Kumwanya TV

Kumwanya TV Kumwanya TV ije kubafasha kuza muraronka amakuru yizewe ku mwanya, imyidagaduro, sports, actualité

Gagnants des prix Trace 2023✅Meilleur mâle : Davido 🇳🇬✅ Chanson de l'année : Calm Down de Rema et Selena Gomez 🇳🇬 ✅Album...
22/10/2023

Gagnants des prix Trace 2023

✅Meilleur mâle : Davido 🇳🇬

✅ Chanson de l'année : Calm Down de Rema et Selena Gomez 🇳🇬

✅Album de l'année : Burna Boy's Love, Damini 🇳🇬

✅ Meilleur artiste africain mondial - Rema 🇳🇬

✅Meilleure collaboration : 🇳🇬 Davido's Unavailable ft. Musa Keys 🇿🇦

✅Meilleur live : Fally Ipupa 🇨🇩

✅Meilleur clip : Baddie de Yemi Alade 🇳🇬

✅Meilleur danseur : Robot Boii 🇿🇦

✅Meilleur artiste anglophone d’Afrique : Asake 🇳🇬

✅Meilleure Femelle : Viviane Chidid 🇸🇳

✅Meilleur artiste francophone d'Afrique : Didi B 🇨🇮

✅Meilleure nouvelle venue : Roseline Layo 🇨🇮

✅Meilleur artiste Afrique du Nord : Dystinct 🇲🇦

✅Meilleur producteur : Tam Sir 🇨🇮

✅Meilleur artiste gospel : KS Bloom 🇨🇮

✅Meilleur artiste : Océan Indien : Goulam 🇰🇲

✅Meilleur artiste lusophone d'Afrique - Lisandro Cuxi 🇨🇻

✅Meilleur artiste au Rwanda - Bruce Melodie 🇷🇼

  Nizimwe mu nkuru ziriko ziracanako Ku mbuga ngurukana Bumenyi zigiye zitandukanye kw'isi, Ku bihugu akeshi agendera ab...
20/10/2023





Nizimwe mu nkuru ziriko ziracanako Ku mbuga ngurukana Bumenyi zigiye zitandukanye kw'isi, Ku bihugu akeshi agendera aba yambaye gisirikare kandi afise ninkoho yo mubwoko bwa Ariko rero hari ibihugu bititaha aha twovuga nk n' nivyo bimaze kugaragara neza Ko ukubumeze kwose inkoho ntiwinjirana mu biro vya Président.
Igitangaje kandi n'uko uyu Nyakwubahwa 🇬🇦 Brice Oligui Nguema Umukuru w'igihugu vy'imfatakibanza wa aheruka guheba umushara yari agenewe nk'Umukuru w'igihugu
--------------------
🥷 Brice Clotaire Oligui Nguema akaba ahejeje gushika mu mu rugendo rw'akazi.

1⃣ Ica mbere co kumenya nuko uwo Mukuru w'igihugu vy'imfatakibanza (imyaka 48) akaba anasanzwe ari umusirikare afise ipeta rya Général de Brigade yarahiriye amabanga yo kurongora igihugu ku wa 04 Nyakanga 2023 inyuma yo gukombora Ali Bongo (ku wa 30 Nyakanga 2023) yari asanganywe ayo mabanga

2⃣ Mu kiringo kitarakwira amezi abiri ari ku butegetsi vy'imfatakibanza uwo Brice Nguema aramaze gukora ingendo zitari nke mu bihugu bitandukanye vya Afrika mu ntumbero yo kunagura imigenderanire navyo. Bimwe muri vyo akaba ari igihugu ca Guinée équatoriale, Congo Brazzaville, Centrafrique, Tchad, Rwanda, Burundi...





🇬🇦 Brice Oligui Nguema Umukuru w'igihugu vy'imfatakibanza wa   aheruka guheba umushara yari agenewe nk'Umukuru w'igihugu...
20/10/2023

🇬🇦 Brice Oligui Nguema Umukuru w'igihugu vy'imfatakibanza wa aheruka guheba umushara yari agenewe nk'Umukuru w'igihugu
--------------------
🥷 Brice Clotaire Oligui Nguema ahejeje gushika mu mu rugendo rw'akazi. Muri iyi nkuru tugaruka ku makuru ya vuba ajanye n'uwo mush*tsi

1⃣ Ica mbere co kumenya nuko uwo Mukuru w'igihugu vy'imfatakibanza (imyaka 48) akaba anasanzwe ari umusirikare afise ipeta rya Général de Brigade yarahiriye amabanga yo kurongora igihugu ku wa 04 Nyakanga 2023 inyuma yo gukombora Ali Bongo (ku wa 30 Nyakanga 2023) yari asanganywe ayo mabanga

2⃣ Mu kiringo kitarakwira amezi abiri ari ku butegetsi vy'imfatakibanza uwo Brice Nguema aramaze gukora ingendo zitari nke mu bihugu bitandukanye vya Afrika mu ntumbero yo kunagura imigenderanire navyo. Bimwe muri vyo akaba ari igihugu ca Guinée équatoriale, Congo Brazzaville, Centrafrique, Tchad, Rwanda...

3⃣ Uwo Mukuru w'igihugu rero aherutse guheba umushahara ahabwa n'amabanga yo kurongora igihugu. Mw'itangazo ryo kuri uyu wa 18/10/2023, umuvugizi w'umugwi ujejwe intwaro mfatakibanza yatangaje ko Umukuru w'igihugu ahevye uburusho ahabwa no kuba ari Prezida harimwo n'umushahara

📌 Imvo yo guheba uwo mushahara nkuko biri muri iryo tangazo ni izi: "Buri munsi, umugwi ujejwe intwaro vy'imfatakibanza ubandanya ubona ingene igihugu catabagaye na cane cane mu vy'ubutunzi. Kubera ko hariho ivyihutirwa vyinshi abanya Gabon biteze kuri Reta, Umukuru w'igihugu yahisemwo guheba uburusho bwiwe"

🥷🏾 Kubera ko asanzwe ari n'umusirikare, Brice Nguema ngo azogumya umushahara agenewe nk'Umukuru w'ingabo z'igihugu, ivyo bikaba vyarabaye no kuri mugenzi we atwara igihugu ca Burkina Faso

4⃣ Muri kahise ka hafi mu migenderanire y'Uburundi na Gabon, Umukuru w'igihugu wa Gabon (Ali Bongo) yaheruka mu Burundi mu 2018




📢🎓 Abipfuza kwiyandikisha mu gice ca kabiri c'inyigisho za kaminuza ( ) ku mwaka w'ivyigwa 2023-2024, Universite du Buru...
20/10/2023

📢🎓 Abipfuza kwiyandikisha mu gice ca kabiri c'inyigisho za kaminuza ( ) ku mwaka w'ivyigwa 2023-2024, Universite du Burundi irabahamagaye

✍🏾 Kwiyandikisha ni kuva ku wa 23 gushika ku wa 27/10/2023. Abapfuza kwiyandikisha baciye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa UB: master.ub.edu.bi/inscriptions

📚 Ikiringamisi c'ingene ibikorwa bizokurikirana hamwe n'ibisata bihari mushobora kubisanga hano 👉 www.ub.edu.bi






1 Woyasubiza canke 2 woreka mushikawe agasaziriwanyuIshura nkuwayatoye  1 canke 2
19/10/2023

1 Woyasubiza canke 2 woreka mushikawe agasaziriwanyu

Ishura nkuwayatoye 1 canke 2




 🔴❌️ Ingingo ya mbere ya Édouard Normand Bigendako nk'umuyobozi wa Banki Nkuru y'Igihugu : guhagarika ingingo yari yafas...
13/10/2023



🔴❌️ Ingingo ya mbere ya Édouard Normand Bigendako nk'umuyobozi wa Banki Nkuru y'Igihugu : guhagarika ingingo yari yafashwe ku wa 31/01/2023 n'uwo yasubiriye mu mabanga Dieudonné Murengerantwari. Iyo ngingo nayo ikaba yari iyo guhagarika kwandika udushirahamwe dutoduto tw'abenegihugu two kwiziganiriza no kuguranana

👉 Utwo dushirahamwe tukaba duhawe ikiringo c'amezi atandatu kugirango tuba twamaze kwiyandikisha mw'i Banki Nkuru

⚠️ Ariko rero : Ibanki Nkuru iramenyesha ko ata gashirahamwe canke umuntu arekuriwe gukora ibikorwa vyo kuziganya, no gutanga ingurane ntonto atabirekuriwe n'ibanki nkuru

🎤 Izi ngingo muzumva gute?





   NTASIBA_GUSEMERERA_ARIKO_INTUMVA_ZAMAHO.  : Ibanki Nkuru y'Uburundi iramutswa umuyobozi mushasha   yahora ARI umuyobo...
08/10/2023


NTASIBA_GUSEMERERA_ARIKO_INTUMVA_ZAMAHO.

: Ibanki Nkuru y'Uburundi iramutswa umuyobozi mushasha yahora ARI umuyobozi mukuru wa Banki BNEDE, akaba kandi yarigeze kuba umuyobozi mukuru w'igisata kijejwe gukurikirana amakuru ndetse n'ubuhinga muri BRB akaba agiye gusubirira .

Kubwawe vyukuri hari hageze ko uyu mwubahwa ak***a? Mwomenyako Dieudonné yari yajejwe ayo mabanga mumwaka uheze wa #2022/08/08.

Ivyo biri murwete ruhejeje kuja ahabona ruteweko umukono n'umukuru w'igihugu.

N'igiki twokwitega kur'uyu mushasha?
Ubwo ukuntu amahera yagaciro yabura twokwizera KO agiye kuboneka! Ugatakaza kumwanya kumwanya kwagaciro kamafaranga y'amarundi vyoba bifitaniye isano n'umuyobozi mukuru! Ikena ryamafaranga y'amarundi haricizere Ko agiye kwongera kuboneka nkuko vyamyeho?

Ibitekerezo vyanyu birakenewe kuko n'ingirakamaro. Mwibuke gukora like, subscribe na share kugira usangize bagenzawe ibiba bigezweho kumwanya.




  : Abagumyabanga bo mu ntara nshasha ya Bujumbura(Cibitoke ; Bubanza, Bujumbura, Igisagara ca Bujumbura) bitoreye indon...
07/10/2023

: Abagumyabanga bo mu ntara nshasha ya Bujumbura(Cibitoke ; Bubanza, Bujumbura, Igisagara ca Bujumbura) bitoreye indongozi z’Umugambwe muri iyo ntara mw'ikoraniro ry'umugambwe, ryabereye mu Gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 07 Gitugutu 2023 :
✍️Alexandre Ngoragoze : Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura.
✍️ Nahimana Dieudonné: Icegera c’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura. Akaba ajejwe no gutororokanya no guhanahana amakuru.
✍️ Niyokindi Gertrude : Umunyamabanga w’ibiro vy’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura.
✍️ Hon Felicien Nduwuburundi : Umunyamabanga ajejwe inyigisho z'akarangamutima, gukundisha igihugu n'Umugambwe no kwinjiza abanywanyi.
✍️Mutwa Chlisologue : Umunyamabanga ajejwe poritike, intwaro n'amategeko.
✍️ Saidi Djuma : Umunyamabanga ajejwe iterambere ry’abenegihugu
✍️ Solange Murerwa : Umunyamabanga ajejwe imibano, inkino, amaratiro n’ubuhinga ndangakaranga
✍️ Nsabimana Deo : Umunyamabanga ajejwe imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD ( umuhari w'imbonerakure urongowe Shabani Nimbona ; umuhari w'abakenyererarugamba na Benoite Nizigiyimana)
✍️ Sebastien Bivugire : Umunyamabanga ajejwe abagumyabanga bahoze ku rugamba rwo guhabuza amahoro na demokarasi mu Burundi


🔴Abagiye gutwara umugambwe CNDD FDD mu ntara 5 hisunzwe indinganizo nshasha ya leta yo kugabanya intara bahejeje gutorwa...
07/10/2023

🔴Abagiye gutwara umugambwe CNDD FDD mu ntara 5 hisunzwe indinganizo nshasha ya leta yo kugabanya intara bahejeje gutorwa.

Abo batowe ni aba bakurikira :

➡️ Alexandre NGORAGOZE niwe agiye kurongora umugambwe mu ntara ya
➡️Georges NSHIMIRIMANA mu ntara ya
➡️Ferdinand HABIMANA mu ntara ya
➡️Gerard BARUTWANAYO mu ntara ya
➡️Sylvain NZIKORURIHO mu ntara ya .

  W'UBURUNDI EVARISTE NDAYISHIMIYE ARASHIMIRA CANE MUGENZI WE WA AMERIKA JOE BIDENUmukuru w'igihugu yashimiye mugenziwe ...
25/09/2023

W'UBURUNDI EVARISTE NDAYISHIMIYE ARASHIMIRA CANE MUGENZI WE WA AMERIKA JOE BIDEN

Umukuru w'igihugu yashimiye mugenziwe Joe Biden n'abanyamerika ku bugwaneza bamwakiranye mu misi yamazeyo

Prezida Evariste Ndayishimiye abacishije ku mbuga ziwe akaba yavuze ko ashima vy'imvamutima ubugwaneza Joe Biden n'abanyamerika bamwakiranye arikumwe n'umugwi w'abarundi bitabiriye inama ya78 y'umuryango w'ibihugu vyunzubumwe

Umukuru w'igihugu akaba yaraye ash*tse i Bujumbura ku mugoroba wo kuri uyu wa 24 Nyakanga 2023


  : Umukuru w'igihugu Varisito   ahanura   kutumviriza ibihuha, bemere ivyo biboneye n'amaso yaboMugihe yari aganutse av...
25/09/2023



: Umukuru w'igihugu Varisito ahanura kutumviriza ibihuha, bemere ivyo biboneye n'amaso yabo

Mugihe yari aganutse avuye mu ma nama mpuzamakungu yahoramwo mu bihugu vya na Reta zunze ubumwe za Amerika, ku mugoroba wo kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 24 Nyakanga 2024, umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi ko bakwiye kwirinda kuza barumviriza ibihuha ahubwo nyabuna bakaza baremera ivyo biboneye n'amaso yabo mu ntumbero yo kwirinda ibibasamaza bikababuza kuguma ku kivi.

Ngo hariho abantu bafatira kuri urya mugani ngo "abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga" bagaca bafatira aho nyene, bakibwira ati : "ndashobora kubahagarika gukora", bagaca baguma babakubita ibihuha, hama ejo inzara yatera, ugasanga abanyagihugu baguma bavuga ngo barashonje.

Agira ati : "Nico gituma abarundi dukwiye kwama tugavye imisi yose, kuko ahantu hari Imana na shetani yamaho. Ivyo mwame mubizi. Kubera iki twaciye tumera amatwi maremare gusumba gukanura maremare?"

Yongera ati:"Ni mugire amatwi mubone. Umuntu akubujije gukora umenye ko ari umwansi wawe, aba ashaka ko uzosonza ejo, kuko niwe azogaruka kugutwenga ngo ehe inzara irakwishe, none nk'ubu ubona uzobaho gute? Kugira ngo aguhamagarire mu migumuko. Rero za muce ubwenge kugira ngo mumenye."

Akaba asaba abarundi kugira inyifato nk'iy'intare ,mu kutihaya no kuvuga amajambo, narirya ari naco kimenyetso kiranga Uburundi.

Yagize ati :

"Ntawuyobewe y'uko intare ifise amenyo akarishe gusumba n'ibindi bikoko, ariko ntigenda yasamye ngo iyerekane, iranafise n'inzara zisongoye ariko iriko iratambuka ntuzibona, izisohora hageze."

Ayo majambo ya Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye akaba aje akurikira ayaheruka gushikirizwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano, yiyamiriza ibihuha.

🔴  : komine   yaraye ironse musitanteri mushasha-------------🔰 Mwomenyako kuva ku musi wa 10/08/2023, musitanteri Ndahab...
17/09/2023

🔴 : komine yaraye ironse musitanteri mushasha
-------------
🔰 Mwomenyako kuva ku musi wa 10/08/2023, musitanteri Ndahabonimana Nicodème yahora arongoye iyo komine ariho yafatwa agapfungwa muvyo yagirizwa hakaba harimwo ko ari intambamyi ku butunzi bw'iyo komine

🔷 Ku musi wa 15/09/2023 inyuma y'amatora yagizwe n'inama mpanuzwajambo ya komine Mabayi, haratowe Jeanne Izomporera. Mubatoye 29, yatowe ku majwi 21 (72,4%). Iyo commune yari irongowe na musitanteri w'infatakibanza




🔴⚽ Ubu ni bwo buryo bwonyene bwotuma   buronka uburenganzira bwo gukina  ---------------------------------------------🔷 ...
12/09/2023

🔴⚽ Ubu ni bwo buryo bwonyene bwotuma buronka uburenganzira bwo gukina
---------------------------------------------
🔷 Gutsinda mu rukino rwo kuri uno wa kabiri( kuronka intsinzi ) ya 1 ku 0 , 2 kuri 1, 3-0 canke ibindi ariko Uburundi burushe ibitsindo Cameroun

👏🏽 Kunganya na ku bitsindo 1 ku kindi (1-1) canke 2 ku 2, n'ibindi birenga (2-2,3-3,4-4,5-5)

📌 Nka hamwe urukino rworangira ari ubusa ku bundi (0-0) Uburundi ntibuzoba bucitavye ihiganwa rya .

🧐 Menya neza, kugira Cameroun ije muri CAN, itegerezwa gutsinda urukino rw'uno munsi, canke banganye 0 ku 0 n'Uburundi canke naho ibitsindo 4 kuri 4, ( banganije n'Uburundi 4 ku bindi ivyo bihugu 2 vyoca bigira rimwe muri CAN

📍Tubibutse ko mu muce wa C, Uburundi burimwo, Intamba mu rugamba ziri mu kibanza ca 3 ( amanota 4),inyuma ya Cameroun ifise amanota 4. Mu kibanza ca mbere hari ifise amanota 5.

👀 Tubwire wewe wipfuza ko urukino rurangira gute? Kunganya 4 kuri 4 wewe uravyiteze?





🔴⚽ Umumenyereza n'abo bafashanya bahisemwo  gutanguza umukenyuro was 3-5-2 ,muri bo harimwo Saidi Ntibazonkiza----------...
12/09/2023

🔴⚽ Umumenyereza n'abo bafashanya bahisemwo gutanguza umukenyuro was 3-5-2 ,muri bo harimwo Saidi Ntibazonkiza
-------------------------
📌 Urutonde rw'abakinyi 11 batangura mu kibuga rwamaze kuja ahabona, bapanzwe mu mukenyuro wa 3-5-2

🥳 Saidi Ntibazonkiza, Amissi Cédric ,na Ndayishimiye Youssouf bari bamaze igihe bataboneka mu umugwi nserukiragihugu batangujwe

🤔 Nayo Kizigenza Saido Berahino ari mu bakinyi baza gusubirira abandi (ari mu batanguye hanze)

👌🏾 Tubibutse ko uyo mukenyuro ari wo wakoreshejwe ku rukino rwahuje Uburundi na

🧐 Bagenzi, uyo mukenyuro mubona uhava ukora umuti?





Uwurongoye   ,umurwizatunga  , batazira  , we n’abo bari kumwe basohowe mu nama n'umushikiranganji wa mbere .Hari kuri u...
05/09/2023

Uwurongoye ,umurwizatunga , batazira , we n’abo bari kumwe basohowe mu nama n'umushikiranganji wa mbere .

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5/9/2023 n’indongozi zitandukanye ku bijanye no gusuzuma uko umwaka w’uburimyi ku mpeshi wagenze.

Mu bibazo vyashikirijwe habonetse cane ikena rikomeye ry'ifumbire mu ntara zitandukanye z’Uburundi.

Umushikiranganji wa mbere abajije uwurongoye FOMI yishuye ati: « Twaragize ibibazo technique notamment ibikoresho vy’ivyuma vyapfuye hamwe n’ikena ry'amahera y’agaciro. »

Uwo arongoye Leta akaba yamiriye kure izo nsiguro ahubwo amusaba amatariki nyezina yo kuba yatanze iyo fumbire, nawe arayibura kuko avuga ko ivyuma bidasezerana kandi atokwishira akagozi mw’izosi.

Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yaciye amusohora nabo bari kumwe bose ngo kuko ataco bariko baramara. Yamutegetse ko buca amuha itariki azotangirako iyo fumbire atari aho naho ngo: « ibizokurikira ntibizokoroha »

Kuba yasiguye ingorane ijanye n'ibura ry'ama "devise" arivyo bituma umwavu w'ikizungu ugorana kuboneka, yoba yabikoze nabi?


🔴 Muntara ya   haraye hafashwe indongozi iriko ihindura inyishu ku rupapuro rw'umupfasoni aheruka gukora ikibazo co kuro...
03/09/2023

🔴 Muntara ya haraye hafashwe indongozi iriko ihindura inyishu ku rupapuro rw'umupfasoni aheruka gukora ikibazo co kurondera akazi Ko kwigisha agifatwa aca ahitamwo kurya impapuro yariko arahindagura.

📌Umuhanuzi mubiro vy'umuyobozi w'indero muri komine Gitobe muvyo ajejwe harimwo Abakozi bo muri ubwo buyobozi Joël, yarasanzwe ari mu murwi wa Komine ujejwe ivya recrutement y'abigisha, yafashwe ku mugaragaro kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Nyakanga 2023, ariko agerageza gukoporora inyishu k'urupapuro rushasha ku kibazo c'abigisha giheruka gukorwa kuri misiyo yahawe n'umugabo w'umwigisha azwi kw'izina rya Mandera Daniel kugira bikunde umupfasoni wiwe Nimbona Euphrasie abe mubatoye ico kibazo.

📍Mugufatwa kuwo Muhanuzi, Umuyobozi w'indero muri komine yazindutse kumuhitana kugirango baje gutanga amanuta kubari basanzwe barakoze ikibazo nawe Kubera azi umutego yari yateze aca aranka ko bajana n'uwo muyobozi. Niho uwo muyobozi yaca yigira amaze gushika ahari hasanzwe habitswe izo mpapuro aca asanga wa muhanuzi wiwe yahageze kera mbere aza yatanguye no kuraba Muri nya mpapuro. Muri ako Kanya uwo Muhanuzi acikanga ko umuyobozi w'indero muri komine ash*tse, yaciye afata impapuro Yariko akorerako amanyanga zimwe aca arazihekenya mpaka arazimiragura izindi ziramunanira aca azicira munsi y'akabati Kari mu biro akoreramwo nkuko vyabonetse ariko azereka inyamiramabi. Uwo Muhanuzi kumwe n'uwo bakoranye n'uwo bateguranye gukora ico caha bahavuye bashikirizwa ubutungane kugirango amatohoza abandanye kuko hari impapuro z'abakoze ikibazo gushika n'ubu zaburiwe irengero.

Iyo nyifato muyumva gute?

Inkomoko: Kirundo Province

 🔴👋Sindayihebura Renovat Ahejejwe kubogozwa mumabanga 🙌=======================📅Kur'uno wambere 28 myandagaro 2023 , Umus...
28/08/2023



🔴👋Sindayihebura Renovat Ahejejwe kubogozwa mumabanga 🙌
=======================

📅Kur'uno wambere 28 myandagaro 2023 , Umushikirangaji w'intwaro yo hagati mugihugu iterambere rusangi n'umutekano Martin Niteretse , Yazindukante isekeza ryo kubogoza abasitanteri bitwara nabi mumabanga bazejwe aho ahejeje guharika mu mabanga Musitanteri wa Komine , uwa komine n'uwa komine .

➡Nk'uko biri mw'itegeko nshikiranganji no 530/1093 ryo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2023, ryateweko umukono n'umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati Martin Niteretse ryerekana ko musitanteri wa Komine Mukaza yahagaritswe muri ayo mabanga.

🧵Akaba yagirijwe kuba atashoboye gukurikirana idandazwa vy'ivya nkenerwa vyari bigenewe kudandarizwa mu karere arongoye.

♐Iryo hagarikwa rikaba rije rikurikira akamo kaheruka guterwa n'umukuru w'inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera, aho yumvikanye akarira umushikiranganji Martin Niteretse amubaza impamvu Musitanteri Renovat Sindayihebura akiri mu mabanga kandi hari itoni 15 z'isukari yagirizwa kuba yarazinyuruje.

👉Abandi basitanteri bakuwe akaba ari Musitanteri wa Komine Kayanza yo mu ntara ya Kayanza Gilbert Nyandwi hamwe n'uwa Komine Busoni yo mu ntara ya Kirundo Nsavyimana Dismas.

✍️Bimwe muvyo bagirizwa hakaba harimwo kutumvira (kutubaha) amategeko y'abamukurira, kutabungabunga itunga rusangi hamwe no kunanirwa no gukurikirana abanyagihugu arongoye.

👀Basomyi bacu, iri k***a ry'agasakisaki ry'izi ndongozi murivuzeko iki?


 : Umuyobozi w'ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Umuco Microfinance asabwa kutemerera umuntu n'umwe gukura amahera...
24/08/2023

: Umuyobozi w'ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Umuco Microfinance asabwa kutemerera umuntu n'umwe gukura amahera kuma konte ya Alain Guillaume Bunyoni asanzwe ari mw'iryo shirahamwe.

Biri mw'ikete umuyobozi mukuru w'ibanki nkuru y'igihugu yandikiye uwo muyobozi w'iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana kuri uyu wa 22 Myandagaro 2023, amusaba gushira mu ngiro ingingo y'Umushikirizamanza Mukuru wa Repubirika y'Uburundi.

Duhurire muri commentaires

Umushikiranganji wa mbere   yahaye umubonano kuri uyu wa 4 uwuserukira igihugu ca   mu Burundi  , yakira kandi   aseruki...
24/08/2023

Umushikiranganji wa mbere yahaye umubonano kuri uyu wa 4 uwuserukira igihugu ca mu Burundi , yakira kandi aserukira mu Burundi aranakira aserukira ibanki y'isi mu Burundi.

Uwuserukira igihugu ca Tanzaniya,yari aje kumusezera kubera ikiringo ciwe co guserukira Tanzaniya mu Burundi carangiye,akaba yashimye ingene yakoranye neza n'indongozi ndetse n'abenegihugu b'uburundi,akavuga kandi ko ashima intambwe Uburundi bugezeko mw'iterambere,nayo umushikiranganji wa mbere nawe akaba yamwipfurije kuroranirwa iyo azobandaniriza.

Uwuserukira nawe,barabiye hamwe ivyo iryo shirahamwe rimaze kurangura mu Burundi banavugana ku migambi PNUD igiye kurangura kuva mu 2024gushika mu 2027,uwo mush*tsi akaba yamenyesheje ko PNUD rizofasha mu mugambi wo gushiraho karangamuntu ikozwe kubuhinga bwa none hamwe no gushigikira imigambi y'abakenyezi n'iy'urwaruka hamwe no guhangana n'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.

Uwuserukira ibanki y'isi mu Burundi, baganiriye ku migambi ijanye n'urugomero rwa hamwe no gutarura ikiraro kizohuza uburundi na Republika iharanira intwaro rusangi ya kongo kugira imigenderanire n'ihanahana ry'ibidandazwa vyorohe.

   Ni ibiki vyabaye kuri  ?Kw'igenekerezo ry'uno musi (14h30Bujumbura) habaye ibintu vyatangaje benshi ku cicaro gikuru ...
24/08/2023

Ni ibiki vyabaye kuri ?

Kw'igenekerezo ry'uno musi (14h30Bujumbura) habaye ibintu vyatangaje benshi ku cicaro gikuru ca ku murwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura.
Imodoka y'umuyobozi mukuru wa INTERBANK(ADG) ariwe yaje gutorwa n'ikimodoka gikwega izindi(marikong) kiyikura aho yariparitse.Haciye akanya gato,imodoka yo mu bwoko bwa Jeep_Prado plaque KA 4287 y'icegera c'uwo arongoye INTERBANK yaciye ija gutorwa nayonyene barayitwara.

Amakuru twahavuye tumenya n'uko intandaro ya vyose ari amatati ari hagati ya INTERBANK na MBONABUCA Gérard nyene yoba afise imitahe myinshi muri INTERBANK ariko bakaba baranse kumushira mu ba nyamitahe nk'uko bari bavyumvikanye(Actionnaires.)
Uno musi rero,ubutungane bwari buje gushira mu ngiro urubanza.Hakaba hari haje abapolisi bo muri .

Gushika ubu,amakuru ataremezwa neza avuga ko wa INTERBANK yoba yamaze guhungira muri Ambassade ya mu Burundi kubwo gutinya kugirirwa nabi.
None ibi vyabaye vyoba bigiye guhungabanya ibikorwa vya INTERBANK?



 🔴💫   ya Chris Ndikumana, iriko irakwira amahanga !!!====================Inyuma y’igikorane kidasanzwe yakoreye kuri ETS...
24/08/2023



🔴💫 ya Chris Ndikumana, iriko irakwira amahanga !!!
====================
Inyuma y’igikorane kidasanzwe yakoreye kuri ETS Kamenge mu Burundi, Umukozi w’Imana w’Umurundi Chris NDIKUMANA yamenyesheje ko agiye gukora ikindi gikorane kidasanzwe nkico nyene muri Afrika y’uburengero ( Afrique de l’Ouest). Ico gikorane kikazoba mu kwezi kwa Munyonyo kugirango abatari bake baba mu bihugu vyo muri ako karere bashobore gutabarwa, gukizwa no guhezagirwa mu vy’impwemu.

Nk’uko mubibona kurayo masanamu, abantu isinzi, bavuye mu mice itandukanye y’igihugu hamwe no mu bihugu bigize kano karere, nibo bari bitavye ico gikorane co mu Burundi. Benshi mwarabonye amasanamu y’abantu bavuye mu bihugu vya kure, batumva canke badatahura ikirundi, ariko bafashe ingendo ndende kugirango baze murico gikorane ca .

Ivyo bikaba vyerekana canecane ukuntu ikirundi canke Uburundi buriko burabera itara ayandi mahanga mu kuyahishurira ibijanye n’agakiza, n’inzira ishika ku musaraba biciye mw’ijambo ryazanywe n’umukozi w’Imana Chris NDIKUMANA.

Woba waragiye murico gikorane? Wahakuye iki ?


  ISHA_BUGUFI_KUBENEGIHUGU.🔴CIbitoke: Ngo "uwobona ubwitonzi n'ukwicisha bugufi kwiwe, ntiwokwibaza ko afise ipete rya  ...
24/08/2023

ISHA_BUGUFI_KUBENEGIHUGU.

🔴CIbitoke: Ngo "uwobona ubwitonzi n'ukwicisha bugufi kwiwe, ntiwokwibaza ko afise ipete rya ."

👆Ivyo bishikirizwa na bamwe mu benegihugu bo mu ntara ya bamaze imisi bitura Buramatari w'iyo ntara ngo abatunganirize.

🔴 Ngo uretse ko atamwenegihugu yirengagiza, ng'ubuho aho asanze Abenegihugu bicaye bamurindiriye, ngo aca abicaramwo hagati,akabayagisha, uwufise ikibazo wese akava hasi aruko bose batunganirijwe. Uwasanze yicaye hagati y'abenegihugu batobato bari bamurindiriye, ngo yagumye y'ibaza nimba iyo ndongozi ifise koko igarade rya Cononel, n'uko yoba ari uwusanzwe, ariko akarangiza yipfuza ko buri ndongozi yose yomurabirako akarorero keza, ikama imenya ko yizewe kugira ngo ishobore gutunganiriza umwenegihu, atankunzi canke kugara.



🤌Ukaba wakuriye i   ino foto iraza kukugora gutagura ariko niwaba wakuriye ahandi atari i   urayitahura.✍️Abayitahuye du...
22/08/2023

🤌Ukaba wakuriye i ino foto iraza kukugora gutagura ariko niwaba wakuriye ahandi atari i urayitahura.

✍️Abayitahuye duhurire muri .

🏗️ 🙅🏾  : "Umugambi wo guhindura inyubako zimwe zimwe zo mu gisagara ca   ni ntabanduka. Abarundi basabwa kwitegura kuko ...
14/08/2023

🏗️ 🙅🏾 : "Umugambi wo guhindura inyubako zimwe zimwe zo mu gisagara ca ni ntabanduka. Abarundi basabwa kwitegura kuko hari inyubako zidakwiye kuba mu gisagara!"
---------------------------
🔰 Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe n'umushikiranganji wambere Gervais Ndirakobuca mu nama yamuhuje kuri uyu wa 13 Myandagaro 2023 n'imvukira z'abavuka mu ntara nshasha ya Bujumbura izoba irimwo kuva mu 2025 intara za (Cibitoke, BujumburaRural, Bujumbura) ku makenga bamwe mu mvukira za Bujumbura bari bafise kubijanye n'ivyo umushikiranganji w'inyubako yaheruka kuvuga ko abantu bose bazohora bubaka aruko babanje kwerekana ishusho y'inzu bagomba bubake

🎙️ Gervais Ndirakobuca yagize ati: "Nimba turiko turavuga Uburundi buteye imbere mu mwaka wa 2060, hariho ibintu dutegerezwa kuvamwo, umushikiranganji w'inyubako niwe akwiye gutegura ingene inzu zo mu gisagara zokwubakwa (plan) hanyuma uwubishoboye akayubaka uwutabishoboye nawe akavamwo akaja kwubaka ahari ku rugero rwiwe kuko bitagenze uko vyohava biba akajagari"

💬 Abandanya ati: "'Ivyo dutegerezwa kuvyumva uko nk'abanyagisaga kandi bavuze kwubaka ntibavuga ibibanza bigaragara gusa n'izo nzu zose zitakibereye kuba mu gisagara ca Bujumbura zirimwo kandi ivyo vyose ni ukuvyitegurira kuko ntitwovuga ko twateye imbere tugifise ibinyene tubona ngaha uno minsi. Ishusho y'igisagara itegerezwa kuba yahindutse ivyo ni ukuvyumva uko nyene. Dutegure imitima!"

14/08/2023

🏗️ 🙅🏾 : "Umugambi wo guhindura inyubako zimwe zimwe zo mu gisagara ca ni ntabanduka. Abarundi basabwa kwitegura kuko hari inyubako zidakwiye kuba mu gisagara!"
---------------------------
🔰 Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe n'umushikiranganji wambere Gervais Ndirakobuca mu nama yamuhuje kuri uyu wa 13 Myandagaro 2023 n'imvukira z'abavuka mu ntara nshasha ya Bujumbura izoba irimwo kuva mu 2025 intara za (Cibitoke, BujumburaRural, Bujumbura) ku makenga bamwe mu mvukira za Bujumbura bari bafise kubijanye n'ivyo umushikiranganji w'inyubako yaheruka kuvuga ko abantu bose bazohora bubaka aruko babanje kwerekana ishusho y'inzu bagomba bubake

🎙️ Gervais Ndirakobuca yagize ati: "Nimba turiko turavuga Uburundi buteye imbere mu mwaka wa 2060, hariho ibintu dutegerezwa kuvamwo, umushikiranganji w'inyubako niwe akwiye gutegura ingene inzu zo mu gisagara zokwubakwa (plan) hanyuma uwubishoboye akayubaka uwutabishoboye nawe akavamwo akaja kwubaka ahari ku rugero rwiwe kuko bitagenze uko vyohava biba akajagari"

💬 Abandanya ati: "'Ivyo dutegerezwa kuvyumva uko nk'abanyagisaga kandi bavuze kwubaka ntibavuga ibibanza bigaragara gusa n'izo nzu zose zitakibereye kuba mu gisagara ca Bujumbura zirimwo kandi ivyo vyose ni ukuvyitegurira kuko ntitwovuga ko twateye imbere tugifise ibinyene tubona ngaha uno minsi. Ishusho y'igisagara itegerezwa kuba yahindutse ivyo ni ukuvyumva uko nyene. Dutegure imitima!"

NDUFANEWS 🇧🇮BURUNDI:🚨 Inyuma yaho Inama nkenguzamateka yize ikongera ikanemeza impinyanyuro y'itegeko rigenga Intara nsh...
14/08/2023

NDUFANEWS

🇧🇮BURUNDI:

🚨 Inyuma yaho Inama nkenguzamateka yize ikongera ikanemeza impinyanyuro y'itegeko rigenga Intara nshasha zizoba zigize igihugu c'Uburundi

🌆 Ama Quartier amwamwe agize igisagara ca Bujumbura nayo yahinduriwe amazina:

🛑Ahahora hitwa quartier ubu hitwa quartier ,

🛑Ahahora hitwa quartier Asiatique ubu hitwa quartier ,

🛑hahora hitwa quartier Cibitoke ubu hitwa quartier ,

🛑Ahahora hitwa quartier Buterere ubu hitwa quartier ,

🛑Ahahora hitwa quartier Industriel ubu hitwa quartier .
___________________________________
Aho n'inyuma yaho k'umusi w'ejo igenekerezo rya 5 Nzero 2023 Inama nkenguzamateka yize yongera iranemeza integuro y'itegeko nshikiranganji rigenga itunganywa gushasha ry'imbibe z'intara nshasha zigize igihugu c'Uburundi

📝Bishasha muri iyo nteguro n'ibihe rero?

📌 Intara z’Uburundi zigiye kuva kuri 18 zibe 5 gusa.

📌 Amakomine y’Uburundi akaba azoba ari 42,

📌 Ama zone azoba ari 451 n’imitumba 3044.



📜 Uzoba uri umunyagitega mu gihe uzoba uvuka mu ntara z'ubu za Gitega, Mwaro, Karusi na Muramvya. Ariko rero, zone Mahwa ya Komine Ryansoro izoja muri . Zone na Busangana co kimwe n'imitumba ya , , ya Komine izoba iri mu ntara ya . Ni mu gihe imitumba ya na yahora muri Zone ya izoja mu ntara ya .

📜 Intara ya Bujumbura izoba igizwe n'igisagara ca Bujumbura, intara benshi bakunze kwita Bujumbura Rural, Bubanza na Cibitoke hongeweko imitumba yo muri Zone Bugarama y'intara ya Muramvya twababwiye aho hejuru hamwe n'amakomine ya na yahora mu ntara ya

📜 Intara ya izoba irimwo intara z'ubu za , na mu gihe Butanyerera izoba irimwo Kirundo, Ngozi, Kayanza hamwe n'ama zone ya na co kimwe n'imitumba ya Busekera, Kigereka, Shumba.

🔴↗️Ibiciro vy'ukwiyinguruza mugihugu hagati no Mugisagara ca   vyadugijwe n'ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubuda...
24/07/2023

🔴↗️Ibiciro vy'ukwiyinguruza mugihugu hagati no Mugisagara ca vyadugijwe n'ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubudandaji ndetse bugasaba abajejwe umutekano kuraba KO ibiciro bimanitse mumamodoka yose.

📌 Mugisagara hagati ca Bujumbura ukwiyunguruza vyavuye kumafranga 550 bija kumafranga 600 guhera Kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Mukakaro 2023 . Muyandi ma quartiers no muntara hagati Irabire kuri izo nkaratasi zasohowe n'ubushikiranganji bw'ubudandaji.

Ubushikiranganji bukamenyesha ko vyakozwe mugihe igiciro c'igitoro naco giherutse kuduzwa.

Uravye aho uherereye canke uba, ubona hiyongereyeko amafranga angahe?



🛑🚨⚠️OFFICIAL: KYLIAN MBAPPE ari kw'ISOKO ⚠️PSG yafashe ingingo yo gushira KYLIAN MBAPPE kw'isoko kandi  iriteguye gutang...
21/07/2023

🛑🚨⚠️OFFICIAL: KYLIAN MBAPPE ari kw'ISOKO ⚠️

PSG yafashe ingingo yo gushira KYLIAN MBAPPE kw'isoko kandi iriteguye gutangura ibiganiro n'imigwi yose imushaka guhera uno musi

PSG yashaka inyishu ya nyuma ya Mbappe ku kibazo bari bamubajije ca" Ongereza amasezerano canke ugurishwe ubu" igenekerezo rya 15 mukakaro ariko ntanakimwe cabaye, nta nyinshu yabahaye

Ubu rero, baciye baba baramushize k'uruhande, bamukura mu bakinyi bayo kuko bafata nkaho ari kw'isoko, atari muri kazoza yabo

Ubutumwa bwa PSG burumvikana : " Nta mukinyi ari hejuru y'umugwi."

[ Source: Fabrizio Romano ]



  IZINDI_NGINGO_ZIRAFASHWE🔴ITANGAZO ryaraye risohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu c'u Burundi🇧🇮 rijanye n'ingingo ziheru...
14/06/2023

IZINDI_NGINGO_ZIRAFASHWE

🔴ITANGAZO ryaraye risohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu c'u Burundi🇧🇮 rijanye n'ingingo ziheruka gufatwa n'ibanki nkuru y'igihugu zo guhindura inoti za 5.000 hamwe n'inoti za 10.000.

"Umukuru w'igihugu c'u Burundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Nk'uko yavyemereye abarundi ,yarashize imbere urugamba rwo kunagura ubutunzi bw'igihugu.
Mur'iyo ntumbero, nyenicubahiro Umukuru w'igihugu c'u Burundi araremesha abarundi bose ko ariko arakurikiranira hafi umugambi ujanye no kugarukira ubutunzi bw'igihugu, na cane cane ingingo zashikirijwe n'ibanki nkuru y'igihugu,mw'itangazo ryasohotse ku wa 7 ruheshi 2023.

Kubera ko hariko haribonekeza abariko barashaka kuburabuza ishirwa mungiro ry'uwo mugambi, Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu c'u Burundi arasubiriye kugabisha umuntu wese azokwagirwa no kuwutoba, ko azohanwa hisunzwe amategeko.

Inyuma y'ikiringo catanzwe n'ibanki nkuru,gihera kw'igenekerezo rya 18 ruheshi 2023,hazoba isuzumwa ryishirwa mungiro y'ingingo zafashwe. Abarongoye amabanki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana bazosanga bararenze kungingo zafashwe bazohanwa kugiti cabo, n'amabanki barongoye afatirwe ibihano.

Inyuma yiryo suzumwa, hasabwe ko amafranga azoba yabikijwe mukiringo catanzwe n'ibanki nkuru y'igihugu arenga kugitigiri camenyeshejwe,azoca aja mukigega ca reta.

Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu c'u Burundi asavye abarundi bose bakunda igihugu cabo kubandanya bubahiriza izo ngingo kuko zafashwe kuneza rusangi, abahamahariye kuguma kukivi barwize umwimbu, bongere bashigikire uwo mugambi uzotuma igisata c'ubutunzi bw'igihugu bunaguka."



Address

Bujumbura

Telephone

+25769657404

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kumwanya TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share


Other Media/News Companies in Bujumbura

Show All