Le Mandat

Le Mandat Faits, Vérification des Faits, Investigations & Analyses
(1)

🛑 Umugwi RED-Tabara ngo uzokwivuna wivuye inyuma ni waterwa n'abasirikare b'Uburundi Uwo mugwi witwaje ibirwanisho wabis...
30/08/2024

🛑 Umugwi RED-Tabara ngo uzokwivuna wivuye inyuma ni waterwa n'abasirikare b'Uburundi

Uwo mugwi witwaje ibirwanisho wabishize mw'itangazo wasohoye kuri uwu wa kane aho umenyesha ko abasirikare b'Uburundi, imigwi y'abitwa Wazalendo na Maï-Maï bariko bariyegeranya ahitwa Masango, Mugunda na Itombwe kugira ngo bagire igitero gikomeye ku barwanyi ba RED-Tabara aho mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo.

ivuga kandi ko igisirikare c'Uburundi, Wazalendo na Maï-Maï "bazotsindwa nk'uko vyagenze mu kwezi kwa gatandatu uwu mwaka nyene w'2024".

🛑 Vital'O iravuyemwo inyuma yo gutsindwa na Yanga 10 ku busaKuri uwu wa gatandatu, umugwi Vital'O wo mu Burundi watsinzw...
24/08/2024

🛑 Vital'O iravuyemwo inyuma yo gutsindwa na Yanga 10 ku busa

Kuri uwu wa gatandatu, umugwi Vital'O wo mu Burundi watsinzwe n'umugwi Young Africans wo muri Tanzaniya ibitsindo 6 ku 0 mu rukino rwo gusubiriza rwabereye ku kibuga Benjamin Mkapa Stadium mu gisagara ca Dar Es Salaam muri Tanzaniya.

Mu rukino rwa mbere rwabereye kuri Azam Complex Stadium muri Tanzaniya nyene kubera ko mu Burundi ibibuga vy'umupira w'amaguru bidakwije ivyangombwa bisabwa n'ishirahamwe CAF, Vital'O yari yatsinzwe 4 ku busa (0-4).

Ivyo vyatumye umugwi Vital'O usezera izo nkino z'ibanze zo gukuranamwo zihuza imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo.

🛑 Muyinga : Abanyagihugu babujijwe kuvoma badatanze intererano ya CNDD-FDDKuri uwu wa gatandatu, imbonerakure n'abandi b...
24/08/2024

🛑 Muyinga : Abanyagihugu babujijwe kuvoma badatanze intererano ya CNDD-FDD

Kuri uwu wa gatandatu, imbonerakure n'abandi banywanyi ba CNDD-FDD bazindutse baja ku mabombo rusangi 2 yo ku mutumba Kwibuye muri komine n'intara ya Muyinga, uwipfuza kuvoma akabanza kwerekana igitasi c'intererano ya CNDD-FDD.

Abanyagihugu bavuga ko uwudafise ico gitansi ategerezwa kuriha amafaranga 2000 kugira ngo yemererwe kuvoma. Uwuyarishe aca ahabwa ico gitansi mubona ngaho.

Abatoza amahera ngo babwira abanyagihugu ko, kubera banse gutanga iyo ntererano igihe babasanga mu ngo zabo, ubu bategerezwa guhitamwo guheba amazi canke gutanga iyo ntererano y'umugambwe uri ku butegetsi.

Itororokanirizo ry'amakuru "Le Mandat" ryarondeye uwurongoye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Kwibuye Hitimana Ibrahim avugwa ko ari mu bariko baratoza ku nguvu iyo ntererano. Yatwishuye ko abanyagihugu bariko barabesha.

Abanyagihugu bo ku mutumba Kwibuye bobo bavuga ko, i ruhande y'uwo arongoye CNDD-FDD, abandi bariko batoza ayo mahera ku nguvu ari imbonerakure irongoye izindi aho Kwibuye yitwa Banzirumukito batazira Banzira, imbonerakure yitwa Gaspard hamwe n'uwitwa Saidi.

Abo banyagihugu bagasaba ko ababijejwe bohagarika ako gatotezo bariko baragirirwa.

20/08/2024

🛑 Rusansuma nyezina izotangura itariki 25 z'uku kwezi kw'umunani mu 2024 hanyuma irangire itariki 15 z'ukwezi kuza kw'icenda

Umunyamabanga w'umugwi w'igihugu c'Uburundi ujejwe rusansuma Nicolas Ndayishimiye avuga ko mu bibazo abanyagihugu bazobazwa harimwo imyidondoro yabo, ingene babayeho, urugero rw'amashure bize, ivyo barima hamwe n'ibitungwa borora https://www.youtube.com/watch?v=zmza5YYU4mA

🛑 Umukuru w'igihugu yafashe ingingo yo kurekura umumenyeshamakuru Floriane IrangabiyeItegeko, ryerekana ko umukuru w'igi...
16/08/2024

🛑 Umukuru w'igihugu yafashe ingingo yo kurekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye

Itegeko, ryerekana ko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yagiriye ikigongwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ryashizwe ahabona kuri uwu wa kane mw'ijoro.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi afashe iyo ngingo inyuma y'imyaka hafi ibiri uwo mumenyeshamakuru apfunzwe, inyuma kandi yo gucirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka 10.

Uwo mumenyeshamakuru wa Radio Igicaniro yari yafashwe kw'igenekerezo rya 30 Myandagaro 2022, yaheruka kuva mu gihugu c'Urwanda.

Ifatwa, ipfungwa hamwe n'urubanza yari yaciriwe vyagumye vyiyamirizwa n'amashirahamwe menshi aho yasigura ko bitari bikurikije amategeko.

🛑 Nta wemerewe kudandaza amakaye canke ibindi bikoresho vy'ishure mu micungararo y'ibisigarira vy'isoko nkuru ya Bujumbu...
05/08/2024

🛑 Nta wemerewe kudandaza amakaye canke ibindi bikoresho vy'ishure mu micungararo y'ibisigarira vy'isoko nkuru ya Bujumbura

Iyo ngingo yafashwe kuri uwu wa mbere n'uwurongoye igisagara ca Bujumbura ariko nta mvo yatanze.

Mw'itangazo ryiwe, Jimmy Hatungimana avuga ati : " Ubuyobozi bw'igisagara ca Bujumbura buramenyesha abanyagisagara bose ko ibikorwa vyo kudandaza amakaye n'ibindi bikoresho vy'ishure vyahora bikorerwa ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura no mu micungararo yaho ko uyu mwaka bitakibaye."

Mwokwibuka ko ku wa 24 Munyonyo 2023, ari ho umukuru w'igisagara ca Bujumbura yafata ingingo yo kwirukana abadandariza ku nkengera z’ibisigarira vy’isoko nkuru ya Bujumbura hamwe no mu mabarabara yo hagati mu gisagara.

Ico gihe, Général de Brigade de Police Jimmy Hatungimana yasiguye ko yafashe iyo ngingo "ku mvo z’umutekano hamwe n’isuku rike ryarangwa muri ivyo bibanza".

Ico gihe, abanyagihugu bakorera muri ivyo bibanza bakiriye nabi cane iyo ngingo nk'uko biboneka muri iyo nkuru twaciye twandika https://lemandat.org/kir/blog/2023/11/24/abadandaza-i-bujumbura-imana-yacu-si-bayali-tuzobaho/

01/08/2024

🛑 Rwa runani twababwira ejo rwasohoye itangazo kuri uwu wa kane

Chauvineau Mugwengezo ni we muvugizi w'urunani mbogoragihugu CRN-Ingeri ya Rugamba.

🛑 Urunani rushasha rwa poritike rwavutseUrunani Mbogoragihugu, CRN-Ingeri ya Rugamba, ruvuga ko rufise intumbero yo kuza...
31/07/2024

🛑 Urunani rushasha rwa poritike rwavutse

Urunani Mbogoragihugu, CRN-Ingeri ya Rugamba, ruvuga ko rufise intumbero yo kuzana impinduka zikomeye zotuma igihugu kiva mu manga kirimwo uno musi, aho hibonekeza ihonyangwa ridasanzwe ry'agateka ka zina muntu.

Urwo runani rubona ko igihugu kidashobora kuja ku murongo hatabanje gushirwaho intwaro y'imfatakibanza, itunganywa ry'igisirikare rigasubirwamwo, imigwi igwanya Reta ikakwa ibirwanisho, umugwi w'inkorabara w'imbonerakure za CNDD-FDD ugasamburwa.

Urwo runani rwa poritike ruvugirwa na Chauvineau Mugwengezo rumenyesha ko ruzotanguza ku mugaragaro ibikorwa vyarwo ku musi wa kane.

26/07/2024

🛑 Abanyeshure bo mu kigo c'i Zege (Gitega) ca kaminuza y'Uburundi bavuga ko gushika ubu ingorane y'ikena ry'amazi meza ikibahanze.

Bamwe muri abo banyeshure barenga 500 batinya ko indwara ziva kw'isuku rike zibatera https://www.youtube.com/watch?v=jwbseVyK3TU

25/07/2024

🛑 Itangazo ry'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu rijanye n'indwara y'akaranda bita Variole du singe canke Mpox (Monkeypox) kahabonetse https://youtu.be/jKOOt47yDhk

🛑 Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu   buhejeje kwemeza ko indwara yitwa Mpox (Monkeypox) ihari mu gihugu.Ubwo bush...
25/07/2024

🛑 Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu buhejeje kwemeza ko indwara yitwa Mpox (Monkeypox) ihari mu gihugu.

Ubwo bushikiranganji busaba abanyagihugu gukaraba kenshi n'amazi meza n'isabuni hamwe n'ukwirinda gukora ku muntu afise ibimenyetso vy'iyo ndwara.

Iyo ndwara yitwa mu gifaransa variole du singe ifata abantu hamwe n’ibikoko cane cane inguge.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busigura ko uwayanduye agira umucanwa, akameneka umutwe, akababara mu muhogo, akababara mu ngingo, akagira ibihere ku mubiri.

Iyo ndwara ngo irashobora gutuma umugwayi agira ingorane zo mu mahaha, ingorane zo guhema, ingorane zo mu bihimba vy’umubiri bicamwo imfungurwa, hamwe n’ingorane zo mu bwonko.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko iyo ndwara, isanzwe yandukira cane, ishobora gutuma uwuyigwaye apfa iyo agiye kwivuza ateba.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu busaba rero abanyagihugu biketse ko bafashwe n'iyo ndwara kwitura ningoga ivuriro canke ibitaro bibegereye.

14/07/2024

🛑 Donald Trump ahatswe guhitanwa n'amasasu

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump yahatswe guhitanwa n'amasasu mu gihe yariko aragira imyiyamamazo muri Pennsylvanie ku musi wa gatandatu.

Ikimenyeshamakuru CNN kimenyesha ko hamaze kumenyekana abantu 2, umwe ni uwari muri iyo myiyamamazo, uwundi nawe ni uwo yari yarashe, yahavuye yicwa n'abajejwe umutekano.

CNN ivuga ko Donald Trump yakomeretse ariko ko ubuzima bwiwe butabangamiwe. Havugwa ko hari n'abandi banyagihugu bari muri iyo myiyamamazo bakomerekejwe n'ayo masasu.

Donald Trump ariko yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika zisanzwe zitwarwa muri kino gihe na Joe Biden.

03/07/2024

🛑 Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bikeka ko ibinyobwa vya BRARUDI bigira bisubire kuduzwa ibiciro. Uwu munyagihugu avuga ko kuri uwu wa gatatu yabonye aho ikiyeri kinini kiriko kiragurishwa 4000 https://www.youtube.com/watch?v=rGVs1EhwBVw

🛑 Hari impapuro zitagira umukono ziyamiriza intwaro y'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye abanyagihugu bemeza ko zat...
01/07/2024

🛑 Hari impapuro zitagira umukono ziyamiriza intwaro y'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye abanyagihugu bemeza ko zatowe muri kano gatondo mu bice bitandukanye vyo mu gisagara ca Gitega.

Aho ku murwa mukuru wa poritike w'Uburundi ni ho hariko harabera ibirori vy'uguhimbaza imyaka 62 igihugu c'Uburundi kimaze kironse intahe y'ukwikukira.

Uburundi bukaba bwikukiye kw'igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962.

🛑 Uwurongoye umugambwe MSD Alexis Sinduhije yaraye yishuye ibibazo bitandukanye mu kiganiro cabereye kuri X, yahoze yitw...
24/06/2024

🛑 Uwurongoye umugambwe MSD Alexis Sinduhije yaraye yishuye ibibazo bitandukanye mu kiganiro cabereye kuri X, yahoze yitwa Twitter. Harimwo ibibazo bijanye na MSD, RED-Tabara, Abanyamulenge, CNARED, ADC-Ikibiri, mandat yiwe mu mugambwe, n'ibindi

Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD yarishuye ibibazo bitandukanye mu kiganiro cabereye kuri X, yahoze yitwa Twitter, kuri uwu wa Mungu, igenekerezo rya ...

23/06/2024

🛑 Mu kiganiro "Urugamba" co kuri uwu wa gatandatu, itororokanirizo ry'amakuru "Le Mandat" ryashimikiye ku rugamba rwo guharanira demokarasi bamwe bamwe bavuga ko haheze imyaka itari mike barutanguje mu https://www.youtube.com/watch?v=LQ2EM2ttanE&t=440s

🛑 Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahejeje gushikiriza ijambo Abarundi rijanye n'imyaka 4 amaze ku but...
19/06/2024

🛑 Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahejeje gushikiriza ijambo Abarundi rijanye n'imyaka 4 amaze ku butegetsi :

1. Imana se w’Umuk**a wacu Yezu Kristu ni ihezagirwe, yoyo
ishikanye Abarundi kuri uyu musi barya bakaryama.

2. Kuri uyu musi, turi n’akanyamuneza ntangere ko gushimira
Imana Mushoboravyose yadúhangaje, tugashika kuri uno musi
turi bazima.
Ni umusi udasanzwe kuko ni icibutso c’uko Abarundi mweretse
amakungu ko mwash*tse mu bigero mu gutsimbataza intwaro ya
demokarasi mu gihugu cacu.

4. Turahimbawe kandi ko uno musi ush*tse igihugu cose
kirangwamwo amahoro n’umutekano, ivyo na vyo bikaba ari vyo
vyatumye Abarundi babandanya ibikorwa vy’iterambere.
Ivyo biradutera intege n’icizere ko imigambi twiyemeje igihe
twatangura amabanga yo kurongora igihugu tuzoyish*tsa.
Noneho si agaseseshwa rumuri, wihweje irya n’ino ukabona ubwira
Abarundi bariko bararangurana imigambi yo kwiteza imbere,
urabona neza ko tutavomera mu kiva, tubwira abumva.
Ukubitije naho akajisho ku rugero uburimyi n’ubworozi bigezeko,
urabona ko Umunwa wose ufise ico ufungura, umufuko wose
uriko urabomboka.

Barundi, Barundikazi;
Bagenzi b’Uburundi,

5. Twatanguye ikiringo tuvuga ko ihangiro ari uko umunwa wose
uronke ico ufungura, twari tuzi neza ko hakora mu nda.
Twavuze kandi ko umufuko uronka amahera kugira umuntu wese
aba mu Burundi ashobore kwikenura mu kuronka ubuzima bwiza.
None imyaka ine irarangiye ; reka kabe akaryo ko kurimbura
intambwe tugezeko mu migambi twari twiyemeje.

6. Icambere dushima, ni ugushimira Imana Mushoboravyose kuko
twarasenze turumvirwa, Imana irugurura ijuru turaronka imvura
ivuye mw’ijuru, yongera iratwugurura amaso turabona ko dufise
amazi yiburuka mu misozi no mu mibande, ko rero atodupfako
ubusa.
Abarundi barakanuye, barabona ko umuntu wese atungwa n’ibikorwa vy’amaboko yiwe. Twese hamwe, kuva ku rwaruka, abakenyezi n’abagabo bakuze, twaravuye hasi turakora.
Uno musi nshimishwa ko no mu majambo y’imyidogo numva,
bavuga bati “turabuze iki” mugabo ntibavuga ngo “turabuze
amahera yo kukigura”. Kandi n’ico bavuga ko babuze si icimburwa
c’Uburundi, ni icimburwa mvamakungu.
Turashimishwa n’ukubona kandi ko Abarundi batahuye ko turi
kumwe twese bishoboka, barasubira ku muzi, abenshi barijukira
gukorera hamwe mu kibiri, ndetse batahura ko n’amatongo
bayashize hamwe bizana akarusho.

Barundi, Barundikazi;
Bagenzi b’Uburundi,

7. Mu rugamba twatanguje rw’iterambere hariho intambwe
zikurikirana. Ariko kubera twacerewe, duhakwa guterera imigere
ibiri rimwe: kuko ubwambere tugwana tuva mu kinogo Abarundi
baguyemwo bakakimaramwo imyaka n’imyaka.
Uno musi Umurundi wese ashakira vyose rimwe, ni co gituma
uwubifatiye hejuru yovuga ko Abarundi ari intashima.
Kuva rero mu 2020, vyari ngombwa ko turaba ibiruta ibindi, kuko
imigere ibiri idatereka. Muri ivyo hari ibihambaye kurusha ibindi, na
vyo bikaba ugutsimbataza ubutegetsi bw’igihugu kugirango
buhagararire amahoro n’umutekano, ubutungane no kugwanya
akarenganyo, hamwe rero no gukingira itunga ry’igihugu
n’iterambere.

8. Mu gutsimbataza ubutegetsi bw’igihugu, twareretse Abarundi
itandukaniro riri hagati ya Leta mvyeyi na Leta nkozi kugira
umurundi wese, yaba umukozi wa Leta canke uwikorera ivyiwe,
amenye uruhara rwiwe mu vyo akora.
Hariho abo vyagoye, maze birabananira kuvyinjiza mu mizirikanyi
yabo, ari bo bahavuye mbere baduhemukira, haba mu
guhungabanya umutekano, mu bunebwe canke mu kwonona itunga ry’igihugu.
Ariko abatari bake baratahuye.
Ni co gituma mubona Abarundi batari bake bari ku kivi. N’abahora
bazi ko bazotungwa n’ikigega c’igihugu, baramaze gutahura ko ico
kigega nyene ari bo bajejwe kucuzuza.

9. Turashimishwa ko mu bikorwa igihugu cihutiye gukora, amahoro
n’umutekano vyagiye imbere, bituma Abarundi bagira umwizero wa
kazoza, baratangura gushira imitahe yabo mu bikorwa, gutyo abatari bwaronke ico bakora kibazanira akarusho mu mikoro, baraharonkera akazi.
Nta muntu uno musi yohakana ko gutekana kw’imitima vyatumye
Abarundi biyumvanamwo, bituma batangura gukorera hamwe mu
ma koperative, abandi mbere barateranya amatongo yabo kugira
bagwize umwimbu.
Kubera uwo mwizero nyene, Abarundi isinzi barahungutse, abandi
bahitamwo guhindura karangamuntu y’impunzi bisabira kuba
abakozi bo muri ivyo bihugu bari barahungiyemwo.
Tuboneyeho gushimira ivyo bihugu kubona vyarabizeye, bikabona ko batakiri umuzigo kuri vyo ahubwo ari abash*tsi mu bikorwa.

10. Ivyo vyose ntivyari gushoboka iyo tutihatira kugiriranira
imigenderanire myiza n’amakungu.
Uno musi Umurundi aho ageze hose ntagenda ararangaguzwa
nk’uko umengo bomuraba ribi.

Abarundi baratemberera ayandi mahanga, abanyamahanga na bo
bakaza i Burundi kandi bumva ko batekanye.
Ikinezereye kurusha ibindi, ni uko amakungu yose yemera ko kera
Uburundi wari umutwaro w’amahanga, none ubu bukaba bwabaye
umutabazi mu bihugu bitararonka amahoro.
Kumwe n’ivyo, ubu n’amakungu arashima ko agateka ka zina muntu gakingiwe mu Burundi. Kukaba nkako, Abarundi barafise
umwidegemvyo wo kuvuga ikibabakiye no gutanga intererano ku
vyokorwa kugira abenegihugu baroranirwe.
Uburundi buri mu bihugu bike umwenegihugu ashikira umukuru
w’igihugu atahandi aciye.

11. Muri ubwo buzima bw’abenegihugu nyene, twatanguye iki
kiringo c’imyaka indwi abenegihugu bafise umwitwarariko
w’akarenganyo bagirirwa n’indongozi zo mu nzego zo hasi,
ubutungane n’igiturire. Uno musi abatari bake baratwenga kuko hari umutwaro twabaremuruye.
Mukugwanya akarenganyo twahaye uburenganzira abenegihugu bwo kwihamagarira umukuru w’igihugu ata wundi baciyeko, kugira
bashengeze uwo wese abarenganije. Kandi uno musi abatari bake
barakenguruka.
Tukaba dukenguruka ko n’abahora batanga ingurire ngo indongozi zo hasi zirenganye abenegihugu ubu na bo nyene bacitse inkokora.
Twaragwanije akarenganyo kandi mu guha ibikorwa abakozi
b’igihugu mu gushira mu ngiro ya ngendo ngo: “Umuntu wese
bamuhe igikorwa bakwiranye” mu kugena Abarundi mu
mabanga.
Ubu twaravavanuye na yamvugo ngo naka ndamuhe iki?
Ngo naka ndamushire hehe?
No mu gutanga ibikorwa vy’ubuhing, ubu ahatari hake dutunganya
amahiganwa, uwurusha uwundi akaba ari we ashirwa mu gikorwa.

12. Mu bijanye n’ubutungane, ubu mu gihugu ntawugikora icaha ngo cijane. Inzego z’inyamiramabi n’abashikirizamanza baragira
amatohoza kandi inkozi z’ikibi zigafatwa, zigashengezwa bataravye
igihagararo c’inkozi y’ikibi.
Hadutse amatati hagati y’abantu naho, naho tutarashika kw’ihangiro nyezina, haraboneka akarusho kuva aho dushingiye intahe yo ku mugina igizwe n’abahuza bo ku mitumba, tukongera tugakomeza Inama nkuru y’ubucamanza kugira uwaciriwe urwa ngodagonde n’amasentare yo hasi ashobore kuronka urwego yitura.
Ivyo vyose bigiye kuronka akarusho aho ibwirizwa rishasha
rishingiye ko hasasa umucamanza umwe kugira ngo ahinyuke aciye
urwa ngondagonde.
Izo ngingo zose, turabona ko zazanye impore mu gisata
c’ubutungane, naho tugihanzwe n’ibirarane vy’imanza zaciwe nabi
mu bihe vyahera. Tukaba twizeye ko nazo nyene zigiye gutunganwa
ku neza y’ababuranyi.

13. Ku bijanye n’ubutungane bunywanisha, turategera akababaro
Abarundi bafise ko wa mugwi wo kurondera ukuri no kurekuriranira
utaraheza igikorwa, kugira ngo ingingo zijanye n’icokorwa ku
vyabaye zifatwe.
Mbere ako kababaro kariko gatuma hari abashaka kudushira mu
nzira idashika.
Abo twobasaba kwihangana bizigiye ko umubabaro wabo ari uwacu, kandi ko karya gatima ko kwihangana bagize kuva ubwicanyi buba ari ko kobaranga. Ahandi hoho twohava tumera nka wa wundi yavuga ko impembo y’umwana ipfa mu magodoka; kuko iyihuse yavyaye ibihumye. Ndabijeje ko ukuri tumaze kumenya ataho kuzoja, bitebe bitebuke ingingo zizofatwa.
Ku bijanye n’amatongo n’ayandi matungo na ho nyene nimureme,
kuko ubu twahejeje gushinga ibwirizwa, umugwi ubijejwe ukaba
ugiye kuja ku kivi.

14. Mu gukingira itunga ry’igihugu n’iterambere, twarihutiye cane
kugwanya ba kaboko, abaryi b’ibiturire n’abonona itunga rusangi.
Muri ico gikorwa, gukomeza intwaro ibereye ituma ikigega ca Leta
gikora ibikorwa biramira abenegihugu.
Ni co gituma twahinduye vyinshi mw’itunganywa ry’ibikorwa
vy’ikigega gikuru c’igihugu cari kigeze habi. Ubu rero, naho hari
abagifise agatima ko kuyigabanya ubushobozi, biraboneka ko ibanki nkuru y’igihugu yagarukanye akanovera kayo, ubu koko ni ibanki y’amabanki mu gihe yari yarahindutse ibanki y’abikorera ivyabo.
Tugitangura ikiringo, twarabonye ko hariho abantu bari bafise
intumbero yo kuburagiza ubutunzi bw’igihugu mu kuburagiza ko
amahera yinjira mu kigega, mbere n’amahera mvamakungu
ntaharurwe mu butunzi bw’igihugu.

15. Urugamba rwo gusubiza ibintu mu buryo twararutanguje kandi
rurabandanya.
Intumbero ni uko amahera agenewe kwinjira mu kigega yinjira yose, kandi agakoreshwa yose ku neza y’abenegihugu. Ni co catumye dutangura isekeza ryo kugwanya abantu bose bacisha ibidandazwa mu binywabi, haba mu gushora canke mu kugurira hanze y’igihugu.

16. Urwo rugamba rwo kugarukira ubutunzi bw’igihugu rusaba ko
abenegihugu bose barereka ko ibidandazwa twashoye hanze bizana amahera mvamakungu, ndetse ko n’amahera azanwa n’ingenzi zigendera Uburundi aja mu kigega c’igihugu.
Ni muri iyo ntumbero turiko dukora ibishoboka vyose kugira ibigega vy’abikorera ivyabo mu gihugu bikingirwe.
Urugamba rw’ubutunzi n’iterambere rusaba kandi gukingira ifaranga ry’Uburundi. Igikorwa gikomeye co gukingira ifaranga ry’uburundi ni uko Abarundi twese tuja mu bikorwa vyo kugwiza umwimbu, gutyo tugire umusesekara uzotuma dushora mu makungu.
Ivyo bizotuma ivyimburwa vy’Uburundi ari vyo bivamwo amahera
mva makungu yo kugura ivyo tutiyimburira.
Ni co gituma dutera intege abarundi bose kugira bashire imitahe
yabo mu bikorwa birema ubutunzi, haba mu guhingura isi ndimwa,
guhingura ubutare dufise, gukwegakwega ingenzi canke gukoresha
ubwenge Imana yaduhaye. Amahera avuye muri ivyo ni yo aha
agaciro ubutunzi bw’igihugu.

17. Ni muri iyo ntumbero mwabonye ko Uburimyi twabugize amayeri y’urugamba rw’iterambere.
Abarundi barafashe umwiyemezo vyo gukora ibishoboka ngo
umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko uronke amahera.
Ubutegetsi bw’igihugu na bwo, mu guherekeza uwo mwiyemezo
w’abenegihugu, bwaragerageje mu gufasha gusahiriza abenegihugu mu gutanga ibice 75% ku mahera boguze ifumbire n’imbuto.
Dufatiye kuri ako karorero, turemeza ko ejo aho bukera, igisata
c’ubutare n’igisata c’ingenzi n’ubumenyi bizotera imbere kugira
Umurundi wese aronke amikoro ashobora kumukenura.

18. Tunezerejwe nuko turavye Abarundi ku maso tubona ko bafise
ubuzima. Ubu Abarundi batari bake bariko barubaka utuzu twiza,
barambaye uduhuzu dusesuka, barafungura uko bavyipfuza.
Ni vyo turabona agahaze, ariko turakwiye kumenya ko iyo utanguye
urugamba rw’iterambere rudaca rurangira ubwo nyene. Umuntu
yama mu vyipfuzo imisi yose, aronse iki aca yipfuza igikurikira.
Mere nka wa muvuzi w’inanga niwe yaharashe ati: “Mbega
umuhigwe kuri iyi si ni nde”? Iyi si ni iy’ivyipfuzo vy’umubiri;
umuntu biragoye ko anyugwa, ni co gituma na shetani itabura aho
imenera, mu gihe hari abantu.

19.Dusubije amaso inyuma, aho hambere hakera, tukiri mu ntwaro
ya gikoloni, twipfuza umwidegemvyo w’Abarundi mu kwitunganiriza kazoza kabo. Bukeye kabiri, twararonse intahe y’ukwikukira, hatangura kuza intwaro y’ubugunge, duca twipfuza intwaro iharanira
abenegihugu. Iyo na yo yaraburabujwe, haduka ingwano mu gihugu.
Mu kuyivamwo, Abarundi bose bipfuza amahoro, maze amahoro
tuyaronse duca twipfuza amahoro yo mu nda.
Ubu rero twaronse umwizero ko umunwa uriko uraronka, abamaze
kuronka umusesekara, umupfuko ukaronka, bipfuza kugendera mu
bihinda, bisaba igitoro. Bipfuza kunywa agapfundikiye, bakipfuza
kurya utuvuye mu bazungu ngo berekane ko bateye imbere.

20. Ni vyo turumva imyidodombo hirya no hino. Mugabo ikinezereza kurusha, ni uko dusangiye umubabaro; ico ciza turondera, na jewe ndakibuze nagishaka. Igihambaye ni uko twese atawe twagiriza ko ari we atubujije kugishikira.
Ubu rero ko dusangiye ingorane, ntizitume duta ubwoko kuko burya kugira umenye umusaraba wikoreye, imbere yo guta ishavu ku bantu, ni vyiza ko wobanza kuraba na bo umusaraba bahegekeye.
Kuko hari aho wosanga ivyo urirana ari vyo abandi baririra.
Twokwama kandi twibuka ko inda ndende ihumira indya, ikica
akokize.

Bavukanyi,

21. Uno musi hariho abaguma barondera urwitwazo kugira
bakwegere abantu mu mugararizo.
Kugira mu mubitegere neza tubanze turabe ibihe turimwo, twongere
tubone iyo turiko twogorora tuva. Muzohura n’umuntu akakubwira
ngo ubukene bw’ubu tuzobuvamwo gute? Mbega ejo haheze yari
atunze? Yahombeye hehe?
Nimumenye ko uwo avuga uko aho hahise yarara ntibuca, ico gihe
yavuga ati mbega aya magume tuzoyavamwo gute? Ariko ubu
yipfuza umudugararo kugira asubire muri ya magume. Tubimenye ko Shetani ikwosha kwica uwawe, wamara kumwica ikigira ugasigara uricuza.

22. Tugume twibuka ko turiko duhindura ibintu kandi na mwe
murabizi, ngo ata gapfuye nta gakira.
Hariho abantu bari babeshejweho n’ubugunge, bakarya ivy’igihugu
abandi barorera. Abo rero, aho dutanguriye gusabikanya ivy’igihugu, bameze nka wa mwana w’imfura iyo akurikiwe atawumutorana agatiro.
Hariho abari babeshejweho no kurya ivyo abandi barondeye, none
ubu uwabirimye ni we abirya. Aho kwiga kubirondera, birabagora,
bagaca bashaka guta abandi mu rudubi nka ya nyabu yacika
umurizo igaca ihanura n’izindi zose kuyica, ngo irazigora itwara.
Hariho n’abahora baja inama n’indongozi zibahebera bo nyene inzira yo gutunga, none ubu tuzanye umwidegemvyo wa bose bibagora kwakira.
Mbere hariho n’abari batunzwe na politique yo gutungwa n’ivyicaro, agatoki kabo kakaba kari karamenyereye kunyonora. N’abo kubatunga ntivyoroshe.
Kandi abo bose, ingorane zabo ntibazishira hejuru, ahubwo bazita
iza bose. Ni co gituma mubona ibibazo bishirwa ahabona ari ibibazo rusangi, ata we tuvyagiriza ngo ni we aturiye.
Hariho rero n’abandi batarira busema, nk’abo twita ba Biryanguze.
Ivyo tubibona mu ntara ya Rumonge kubera barima ubwoko bumwe bw’ivyimburwa. Na bo iciza, barafise amahera bakura mu mavuta y’ibigazi. Abandi ni mu gisagara ca Bujumbura; na bo batunzwe n’isoko gusa.
Abo bagize ingorane kuko ivyo kurya bitabashikira neza, hamwe
kubera abadanza babigira nkana, ahandi kubera imiduga itaronka
igitoro gikwiye. Kubera rero ubuke bw’ivyo kurya mw’isoko,
ababidandaza bagaca bikika mu kiza.
Ariko nagira ndabaremeshe, indya mu Burundi ni rya nawe. Ikigoye
ni kuva mu ntara zija muri izo ntara zirimwo abatunzwe no gusuma.
Abo turiko turabitunganya dufadikanije n’abajejwe intwaro kugira
ubu bwa vuba bizobashikire ku kiguzi cababana n’ico mu zindi ntara.
Ko ibibazo ari rusangi, ubu hari hageze ko tuja hamwe twese
tukigira hamwe ingene dutora umuti w’ingorane dusangiye.
Gutyo ntacotunanira, turi kumwe twese birashoboka, kuko umutwe
umwe ntiwigira inama. Noneho tweho turacafise n’ubwo ducumbisha kumwe, ubu hari abandi batubwira ngo “Havuga uwo bubezwe”, ibibazo vy’ubutunzi biri kw’isi yose.

23. Ndasavye abarundi kwima amatwi ba sesankuyoze. Abo bavuga
menshi, muraraba neza ko ahubwo atari abashaka kudutesha ya
ngumba yo mu 2040, ngo dusubire inyuma kumwe bene Israeli bari
basigaje urugendo rw’imisi mirongo ine, hanyuma bakagarariza.
Mwibuke ko Imana yabahaye igihano ko atawush*tse mu bigero
azohahonyora. Kandi vyabaye ivyo. Vyiza twokwibera nka wa mwana w’impfuvyi abaga yotsa, canke tukaba nka wa mugabo agaya amira, tukabumbwa n’ivyo dufise.

Bavukanyi,

24. Hari ibimenyetso vyinshi bitanga umwizero tutokwirengagiza
kugira ngo tubone ko imbere ari heza.
Nko Kubona Abarundi barakanuye, bakazirikana ko igihugu ari icabo kandi bategerezwa kugikorera atawe bagisiganije, bagahaguruka bakiyubakira inyubako rusangi, ibibuga n’amasóko vya kijambere, amasomero, amavuriro, ibitaro, amazi meza, uburaro bw’ingenzi, ibiro vy’indongozi n’ibindi vyinshi, ni intambwe ikomeye iduha umwizero kandi idashobora gusubira inyuma.
Igihugu cacu kandi gifise ubutunzi bwinshi k**a, bushobora
kugiteza imbere mu gihe gito: isi yacu imera imbuto zose, dufise
imvura igwa mu gihe kinini c’umwaka, inzuzi n’amasoko mu ntara
zose, ubutare bwinshi bukwiragiye mu ntara z’igihugu, n’ibindi
vyinshi. Dusabwa rero guhagarika kurirana ivyo abandi baririra,
dukamishe mu mahoro ivyo vyiza Imana yaduhezagije, maze
twigabe twiganze kuko twigaburira, dusezere kuzera inze
nk’umugendanyi.

Barundi benewacu,

28. Imbere yo gusozera, twashaka duhamagarire Abarundi bose
kugenda tubona kumwe iyo turiko turaja, turabe iyo twerekeza,
uwubona ivyijiji abatahuye kare bamusigurire, kugira ngo ntidute
umwanya w’intumbero twihaye y’Imbonakazoza y’igihugu cacu,
umwe wese aje ku kivi mu vyo yiyumvira ko vyomufasha gushika
kuri iryo hangiro.

29. Hanyuma tugendere ubuntu! Kuko, ivyo twipfuza tuzobishikako
mu gihe tuzoba twubatse imibano myiza itonyorotse, imota
ubutungane hagati yacu, dúsangira akabisi n’agahiye mu mahoro
yubakiye ku rukundo. Mu gihe tuzoba twibohoye imigozi yo
kutabona iciza mu bandi, tukagaruka kw’isoko ry’ubuntu bwamye
buranga Abarundi, nta nkeka ko tuzoteza ikivi mbere n’imbere
y’ikiringo twihaye.

30. Ico nipfuriza Abarundi banyizeye bakampunda amajwi ngo
ndabarongore, ni ukubona Uburundi bufise iteka, ababwo
babunezererewe, bari mu gihugu kizira indyane n’agacinyizo, bunze
ubumwe butaregarega.
Intambwe tugezeko uno musi tuyikesha ubumwe buturanga.
Ntitukarekure iciza twafashe,“ turi kumwe twese birashoboka”

Imana ibahezagire !

Kuri uwu wa 19 Ruheshi 2024, Evariste Ndayishimiye yashikirije Abarundi ijambo inyuma y'imyaka 4 amaze arongoye igihugu c'Uburundi.

17/06/2024

🛑 Alexis Sinduhije ngo nta munyamahanga azoza gutabara Uburundi

Mu birori vyo guhimbaza imyaka 15 iheze umugambwe MSD wemerewe gukorera ku mugaragaro, uwuwurongoye Alexis Sinduhije avuga ko Abarundi batari bakwiye kuzera inze https://www.youtube.com/watch?v=TbPXgzQa9U8&t=593s

🛑 Reta y'Uburundi irongereje ikiringo co gukingira abana agasamaIsekeza ryari guhera kuri uwu wa mbere ryongeweko imisi ...
17/06/2024

🛑 Reta y'Uburundi irongereje ikiringo co gukingira abana agasama

Isekeza ryari guhera kuri uwu wa mbere ryongeweko imisi 2. Ni ukuvuga ko rizorangira ku musi wa gatatu ku bw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

Ubwo bushikiranganji busigura ko bwasanze hari abana bafise amezi 6 gushika ku bafise imyaka iri munsi y'5 bataracandagwa mu gihugu cose.

🛑 Léonce Ngendakumana : "Intumbero yo gutwara ntiyigeze ihinduka mu Burundi kuva imbere y'intwaro ya cami ... abanyagihu...
11/06/2024

🛑 Léonce Ngendakumana : "Intumbero yo gutwara ntiyigeze ihinduka mu Burundi kuva imbere y'intwaro ya cami ... abanyagihugu bamye bagirwa abaja n'akagwi gato k'ababatwara katokwitirirwa abahutu canke abatutsi ..." Icigwa cose ca Léonce Ngendakumana mugisanga kuri YouTube mufyonze aho

Mu kiganiro yagiranye n'itororokanirizo ry'amakuru "Le Mandat", Léonce Ngendakumana avuga ko "ubutegetsi n'itunga ry'igihugu vyagumye vyiziziwe n'akagwi gatw...

🔴 Amakuru yo ku wa 4 Ruheshi 2024
05/06/2024

🔴 Amakuru yo ku wa 4 Ruheshi 2024

04/06/2024

🛑 Abanyeshure barenga 81,000 ni bo bitezwe ko bakora ikibazo ca Reta co mu w'icenda uno musi mu

Umushikiranganji w'indero yatanguje ivyo bikorwa kw'ishure shingiro ECOFO Cankuzo 1. Umushikiranganji François Havyarimana yabajijwe n'ibijanye n'abarekuriwe kwiga mu mashure y'indaro https://youtu.be/jcPW57Pn3vA

Address

Canberra, ACT
0061

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Le Mandat posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Le Mandat:

Videos

Share