27/09/2022
🌿“Umuziki wa Live nowukora ariko ikibazo ni amafaranga make arimwo”. Niko BBig FizzoFBig Fizzoyishuye abafana biwe bariko bamusaba kuzohora akora Live Music. Hari mu kiganiro yaraye ahaye abakunzi biwe , ikibiriraho , ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Yagize ati: “ Umuziki wa Live ndawuzi kandi cane ariko usaba uburyo bwinshi. Iyo rero abatunganya ibiteramo ubasavye amahera bikwiranye kugira uririmbe ntibayatanga. Nico gituma tuvyihoza tugashima gukora ibikwiranye n’uburyo baduhaye”.
Ikindi Big Fizzo yasavye abakunzi biwe n’uko bokwijukira gukurikirana ibikorwa vy’abaririmvyi ku mbuga zose baba bafise. Yagize ati: “ Akarorero jewe ngaha kuri Page yanje ya Facebook ndafise abankurikirana barenga ibihumbi 250. Ariko kuri YouTube yanje nta n’ibihumbi 100 ndakwiza. Ivyo rero mudusaba guterimbere namwe murabifisemwo uruhara. Nobasaba kudukurikirana ku mbuga zindi tuba dukoresha kugira dushike kuri rya terambere twese twipfuza”.
👉 Nimba utarabikora ntiwibagire gufyonda S'abonner kur'iyi Page .m6🙏
✍ TV +257