07/08/2023
Kand' abgira ishengero, at' Iyo mubonye igicu kivuye i burengerazuba, muca mugira ngw Imvura iraguye; kandi ni ko biba. Iyo mubonye umuyaga uturutse i bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba. Mwa ndyarya mwe, murazi kugendeza isi n'ijuru, n'iki kibabuza kugendeza iki gihe?
Kandi namwe ubganyu n'iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka?
Luka 12:54-57
Yesu Kristo ashimwe cane bene data dusangiye urugendo rugana i Siyoni kuri wa murwa wera w'Imana nzima ndashimiye Uhoraho Imana ya Aburahamu Isaka na Yakobo yatuvyukije amahoro namwe nizera ko Uhoraho yabavyukije amahoro turi kw'ijambo rivuga ngo IBIHE BIGEZE HEHE? Kuri wewe,kuri jewe kw'ishengero mubona ibihe bigeze hehe ko umengo abantu babaye nko kuri Nowa mwene data dusangiye urugendo rugana nukuri reka turabire ingene isi iriko iritegura kugota abayituyeko ariko ishengero tukaba twidibamiye :
1. Muri domaine y'amahera: Bashizeho ico bita Banque Mondiale na FMI
2. Muri domaine y'amagara y'abantu:Bashizeho ico bita O.M.S
3. Muri domaine y'imfungurwa : Bahashize ico bita P.A.M
4. Muri domaine y'ubumenyi : Bahashize ico bita UNESCO
-------------------------------------------------------------Ivyo vyose n'ibimenyetso bitwereka ko isi yiteguriye rya jambo rivuga ko ATA WUZOGIRA ICO ASHORA CANKE ADANDAZE ATAGIRA ICO KIMENYETSO C**A GIKOKO.
Ikindi kibazo nibaza ishengero mbega kuberiki isi iriko irarwana kugira ngo ibe imwe mugiciye mucitwa Nouvel Ordre Mondial ikibabaje kandi kinteye agahinda nuko ishengero risinziriye,abitwa abakozi b'Imana hakwubakana ahubwo turabomorana.HAKURWIZA UBUMWE AHUBWO DUKOMEZA KWIREMA IBICE NO KWIYONGORA. MARANATHA MARANATHA MARANATHA ( Yesu Kristo araje). Mugire ibihe vyiza.