13/10/2021
: RUKUNDO RWANJE 💤❣️
32 🌺🌺
⚫Munkuru yacu, duheruka Juma abwiye Carine ngo :
Juma: Kuvyukuri ntakubeshe, umutima wanje waratwawe numuntu ntashimye kukubwira, ndamukubwire?
Chadia: wapi nsishaka kumwumva kuko nohita ndamwanka kuko nanje ndaguk***a kandi umutima wanje waratwawe nawe.
Juma: Chadi, ndakwumva ariko nubwo biruko reka ndamukubwire namba umwanka umwanke nyene bimenyekane, sivyo??
Chadia: ego basi.
Juma: ngusabe uhumirize ndamukubwire utambona.
Ⓜ️Chadia yumvise ubwoba ariko acapfa kubikora.
🔥Rero niho Juma yaca avuga ngo :
Juma: Guma uhumirije.
Chadia: ntumumbwira none?ndahumurura?!
Juma: hinge gato.
Inyuma y'amasegonda 30 aca aramubwira ahumurure amaso.
Rero Chadia ahumuruye aca abona Juma afise muminwe ishurwe ndetse n'urupapuro rwanditseko izina ryuwamutwaye umutima. Naryo iryo zina ryari ‹‹CHADIA››
🔥🔥Rero ngo Chadia abibone aca yibaza ko ariko ararota.
Chadia: ibi nibiki ndiko ndabona?
Juma: ivyo nyene ubona.
Chadia: nijewe se?
Juma: caaane.
Waooouh,,,, baca barahoberana.
Ico tubona nuko Chadia vyamurenze kuko ntavyo yibaza ga.
⬛Reka tubone umusi wa samedi wageze aho nyene tubona police iri kwirembo kwa Junior .
Niho tubona badodora.
Baraje kwugurura ariko ico tubona nuko baciye baburiza imodoka uko ari babiri numwana mumugongo.(Junior , Belyse n'umwana)
.....Rero nya modoka yateye ija kukazi aho bakorera maze haca havamwo umu Chef ajejwe ivyiyo Banque🏦 maze baca bakora inama.
Chef: bagenzi rero mukoraniye aha, icatuzanye nugutohoza twumve ikibazo cahabaye kubijanye nariya mafaranga tutabona iyo ari. None rero ntatevye nashaka nsabe Chef Belyse adusigurire ingene bimeze.
⬜Belyse: Banyakubahwa, ivyo muvuze vyose nukuri haramafaranga tutabona neza iyari ariko je numva nosaba umukozi yitwa Junior akabasigurira kuko kuva aho ngiriye mwi congé niwe nabisigaranye.
Chef: Junior, akanya nirwawe !!
Junior: nyakubahwa, kuvyukuri numva andengereye cane kuba avuze ngo mubaze jewe.Kuvyukuri jewe haheze amezi abiri ansigaranye ubwo butumwa maze nkaba nakoze kuvyo yanyeretse.Rero ivyayo mafaranga jewe aho yagiye ntaco mbiziko.
🔸Chef: ko numva bitumvikana none tubigenze gute?
Rero Junior bivanye nishavu yarafitiye Belyse ryuko yamubeshe akirukana umugore wiwe aca avuga ngo : jewe ayo mahera numva mwoyaka Belyse kuko niwe mu chef waha.
Tonny nawe aca avuga ngo: Mumbabarire nimba mvuze mutampaye akanya, ariko nagomba mvuge ibi bikurikira: Kuvyukuri amahera yaragiye kandi si jewe si chef ntanumwe biri kuboneka kariwe yayatwaye. Ariko ico nashaka kuvuga nuko twihweje imigenzo ya Belyse na Junior turabona katari myiza, umwe wese abita kuwundi, jewe rero numva boyariha uko ari babiri.
🔶Chef: twihweje ivyavugiwe aha nivyo twumvise tukanatohoza, turafashe izi ngingo zikurikira :
1. Kuvubu Belyse na Junior murahagaritswe mukazi kuko ntabwo umengo muragashaka ahubwo mushaka kuduhomvya gusa.
2. Mutegerezwa kuriha ayo mahera(3million).
3. Mutabaye mwayazanye inyuma yukwezi muzohanwa hisunzwe amategeko.
🔷🔷Abaraho ngo bavyumve bamwe baca baritwengera abandi nabo baca baragira ikigongwe.
Niho tubona Tonny ari kuyaga na Christian ngo :
Tonny: Maana weee, harabavye kweri.
Christian: yooo, baragowe nukuri, mbega bazoyakurahe? urazi ko bari bafise na crédit ya 2 million.Ubu se 5 million bazoyakurahe??
🔷🔷🔷Uko niko inama yaheze.
Niho Junior na Belyse bataha atanumwe avugisha uwundi...
Ariko bageze muhira Junior aca aravuga ngo :
Junior: Bely, amahera yabandi arihe?
Belyse: ahubwo we wayasize hé?
Junior: je nkubu numva nonakwica nkabura mfungwa nzira wewe.
Belyse : ahubwo watevye ubundi bwo mbereyeho iki?
🚩Niho Junior yari yashavuye cane aca afata Belyse mukanigo amubwira yakaze ngo :
Junior: Umva; ubu aho vyagendeye nikera, ubunyene mbwira vyagenze gute kuko je ntamahera nzi nononye.
Belyse(ahemagirika): mbabarira basi undekure ndakubwire vyose.
Junior(aca aramurekura): vuga mbwira nyarutsa.
Belyse: je uko vyagenze nuku :
🏁Tubona igihe Juma yaracirukanwa be na Carine maze Juma akaguma aja akenshi kwa Belyse.
Juma: Umva Bely, jewe idiri yawe narayikoze none raba narabizize, ugomba mpfe kubera wewe??
Belyse : Umva, jewe ico nashaka numugabo gusa...we ntacuzomburana.
Juma: iyumvire Junior amenye ko arijewe nabikoze yongirante? kandi nshaka ya mpembo wanyemerera....kandi utampaye amahera menshi nkabaho neza nanje nzobishira ahabona...
Niho rero Belyse yama-aha amahera Juma.
🏁🏁
★Rero Junior ngo avyumve aca avuga yakaze ngo :
Junior : Eeeeh??? wamuhimbiri weee!! uko niko vyagenze???
🚩🚩Erega amakofi Belyse ntiyari kuyaharura ngo ayamare ayo yakubiswe.
...rero sinzukuntu Belyse amwikuye aca atora i chaise aca ayita kumurundi wa Junior.
Erega Junior ntiyabaye akimwirukako ngo abandanye amukubita ahubwo yahise ashinyiriza nkuwuvunitse(namwe murazi ingene kumurundi(kukuguru) hababaza.
🎌Belyse nawe abibonye uko aca avuga yarakaye birenze ngo :
Belyse: umva Junio nkubwire, ivyo nakoze vyose nabikora kubwurukundo naguk***a, ariko kubera ko iyi ariyo mpembo yo kunkubita umpaye kandi nawe ukaba utari numugabo kuko umugabo nuwuvyara, reka nigire u*imenya iyo uzoyakura, ndetse nuwo mwana namuvyariye iwawe ndamugusigaranye.
🎌🎌Belyse aca arigira...
Heleeeeeee, Erega Junior wamenga isi imuguyeko yibutse ko amafaranga yose Belyse yayahereza kwa Juma....akanibuka nuko Belyse yamutandukanije na Carine akibuka nuko amusigaranye umwana wukwezi kumwe kandi atari rwiwe aca yumva atakindi akwiriye atari ukwiyahura.
🔲Reka tuje kwa Pierre naho,
Turabona Pierre murugo ameze neza cane ndetse ataco abuze kuko yasumira Raissa gusa be numukozi, niho rero Pierre yatangura kwiyumvira ko yozana uwundi mugore.
Pierre: asha je mbona atakindi gisigaye atari ukurongora.
..ariko Pierre aca yibuka ibi bikurikira:
🆔Tubona Pierre ari kuri moto(yarumumotar) maze aca abona umukobwa mwiza yitonze aca arahagarara.
pierre: amahoro mugenzi.
umukobwa: amahoro, ko muhagaze mugomba munyunguruze?
pierre: ntakibazo.
...baca bagenda kandi bariko baraganira :
pierre: mwitwa bande none?
umukobwa: Nitwa Chadia, namwe?
pierre: waooouh mwitwa akazina keza, je nitwa Pierre.
Chadia: nivyiza, jewe ndash*tse rero.
Pierre: sawa tuzosubira, uba ngaho?
Chadia: ego kandi murakoze cane.
Ⓜ️Ⓜ️Niho Pierre yagenda maze Chadia aca asigara ariyumvira ngo :
Chadia : ha, uwo mumotar atandukanye nabandi vraiment, ntana numéro ya terefone anyatse? sha yimereye neza nukuri.
Rero Pierre ahejeje kuvyiyumvira aca yumva aramukunze ndetse aca apanga kuzoja kumuraba.
🆔🆔
❎❎(Ico mwomenya co bamwe-bamwe, Izinkuru(iyi Story) ntizitegerezwa kugenda uko tuba tubishaka twese ahubwo nivyiza ko twoza turakuramwo impanuro gusa tukamenya uko twokwigenza, bibwirwa benshi bikumva benevyo, 🤷)❎❎
🔳Tugaruke kwaba Juma....turabona ari mwijoro nka satatu z'ijoro,,,Juma na Carine bahejeje gufungura umwe wese acaja muri chambre yiwe.
Niho Juma yacaja yumva Carine amuhamagaye ngo agende ico amufasha.
Rero Juma yaragiye ataco yinona kuko mumutwe iwe hagumayo cacubahiro cubumabuja yamuha ga.
Niho Juma yashika muri chambre ya Carine..
Juma: mbwira, ngufashe iki?
Carine: nshaka ko turyamana nawewe.
Juma yaguye mumazi.🤔
Juma: ngo?? ntivyok***a Cari.
Carine: kuberiki? Juma umva, je ndabigusavye kandi nimba u*i ko twabanye neza ubinyemerere.
Juma aca atangura kwiyumvira ibi bikurikira:
Mbe basha nemere??none nkubu nciye ndamutera inda Chadia yovyakira gute???
Carine: Juma, ndagusavye unyumve.
Niho Juma yaca asa nuwafashwe!!!
Juma: none se Cari nkubu utwaye inda vyogenda gute??
Carine: none ndumwana se?urabona se ntoshobora kumurera??
Juma: none uribagiye ko nk***ana na mutoyi wawe?
Carine: none wewe yakumenye kubera nde? ndagusavye unshimire rimwe kuko naguhaye umugore basi.
🥀🌳🥀
⚫Niho tubona bukeye Juma na Carine umwe wese afise ibimaramare ariko ntakundi vyari kugenda mugihe bari bemereye shetani akabinjirana.
🔘Niho rero umusi urizina Pierre yagenda na moto yiwe acaja kuraba umwe Chadia...
💠Kurundi ruhande naho Juma nawe nyene yarakumbuye Chr wiwe maze aca aragenda kumuraba.
Igitangaje rero nuko tubona Chadia yumvise amasone yamamoto kwirembo iwabo.
🔥🔥🔥Yeeeeeeeeeee, rero Chadia agiye kuraba aca asanga ni•••••••••••••••••
✓Ubu se biragenda gute? ubwo ninde aje? Ko pierre twabonye ko yakunze uwitwa Chadia, ubwo ni Chadia umu Chr wa Juma?
•••Nimba ariwe, Chadia aca avyifatamwo gute ko atanumwe yari yamuteguje kaja kumuraba??
✓Ko ingaruka yicaha aru-rupfu, ubwo Carine na Juma ntamivumo bikwegeye koko?? canke nubwo baryamye hamwe bagumye bubahana nkambere???
✓Junior koko ubwo ntiyimanitse ko ivyago vyinshi vyo kwisi vyamuguyeko??
✓Belyse wewe ubu arihe ko yataye murudubi Junior !!!
Mazeeeh, iyi ni combat kabisa.
✔️Ivyo bibazo vyose uriteguriye kuzobibonera inyishu ❓
✔️Nawe nimba ubishoboye turabigusavye ntugende udafyonze naga KURI YOUTUBE yanje izocako Vidéos zizinkuru UCIYE kuriyi link:
👇
https://youtube.com/channel/UChL5EVOtK0ALiVFKidRE_uA
🙏