Mu Burundi gukena udukoresho two mu butinyanka si agaseseshwarumuri. Abigeme benshi barafata ingingo zibabangamira kugira baronke ben’utwo dukoresho.
Dufatanye mu nda twobashigikira. Uwuguze Seka Nawe wese aba ashigikiye umwigeme atishoboye.
@followers
Mwoba mwipfuza gufata urugendo ataco mwinona, mukoresheje udukoresho two mu butinyanka twiza twagenewe nico gihe?
Mwitwaze Seka Nawe aho mugiye hose, muryohererwe uburuhuko bwanyu mu mahanga.
@followers
Mwoba mwipfuza udukoresho two mu butinyanka tutonona amagara yanyu?
Seka Nawe niyo nyishu nyayo.
@followers
Bapfasoni, bigeme, murashaka kugumana akaremba n’inkomezi no mu bihe vy’ubutinyanka?
Hamwe n’udukoresho Seka Nawe birashoboka cane. Abadukoresha baravyemeje, nitwo tubafasha kuguma batekaniwe umusi wose.
Turahimbariwe kubasangiza bimwe muvyo twashoboye gushikiriza abakenyezi, twifadikanije na Empower Her Gala. Turashimye umwe umwe wese yitangiye kino gikorwa, twarashoboye kuronsa udukoresho tw’isuku ku bakenyezi badukeneye.
Tubibutsa ko uwuguze Seka Nawe imwe, aba aterereye amafranga 500 afasha muri benibi bikorwa.
Twarashoboye kuganirira hamwe, duterera ivyiyumviro no gusangira ivyo twaronse.
N’akaryo keza ko gushimira Empower Her Gala twafashanije, namwe mwese mudasiba gushigikira ibi bikorwa.
Burundi On The Map
Kugira umenye ko ataco wokwibagira, raba aho wandika udukoresho udakwiye kwibagira uri ku rugendo.
Na cane cane kutibagira udukoresho tw'isuku Seka Nawe, haba ku mwana no kuri wewe umuvyeyi.
Ngibi bimwe mu biranga twadukoresho two mu bihe vy’ubutinyanka twakorewe mwebwe.
Mudusanga aho dukorera hagati mu gisagara hafi y’ikibuga c’umupira w’amaguru Intwari no mu Kajaga kw’ibarabara ryitiriwe Uvira.
Nguku uko twa dukoresho dushasha two mu butinyanka tumeze. Mwiteho kutwambara neza nkuko bibereye, mwongere musangize abagenzi, bashiki banyu, n'abana banyu.
Seka Nawe y'abana bakiri bato, umunezero ku mwana wanyu.
Kumwe yegeranya ubucafu, ikaba yoroshe, n'ubuhinga ikozwemwo, Seka Nawe irakingira umwana ari naho aguma amwenyura ataco yinona.
Seka Nawe ntihengeshanya kworohereza abarundi bose.
1. Kuri ca giciro nyene :2500 fbu udukoresho two mu butinyanka muturonka ku buringanire butandukanye.
2. Ku bana nabo, kuva ku biro 3-7, pamperise zabo ni 20000fbu. Kuva ku biro 8-14 naho, mukazironka ku 25000fbu.
3. Ku bana nyene, mushobora kuronka 6 ku 3000fbu gusa.
Mudusanga mu gisagara hagati, hafi ya stade intwari urenganye Librairie Saint Paul, canke mu Kajaga,35 Delta.
We wouldn't be here today without your important loyalty.
Because of you, we started our brand, found partners, and most importantly, helped people who needed it.
We appreciate you being with us and we can't wait to share with you this new year's opportunities and enjoyments.
✨Ubutinyanka ni kimwe mubimenyetso cerekana amagara meza n'ubuzima bwiza ku mukenyezi✨.