05/06/2023
🌐 kugatumba
WOBA WARUZI UBWOROZI BITA : LA CAVIACULTURE= CAVICULTURE" ?
-------------------------
Kaze vyukaa magazine hamwe na Dr Nsabiyumva Jackson asanzwe ari umuhinga mu bworozi babigufashemwe.
CAVICULTURE N'IKI?
-------------------------
📌N'ihuriro ryibikorwa vyose ushobora gukora muntumbero yo kurwiza+ kworora) IMBEBA Z'IKIZUNGU!
Reka nkubaze aho iwanyu ivyo bitungwa muvyita gute? Hamwe bavuga " imbeba z'ikizungu," ahandi bakavuga " IPANYA" mubisanzwe nasanze benshi bafise uko bavyita gutandukanye! Ariko mu bitabo handitse imbeba z'ikizungu!
INKOMOKO
-------------------------
📌Ibi bitungwa bikomoka muri America yaruguru,
UKO WOZORORA,
-------------------------
📌Utunganya neza inzu yawe nkakurya wubakira inkwavu, gira ivyumba( cages) vyagutse nimiburiburi 80cm z'uburebure, 60cm z'ubwaguke na 40 cm z'uburebure, muri buri cumba ushirayo iyivyara imwe, igituma ugira ahagutse nuko iyo ivyaye ivyara abana ( chiots) benshi,
KUGABURIRA
-------------------------
📌Imbeba z'ikizungu zirya ivyatsi bitandukanye, n'imboga zitandukanye twovuga nka : irengarenga, imisoma, ama choux, épinards,sereri, karoti,radis, poivrons, concombre, ....hamwe rero n'ama granulés.
UBWOKO
------------------------
Imbebae z'ikizungu zifise amoko menshi, ariko makuru makuru ni 9 ayandi asigaye ni ama hybride,
📌N'aha iwacu amwe murayo moko arahari, Kandi buri bwoko buba bufise ico burusha ubundi, tuvuge nkubwoko bita Rex nibwiza kandi buragwira Kandi zirashobora kubana ari nyinshi,
📌Mwibukeko hari nubundi bwoko budafise ubwoya bubaho uko nyene ata bwoya,
📌Iyo woroye ivyo bitungwa sivyiza ko uca mwiraro ngo ugende utavuze, bituwa zimara umwanya munini zidatekanye zifise ubwoba,vuga zikumve, kandi sivyiza kuyifata rimwe narimwe, ukeneye kuyifata jana ukuboko bukebuke ikubona hama uyifate, abahinga bavugako uyifashe rimwe nariwe izisigaye zigumana ubwoba bihatuma zibaho nabi,
KWIMISHA
----------------------
📌Isuguru ( verrat) igera kwimya ifise hagati y'amezi 3 na 4 .