15/11/2025
#
Duheruka muri Ep yambere tutazi ivyo docteur aje kubwira umuryango wa Dylan dukomerezeho
------------------------------+---
⚫ Dr yaje avuga uti: nimwe bavyeyi ba Dylan?
Abavyeyi: Egooo
Dr: umuhungu wanyu yakoze impanuka ikomey cane ariko uravye ibihimba vyababay namaguru kandi tubwirizwa kuyaca yose.
Abavyeyi: 😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭
Dylan wew aharyamy kugatanda ntaragarura ubwenge yewe banamutey imiti myishi imugabaniriza ububabare.
🔘 Muhira kwa ba Anny barateramye nkuko vyama bose bicaye muri salon bariko birabira film yewe nanaryoshe ubonak Anny yishimiye kuba ateramanye nabavyeyi biwe?
Murako kanya hinjiye wamuturanyi yewe yinjiye atanugukomanga asanga abavyeyi ba anny baryohewe baseka utoraba mama wa Anny ikimukubita ijisho yaramutangariye kuburyo vyagaragarira amaso yuwaraho wese.
🔷 Anny yarabibony nawe biramutangaza yibaza uburyo mama we ashobora gusamarira uwo musore aka kageni? Ntiyabitinzeho yigize nkaho atabibonye.
📝 Maman Anny waoo karibu Pabro.
Pabro: Murakoze maman, eeer papa na Anny mweho mumeze mute???
Papa:uravye ntaco bibaye karibu Pabro .
Bakiri murivyo maman yahise asimbukira hejur uti Anny aho ntubonak baje kukuramutsa rek twe na papa wawe tube tubategurire icokunwa.
📝Pabro yaranyegereye arampobera waooo yahumuraga neza yari wamusore wabonako utuntu twiwe twose twari kumurongo yambara neza kuburyo umuntu wese yari kumubona akamwipfuza nguko ukovyaje kugenda twaraye biratinda abavyeyi batuzanira akokunwa.
Hagataho igihe caje kugera arataha bugingo arigutaha yampaye businesses cad yeee ambwirang ahari ntukunda kuboneka nubona akanya araza kundondera tuyage.
Vyanteye umutima mubi nukwigaya kubona ikiringo nkiki cose nta nume yuyu musore narimfise mushobora kwibaza ngo nikuberiki???