi w'icamamarekazi mwese muzi nka BButera KnowlessYamenyekanye Ku ndirimbo nyinshi zitandukanye, wo mu gihugu...
18/03/2023

🔴Umuhanzikazi w'icamamarekazi mwese muzi nka BButera KnowlessYamenyekanye Ku ndirimbo nyinshi zitandukanye, wo mu gihugu C'u Rwanda🇷🇼, vuba araduha ikibondo.
mwiteguriye gute ikibondo ciwe?


18/03/2023

🔴Umuhanzikazi w'icamamarekazi mwese muzi nka BButera KnowlessYamenyekanye Ku ndirimbo nyinshi zitandukanye, wo mu gihugu C'u Rwanda🇷🇼, vuba araduha ikibondo.
mwiteguriye gute ikibondo ciwe?


🔴 WASHINGTON aje gusiga amavuta, album nshasha ya Vichou Love=============Umuhinyanyuzi rurangiranwa mu karere ka Afrika...
18/03/2023

🔴 WASHINGTON aje gusiga amavuta, album nshasha ya Vichou Love
=============
Umuhinyanyuzi rurangiranwa mu karere ka Afrika y’ubuseruko azwi kw’izina rya yaraye ash*tse mu gihugu c’Uburundi. Akaba aje guhagarikira indirimbo ziriko ziratunganywa mu rukurikirane rw’indirimbo rushasha rwa Vichou Love rwitwa , rugiye gusohoka vuba.

Vichou Love agira ati : « Nubwo harimwo Indirimbo zakozwe n’abandi bahinyanyuzi, uyu azobanza kuzicako zose azisuzume. Eka n’imbere yuko tuzoshira ahabona Album yose, uyu niwe azotanga uruhusha rwanyuma ».

Aka kajede ka Vichou na Management yiwe mukumva gute ?




🔴 🎯NTAGISIVYA: Drama T agiye kwandikira ayandi mateka mu Bubirigi ==================== Twagira tubabwire inkuru ivuga ko...
17/03/2023

🔴 🎯NTAGISIVYA: Drama T agiye kwandikira ayandi mateka mu Bubirigi
====================
Twagira tubabwire inkuru ivuga ko umuririmvyi w’umurundi Drama-T yamaze kuronka VISA imuha uruhusha rwo kuja gukorera igiteramo i Buraya. Drama-T afise igiteramo mu Bubirigi itariki 27/5/2023. Ico giteramo akaba yagitumiwemwo n’umugwi « AKIWACU Event » wo mu Bubirigi ufadikanije na « Cristal Events » ku ruhande rwo mu Burundi.

Nk’uko DJ Paulin arongoye Cristal Events abimenyesha, avuga ko azoherekeza uwo muririmvyi kugirango ibikorwa bazokorerayo bigende neza. Yagize ati : « Jewe nyene ubwanje nzomuherekeza. Hanyuma hariho Indirimbo yakoranye n’umuririmvyi w’umurundi yitwa Ni Davy aba mu Bubirigi. Turashobora kuzokorerayo amasanamu yiyo ndirimbo. »
Akajambo kamwe kwa Drama!

source :

umuziki

🔴Muntara ya   neza na neza muri zone Rugazi muri komine kabarore ku mutumba wa Yanza,haravurwa igikoko kitaramenyekana c...
17/03/2023

🔴Muntara ya neza na neza muri zone Rugazi muri komine kabarore ku mutumba wa Yanza,haravurwa igikoko kitaramenyekana cishe mu muhana w'umuntu intama zitanu kur'uyu wa gatanu. Amatohoza rero akaba yamaze gutangura kugira ngo bamenye neza na neza ico gikoko icarico naho kiba kugira bagihagarike kuko atari ubwa mbere cica ibitungwa muri ako karere nk'uko bivurwa n'uwurongoye Igiporisi muriyo komine.

Muvyumva gute ?




  🇸🇻 : Uyundi Mugwi W'Imfungwa Zari Muri   Wajanjwe Mw'Ibohero Rinini Rizokwakira Abashika Ibihumbi 40 !  President W'Ic...
17/03/2023

🇸🇻 : Uyundi Mugwi W'Imfungwa Zari Muri Wajanjwe Mw'Ibohero Rinini Rizokwakira Abashika Ibihumbi 40 !

President W'Ico Gihugu Akaba Ari Mu Ntambara Ikomeye Yo Guhangana N'Abadandaza Ibiyovya Bwenge Hamwe N'Ibindi Bitemewe.

Zerekana Ko Bari Muma Gangs Abiri Akomeye Ariyo Mara Salvatrucha (MS-13) Na Barrio 18.

👱🏾‍♀ Mu gihe turi mu kwezi kwahariwe agateka k'abakenyezi, muri   tubazaniye  umuririmvyikazi akaba n’umukunzi wa Sat B ...
17/03/2023

👱🏾‍♀ Mu gihe turi mu kwezi kwahariwe agateka k'abakenyezi, muri tubazaniye umuririmvyikazi akaba n’umukunzi wa Sat B ariwe Belle Nice

⌚ Ntimutangwe ni kuri uyu wa 17/03/2023 isaha cumi n'imwe z'umuhingamo (17h)

📷📹: Akadirisha Prod
source : jimbere magazine

⚠️ Ikaye y'umuryango ubu ni itegeko mu miryango yo mu gisagara c'i  -----------------------------📘 Musitanteri Niyonkuru...
16/03/2023

⚠️ Ikaye y'umuryango ubu ni itegeko mu miryango yo mu gisagara c'i
-----------------------------
📘 Musitanteri Niyonkuru Olive arongoye komine Bubanza yafashe iyo ngingo abisabwe n'umukuru w'umutumba ku mvo z'ubusuma n'ubundi bugizi bwa nabi bumaze iminsi bwibonekeza muri centre ville Bubanza

✍🏾 "Abantu ni benshi, canecane abakenyezi baba mu gisagara. Baje gukora iki?
Hariho abadandaza umubiri, abandi bakina (abagabo). Ako gakaye niko kazoba kerekana ko ibikorwa vy'iterambere rusangi imiryango yose vyitabirwa"

🎯 Ni muri iyo mvo yo gukurikirana uruja n'uruza rw'abantu ko umuryango wose muri centre ville utegerezwa kugira agakaye k'umuryango. Kazokwandikwamwo abagize umuryango n'abo uraje

💸 Ariko abari mu nama y'umutekano bamenyesha ko ayo mafaranga kagugwa ibihumbi 2 ari umurengera

❓ Iyi nkuru muyakiriye gute ?

🔴✈️🇧🇮 Meili Official l ahejeje gushika kukibuga c'indege ca Bujumbura,azanye agashimwe🏆 yaheruka guhabwa muri Afrika y'E...
16/03/2023

🔴✈️🇧🇮 Meili Official l ahejeje gushika kukibuga c'indege ca Bujumbura,azanye agashimwe🏆 yaheruka guhabwa muri Afrika y'Epfo🇿🇦

🔴MUGISHA Merveille benshi muzi mumuziki murundi nka MEILI THE KEY,ahejeje gushika kukibuga c'indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye,aho aje azanye agashimwe yaheruka gutsindira Muri Afrika y'epfo mw'ihiganwa ryitwa INFLUENTIAL WOMEN & ARTES AWARD.Ibirori vyabaye igenekerezo rya 11/03/2023 muri Afrika y'Epfo,mugisagara ca .

🔴MEILI yakiranywe akanyamuneza kenshi n'abakunzi biwe,abamenyeshamakuru batandukanye,n'abandi harimwo n'uwurongoye ishirahamwe ry'abaririmvyi bomuburundi,NDAYISHIMIYE Olivier(Crazy Bright),aho mukiganiro batanze kubamenyeshamakuru bamenyeshejeko ari Iteka kugihugu‼️

Akajambo kamwe kuri MEILI🙏



Burna boy  umuririmvyi asanzwe ava mu gihugu ca Nigeria niwe agiye kuririmba mu rukino rwanyuma rw'ihiganwa rya Champion...
16/03/2023

Burna boy umuririmvyi asanzwe ava mu gihugu ca Nigeria niwe agiye kuririmba mu rukino rwanyuma rw'ihiganwa rya Champions league ruzobera mu gihugu ca neza na neza mu gisagara ca .

🤗Iri rikaba ari iteka ridasanzwe kuri uyo muririmvyi ndetse no k'umugabane wa afrika.


🫢 🙅🏾‍♂️ Kidum Kibido asabwa imiriyoni 40 Fbu kuko ngo yoba yarivye indirimbo "Intimba y'urukundo" agira ati: "Ntaco dupf...
16/03/2023

🫢 🙅🏾‍♂️ Kidum Kibido asabwa imiriyoni 40 Fbu kuko ngo yoba yarivye indirimbo "Intimba y'urukundo" agira ati: "Ntaco dupfa na Bucky John. Iyo ndirimbo anyagiriza kumwiba twese turazi yuko ari iy'umugwi witwa Imvumero..."

🙋🏾‍♂️ Mu gihe umuririmvyi Bucky John aherutse kwitwarira Kidum ko yaririmvye indirimbo "Intimba y'urukundo" ata ruhusha abifitiye, Kidumu yavuye mu gacerere. Yagize ati: "Abantu bomenya yuko rurya ruririmbo rwaririmbwe ubwa mbere n'umugwi (orchestre) 'Imvumero'. Ubwo twese twari muri uwo mugwi kandi nawe nyene arazi yuko iyo ndirimbo itigeze imwitirirwa ahubwo yitiriwe umugwi"

🎙️ N'ubwo biruko Gérard Bukuru (Bucky John) yahavuye yitwarira Kidum mu butungane ku mvo z'uko yivuguruje mw'ijambo. Agira ati: "Arazi ivyo yakoze niyo mpamvu yari yaranyemereye kundihira itike y'indege inshikana mu gihugu ca Kenya maze anankorere indirimbo. Ubu rero ko atavyo yakoze reka ubutungane bukore"

📌 Ubu rero Kidum ariko asabwa imiriyoni 40 z'amafaranga y'amarundi kubera yasubiyemwo ururirimbo "Intimba y'urukundo" ata ruhusha asavye Gérard Bukuru nyene indirimbo. Urubanza rukaba ruri mu minwe ya Sentare Nkuru y'Igihugu ya zone muri Mairie ya . Kidum nawe ati: "Nta rubanza ruhari kuko n'iyo ndirimbo ntizwi n'ikigo kijejwe gukurikirana ibikorwa mvabwenge OBDA"

Namwe mwavyakiriye gute ?

🔴  Mo'W Kanzie  ariko agerageza kuvanga vanga imiziki  ari kumwe na Dj patman wo muri Runtown deejays, Umunezero wonyene...
16/03/2023

🔴 Mo'W Kanzie ariko agerageza kuvanga vanga imiziki ari kumwe na Dj patman wo muri Runtown deejays, Umunezero wonyene niwo wabaranga, aho hari mu giteramo cari categuwe n'umurwi NDANGABURUNDI mu kigo c'abafaransa IFB


Umuhungu wa Sat-B ariwe   bavyararanye na Belle 9ice hari itariki 15/03/2020 ngo uyu musi niho yakwije imyaka 3ans avuze...
15/03/2023

Umuhungu wa Sat-B ariwe bavyararanye na Belle 9ice hari itariki 15/03/2020 ngo uyu musi niho yakwije imyaka 3ans avuze uyu musi ngo ni gwiwe yatumiye abandi bana bagenziwe kuza muri yiwe🎂🎂🍯🍯🥃🥃🔥🍾🍾🍾


umuririmvyi w'umurundi   ku musi w'ejo itariki 14 ntwarante yaratwemeye ko uyu musi itariki 15/3/2023 aza kuduha EP yiwe...
15/03/2023

umuririmvyi w'umurundi ku musi w'ejo itariki 14 ntwarante yaratwemeye ko uyu musi itariki 15/3/2023 aza kuduha EP yiwe yise (for you).
Aho twabonye imyiteguro myinshi ku mafoto meza cane.
muriteguriye gute kwakira iyo EP?

laissez vos commentaires, lâchez un maximum des j'aimes et suivez-nous pour voir la vérité.

📌  🎙️ Ishirahamwe ry'abaririmvyi b'abarundi "Coopérative des musiciens du Burundi" yabateguriye ihiganwa ryitiriwe "Baha...
15/03/2023

📌

🎙️ Ishirahamwe ry'abaririmvyi b'abarundi "Coopérative des musiciens du Burundi" yabateguriye ihiganwa ryitiriwe "Bahaga Award."

🎙️ Iryo higanwa rikazoba ribaye ku ncuro yaryo ya mbere. Ryateguwe mu ntumbero yo kumenyekanisha no guha agaciro ururimi rw'ikirundi.

🎧 Muri iryo higanwa, harimwo indirimbo zigera kuri cumi, aho iyizoba iya mbere muri zo ariyo izoshobora gutahukana ako gashimwe
Muri izi cumi👇 ni iyahe wibaza ko izotahukana ako gashimwe

🔸 Bashimye guhagarika kuja kurangurira muri  ------------- 👟 Ni abadandaza bo mu ntara ya  , badandaza ibirato babirangu...
15/03/2023

🔸 Bashimye guhagarika kuja kurangurira muri
-------------
👟 Ni abadandaza bo mu ntara ya , badandaza ibirato babirangurira i i muri Tanzaniya

📊 Basigura ko kubera amashiringi yaduze cane aho ku mafaranga 170 y'amarundi uronka 100 ry'amashiringi, ngo baranguriye i Tanzaniya bashikana ibirato vyazimvye cane maze ntibaronke ababigura babishikanye mu

📉 Ngo bararindiriye ko amashiringi yogabanuka agasubira nko 140 kugira basubire kurangura

👀 Aho muherereye ibiciro vyifashe gute?
ku bifungurwa, no ku bidandazwa muri rusangi?

Umupfasoni w'umwongereza yaratutswe avugwako menshi kubera uko yigenjeje mukwonsa umwana wiwe igihe kirengeje cane.Sharo...
13/03/2023

Umupfasoni w'umwongereza yaratutswe avugwako menshi kubera uko yigenjeje mukwonsa umwana wiwe igihe kirengeje cane.

Sharon Spink umukenyezi w'imyaka 50 asanzwe afise n'abana bane, yemeza ko kwonsa umwana wiwe yiga mumashure y'intango vyari ibintu bisanzwe kuri we, kandi ko vyakujije urukundo hagati ya we be n'umwana wiwe.

Sharon Spink yonkeje umukobwa wiwe Charlotte gushika kumyaka 9, naho nyene ntiyigeze arimukurako, umwana wiwe Charlotte niwe yabonye ko hageze araheza aryikurako.

Uyu mupfasoni asanzwe ari mubashigikira ukudakura abana kw'ibere, avuga ko kubona yonkeje umukobwa wiwe hafi imyaka icumi bimunezera, kandi ko ukubona umukobwa wiwe ariwe yifatiye ingingo yo guheba kwonka biramuryohera cane.

Sharon Spink yemeza ko umukobwa wiwe Charlotte inyuma yo kwonka imyaka 9 afise amagara meza kandi agwara gake kabaho.

Ikinyamakuru The Sun kivuga ko uyu mukenyezi yatutswe kubera ico kwonsa umwana igihe kirekire yakoze, abatari bake barabikengera, bamwe bamwe mbere bamufata ko ariko agirira ihohoterwa umwana wiwe ariko we avuga ko hakwiye kuvaho ivyo abantu bishizemwo ko ukwonsa umwana akuze bitagira agaciro.

"Baranyise amazina mabi yose, barambwira ko ndiko mpohotera abana, mbere ndahava nshigwa mumurwi w'abafata abana kunguvu, banyita igisizimwe." ni Sharon Spink avyigana

Munsi kw'isanamu yambere, turabona Sharon Spink ariko yonsa umukobwa wiwe Charlotte agifise imyaka itanu, kuyindi sanamu turabona Sharon arikumwe n'umwana wiwe Charlotte yujuje imyaka icenda igihe nyene yari akiva kw'ibere.

Inkomoko: https://www.thesun.co.uk/fabulous/7688971/mum-breastfeeds-nine-year-old/

https://www.mariefrance.fr/actualite/cette-maman-allaitait-fille-de-9-ans-ne-souhaitait-sarreter-618137.html?utm_source=supremedia&utm_medium=cpc&utm_campaign=cette-maman-allaitait-fille-de-9-ans-ne-souhaitait-sarreter =1

  : Igishusho c' umuganwa Rudoviko Rwagasore co ku mugwa mukuru w' intara ya Karusi caraye gisituwe n' abantu batarameny...
13/03/2023

: Igishusho c' umuganwa Rudoviko Rwagasore co ku mugwa mukuru w' intara ya Karusi caraye gisituwe n' abantu bataramenyekana. Mu gipolisi muri Province karusi baremeza ayo makuru. Bavuga ko amatohoza yatanguye kugira ngo hamenyekane abakoze ivyo bintu. Bikaba vyakozwe mw' ijoro ry' uwu w' Imana rishira uwa mbere.

12/03/2023

Urupfyu rwa rurababje 😭 yapfuye ariko aririmbira abafana biwe

Address

Bujumbura
Bujumbura

Telephone

+25768815035

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ukuri Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category


Other Magazines in Bujumbura

Show All

You may also like